BLACK MEDIA Niyawe Niyanje

 , umushikiranganji w'ingendo bamutoye yapfuye inyuma yo gukurwa mu mabanga y'ubushikiranganji kw'itegeko ry'umukuru w'i...
08/07/2025

, umushikiranganji w'ingendo bamutoye yapfuye inyuma yo gukurwa mu mabanga y'ubushikiranganji kw'itegeko ry'umukuru w'igihugu c'uburusiya .

Amakuru ava mu matohoza y'urupfu rwiwe bamenyesha ko yoba yiyahuye.
Yakuwe mu mabanga kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Mukakaro, ikiziga ciwe bagisanze mu modoka yiwe kiriko igikomere cahaciye urusoro, ni ivyashikirijwe n'umugwi w'abahinga bakoze amatohoza aho bagiriyeko bamenyesha ko yapfuye yiyahuye.

Abategetsi bo mu gihugu c'uburusiya nabo bamenyesheje ko batangiye amatohoza kugira bamenye neza ukuri kwuwo yahoze ari umushikiranganji w'ingendo ngaho mu Burusiya.

Mwomenya ko Starovoït apfuye afise imyaka 53, akaba yari yagenywe kuba umushikiranganji w'ingendo kuva muri Rusama 2024 hari inyuma y'umutware yatwara akarere kitwa yatwaye kuva mu 2019 gushika mu 2024.


Ubushikiranganji bw'indero bugiye gutanga akazi mu ntumbero yo gusahiriza abandi.François Havyarimana aramutswa ubushiki...
07/07/2025

Ubushikiranganji bw'indero bugiye gutanga akazi mu ntumbero yo gusahiriza abandi.

François Havyarimana aramutswa ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi amenyesha ko ubwo bushikiranganji bugiye guha akazi abantu 2000 bazofasha kworohereza abandi barwaye indwara zidakira kandi ko bazotangurana n'umwaka wa 2025 ushira 2026.

Uwo aramutswa ubushikiranganji bw'indero amenyesha kandi ko abo bagiye guhabwa akazi ko bazofasha mu mashure nshingiro n'inyuma y'ishure nshingiro kugira bafashe abarimu bafise ingorance bitandukanye.

Nayo kukijanye n'amashure bazokorerako François Havyarimana avuga ko bazorana abubakanye bazoba bimuriwe ahandi kugira hagire umwe aza akegera umuryango.


SATB B BOBA MWANKIYE GUSOHORA INDIRMBO YAKORANYE NA CHAMPURU? VIDEO??KURIKIRANA IKIGANIRO COSE HANO
07/07/2025

SATB B BOBA MWANKIYE GUSOHORA INDIRMBO YAKORANYE NA CHAMPURU?
VIDEO??KURIKIRANA IKIGANIRO COSE HANO

Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko atagusubirinyuma.Mu nama yo kur'uno wa 07 M...
07/07/2025

Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko atagusubirinyuma.

Mu nama yo kur'uno wa 07 Mukakaro yabahuza na Buramatari bashasha baheruka gutorwa hamwe n'abanyamabanga nshingwabikorwa b'amakomine mashasha, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano avuga ko atagusubirinyuma kandi ko kizira kurekura ico wafashe mu yandi majambo ngw'igisubira inyuma ni ibirenge.

Martin Niteretse aramutswa ubwo bushikiranganji avuga kandi ko abatowe bagiye kuba abasuku b'abarundi nayo intara izovurwa kw'itatunganirijwe bizobazwa abo batowe nayo nibaterimbere nibo bazobibazwa kandi ngo bibuke ko ari ijisho ry'umukuru w'igihugu.

Uwo aramutswa ubwo bushikiranganji akabasaba kwerekana ishusho nshasha y'intwaro ubereye kuko ngw'amabanga bagiyemwo,s'akazi ahubwo bagakora nk'umuhamagara wo gukorera igihugu n'abanyagihugu.


 :Ishirahamwe abagabo mu gahinda ryahora mu  Kayanza gusa , mu ntara nshasha ya   ryaremerewe gukorera ku mu garagaro mu...
07/07/2025

:Ishirahamwe abagabo mu gahinda ryahora mu Kayanza gusa , mu ntara nshasha ya ryaremerewe gukorera ku mu garagaro mu gihugu cose, biri mw'itangazo ryateweko umukono kuri uno wa 27 Ruheshi na _Niteretse, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano.

Mwomenya ko arongoye iryo shirahamwe avuga yuko bimwe muvyo bagiye gukora harimwo gushikana iryo shirahamwe mu ntara zose zigize igihugu.

