21/08/2026
🚨🚨 Icegera c'umukuru w'igihugu Prosper BAZOMBANZA arahoza ababuriye ivyabo muri Galerie NDAYIZAMBA na Le Parisien
Ari kumwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Léonidas Ndaruzaniye, Buramatari w'intara ya Bujumbura Aloys Ndayikengurukiye na Musitanteri wa komine , nk'igihe c'isaha zine niho yashika kuraba uko bimeze.
Mw'ijambo yashikirije, yahojeje ababuriye ivyabo muri ivyo bibanza, acamenyesha ko umuriro ucaduka ko babimenye maze za KIZIMYAMOTO n'abajejwe umutekano baca barahashika gufasha.
Mu gihe muri ivyo bibanza hatariho inzira ishobora gucamwo kizimyamoto kugira izimye, yasavye ko abantu bubaka bokwitwararika gusiga inzira kugira hadutse umuriro batabare vyoroshe🚨🚨 Icegera c'umukuru w'igihugu Prosper BAZOMBANZA arahoza ababuriye ivyabo muri Galerie NDAYIZAMBA na Le Parisien
Ari kumwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Léonidas Ndaruzaniye, Buramatari w'intara ya Bujumbura Aloys Ndayikengurukiye na Musitanteri wa komine , nk'igihe c'isaha zine niho yashika kuraba uko bimeze.
Mw'ijambo yashikirije, yahojeje ababuriye ivyabo muri ivyo bibanza, acamenyesha ko umuriro ucaduka ko babimenye maze za KIZIMYAMOTO n'abajejwe umutekano baca barahashika gufasha.
Mu gihe muri ivyo bibanza hatariho inzira ishobora gucamwo kizimyamoto kugira izimye, yasavye ko abantu bubaka bokwitwararika gusiga inzira kugira hadutse umuriro batabare vyoroshe🙏