07/11/2025
🚨🎯 "Jewe navuze nti jewe ngira ndabe uyu muntu uwo ari we. Nca nsanga nta kintu na kimwe yovuga ngo yarakoreye Igihugu yokwirata".
Ivyo vyashikirijwe n'Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye, inyuma yaho Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe amaze imisi atanga umwihwezo ku bitagenda neza mu gihugu. Yongeyeko ati : "Yarakoze no mw’ibanki Interbank, baramwirukana kuko ataco amaze, bamukurayo, aca ahungira muri bimwe bita ngo société civile kugira ngo yerekane ko ari igihangange, aca akorana n’abakoroni. Mu batuvuruze muri 2015 murazi ko yarimwo? None abeshejweho n'iki ko aba mu nzu nziza, kandi ngo afise n’abanyezamu 10 ngo bamucunga, kandi arabahemba."
"Uza wumva ngo nta gitoro kihari, ariko akama agendera mu modoka nziza. None agikura he? Ko ntarabona ariko agenda n’amaguru ? Irya modoka yiwe amahera yayiguze yayakuye hehe ? Arafise akabare, ariko nta n’umuriyoni wokwinjira muri karya kabare kiwe kari i Ngozi narakabonye. Ibintu ni 2 : ni umusuma canke akoresha amahera y’abakoroni. Kuko umuntu aterekana ico akora comuzanira amahera aba ari umusuma. Ko ikirato ciwe cama gisize, ko yama yambaye costume ayikura amaja he ?”
Ivyo Umukuru w’Igihugu yabishikirije kw’igenekerezo rya 5 Munyonyo 2025 i Matongo mu gihe yari aramutse ashikiriza icese Janviere Kanyana, musitanteri mushasha w’iyo komine.