Abandanya avuga kandi yuko iryo shirahamwe rizokwugurura ikigo kizokwitaho congere cakire abagabo bakorewe amabi.

Munywanyi wa ngaho uherereye abagabo babayeho mu gahinda urabumva bavurwa?


07/07/2025

AMAKURU MU KIRUNDI YO KURI UYU WAMBERE ITARI 07 MUKAKARO 2025

 : "Ibiti vyinshi, ibimera vy'ivyatsi n'inyamaswa zitandukanye vyarahiye mu mashamba , ku buringanire bungana n'ihegitar...
07/07/2025

: "Ibiti vyinshi, ibimera vy'ivyatsi n'inyamaswa zitandukanye vyarahiye mu mashamba , ku buringanire bungana n'ihegitari 10 000.

Kuri ubwo buringanire huzuye umwotsi mu ntara ya , n'ivyashikirijwe n'umushikiranganji ajejwe ubutabazi n'ibiza wo mu gihugu ca Syrien
Gushika kuri uno wa 07/07/2025 ubaye umusi ugira kane iryo shamba ririko rirasha, abazimya bagerageza gukoresha indege ya kajugujugu isuka amazi muri uwo muriro.

Umugwi w'abatabazi mu kuzimya wazananye muri bash*tse kuri uyu w' Imana mu gihugu ca bagenzi babo bo muri syriens, bash*tse ntiborohewe na gato kumvo zibi bikurikira : ubushuhe buri ku rugero rwo hejuru, imiyaga ikwiragiza imiriro, ibisozi birebire bigoye kujabuka hamwe n'ibisigarira vy'ibusasu vyo mu ntambara za kera vyagiye biratabwa mwayo mashamba mu guhe c'amagume.

Mu burere bumwe bumwe bariko bagerageza gutabara kugira imiriro ntigere mu mihana y'abantu no kugira ntishikire inyubako n'ibindi n'ibindi.

Mu buce 28 umuriro warashwaye amashamba arasha aratokombera nkuko umushikiranganji ajejwe amashamba al-Saleh, yabimenyesheje aciye ku rubuga rwiwe rwa X
Mu nyuma uwo mushikiranganji yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ko uwo miriro uriko ubangamira ibidukikije kandi ko vyofashe igihe kinini kugira bamenye uko bawuzimya

Ishirahamwe mpuzamakungu naryo ribandanya gusaba ubufasha mpuzamakungu mu gutabara.
Igihugu ca Turquie carungitse indege 2 , Syrie nayo urungika imodoka 8 zo mubwoko bwa camions zo kuzimya hamwe n'abazimya muri iryo shamba.


Umukunzi w’ikiganiro   yaratwandikiye adusaba ko twomugira inama. Yanditse avuga ati: N’amahoro kuri Black FM? Ndi umu m...
06/07/2025

Umukunzi w’ikiganiro yaratwandikiye adusaba ko twomugira inama. Yanditse avuga ati: N’amahoro kuri Black FM? Ndi umu mama mfise umwana narinipfuza ko mungira inama. Jewe navyaranye n’umugabo asanzwe yubatse afise umugore n’abana bane, tukimara kuvyarana kuko atashaka ko umugore wiwe amenya ko yavyaye mugahinga yaciye azana uwundi muhungu w’umugenzi wiwe ngo ariwe mvuga ko ari se w’umwana, ngo mukumfasha niwe azoza aracako. Naravyemeye kuko muhira bari bandemereye ngo nimvuge se w’umwana. Ikibazo mfise uyu musi rero nuko wamuhungu yahora acako mu kumfasha yitavye Imana mu kwezi guheze, ubu ndamubwira se w’umwana ngo amfashe akanka. Ambwira ngo kazima uwo navuze atakiriho, ngo ubu sinomubeshera ngo bikunde. Yambwiye ngo nzomutunga nshaka kazima uwo abantu bari bazi ko ari se atakiriho. Ndasavye mungire inama yiconokora.

Mu makaritiye atari make agize igisagara ca Bujumbura, ubuzima busa nubwahagaze ku bantu bamwe bamwe bakoresha umuyagank...
04/07/2025

Mu makaritiye atari make agize igisagara ca Bujumbura, ubuzima busa nubwahagaze ku bantu bamwe bamwe bakoresha umuyagankuba.

Kumvo z'icikagurika ry'umuyagankuba ririko ryibonekeza kuva mw'ijoro ryo kuri uno wa 3 Mukakaro mu makiritiye amwamwe nka Nyakabiga 1,2,3 Bwiza, Rohero, Mutanga sud n' ahandi ririko rituma imirimo imwe imwe ihagarara bigatuma abantu nabo bica bibagora kubandanya ubuzima.

yabajije bamwe mu bakora amatara bamenyesha ko gucika kwuno muyagankuba vyoba biriko bituruka kuntsinga zimwe zimwe zishaje ngo bakaba bariko bagerageza kurondera aho vyapfiriye kugira babikore.

Musomyi wa aho uherereye nawe bimeze gute (umuyagankuba n'amazi) ?


🥷Inyuma y'intambara iherutse hagati y'igihugu ca   na Iran, Muri Iran umurindi w'abanyagihugu badakwije ibisabwa b'abany...
04/07/2025

🥷Inyuma y'intambara iherutse hagati y'igihugu ca na Iran, Muri Iran umurindi w'abanyagihugu badakwije ibisabwa b'abanya Afghanistan barenga 256 000 barirukanywe ku murindi munini utari bwaboneke mw'ico gihugu.

🌏Kubw'ishirahamwe mpuzamakungu riraba impuzi hanze ryemeza ko kuwa 25 Ruheshi abarenga ibihumbi 28 bagize ahanini n'abakenyezi hamwe n'abana bari bamaze kugera ku mupaka wo mu gihugu cabo naho ni kubirometero 900 uvuye muri Iran.

🔍Umushakashatsi umwe yitwa abona ko umurindi wabo bantu bataha hoba hariho kubona kumwe kwabo ibijanye n'intambara hagati ya Iran n'igihugu ca Israel yari imaze imisi irenga 12.

🇮🇷I Téhéran bamenyesheje ko kumugaragaro ko hoba hariho abanya bakorana na reta yaba heburayo.

🙎Ishirahamwe mpuzamakungu yoyo iratewe umutima uhagaze n'uwo murindi igizwe ahanini n'abakenyezi bakiri bato hamwe n'imiryango bagiye gutangura ubuzima bushasha busa n'ubugoye.(Isoko : France24)📸: AFP


03/07/2025

🎶🎵 imyiteguro irabandanya.
💃Isango riracari rya rindi ni ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 26/7/2025.

Uno musi W***y kwizera yumvirijwe muri parike ku musi wa mbere kuva bivuzwe ko yakubaguwe_________umumenyeshamakuru wa R...
03/07/2025

Uno musi W***y kwizera yumvirijwe muri parike ku musi wa mbere kuva bivuzwe ko yakubaguwe
_________

umumenyeshamakuru wa Radio Bonesha Fm W***y Kwizera, yumvirijwe muri parquet ya Mukaza mu ntumbero y'amatohoza (Instruction) kubijanye n’ikubagurwa yakorewe n’abanyeshure ba kaminuza mu kigo co ku Mutanga .

Vyari bitegekanijwe ko uwitwariwe "Audrick Niyomukiza"nawe nyene arenguka igihe c'isaha zine z'agatondo nk'uko biri ku mutahe umuhamagaza kugira nawe yumvirizwe ariko kugera igihe c'isaha 10 n'iminota 20 akaba atari bwarenguke. Amakuru twaronse ni uko uwitwariwe yoba yari yitavye ejo hahise ku musi wa gatatu ariko asubizwa inyuma kuko yari yitavye kw’isango atariryo.

Nkuko tubisanga kurubuga : https://www.facebook.com/100034179086174/posts/1475079793641309/?mibextid=rS40aB7S9Ucbxw6v Kwizera umumenyeshamakuru wa Radio Bonesha Fm yasinzikarijwe ubuzima n'abanyeshure 6 bo muri kaminuza y'Uburundi, mu kigo co ku Mutanga igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2025, agiye gutohoza inkuru ku bijanye n'ubuzima bwa misi yose bw'abanyeshure bo muri kaminuza y'Uburundi.

Amatohoza aheze ni ukuvuga impande zose zumvirijwe hazofatwa ingingo ko urubanza rushirwa muri sentare kugira ruburanishwe mw’ido n’ido canke naho bidakwiye. Bamwe mu bamenyeshamakuru bari bash*tse kuri parake basaba ko amategeko yo kubahirizwa ayo matohoza nayo akanyarutswa.


Adresse

Democratic Republic Of The

Notifications

Soyez le premier à savoir et laissez-nous vous envoyer un courriel lorsque BLACK MEDIA publie des nouvelles et des promotions. Votre adresse e-mail ne sera pas utilisée à d'autres fins, et vous pouvez vous désabonner à tout moment.

Contacter L'entreprise

Envoyer un message à BLACK MEDIA:

Partager