Busigo Media

Busigo Media Amakuru yizewe yo kwisi yose, uyasanga kuri iyi page. fyonda follow uheze uje mumuryango wagutse, uze urarinswa amakuru agezweho.

Get reliable news from around the world on this page. Follow us and become part of our growing community to stay informed.

🇧🇮🇫🇷 UBURUNDI N’UBUFARANSA: INTAMBWE NSHASHA MU MIGENDERANIRE YA DIPLOMASIKuri uyu wa 15 Nyakanga 2026, uwagenywe guseru...
18/09/2026

🇧🇮🇫🇷 UBURUNDI N’UBUFARANSA: INTAMBWE NSHASHA MU MIGENDERANIRE YA DIPLOMASI

Kuri uyu wa 15 Nyakanga 2026, uwagenywe guserukira Repubulika y’Ubufaransa mu Burundi yashikirije Minisitiri w’Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amakopi y’inzandiko zimwemerera guhagararira igihugu ciwe (copies figurées des lettres de créance), nk’uko itangazo riri kw'ifoto ryabimenyesheje.

Iki ni kimwe mu bikorwa bisanzwe bikorwa mu nzira za diplomasi igihe uwuserukira igihugu agiye gutangura amabanga mashasha.

Inzandiko z’icizere ni inyandiko zemeza ku mugaragaro ko diplomate yagenywe guhagararira igihugu ciwe mu kindi gihugu.

🤝 Uburundi n’Ubufaransa bisanzwe bifitaniye imigenderanire ya diplomasi, kandi ibikorwa nk’ibi biri mu bigize uburyo ibihugu bibiri bikomeza ibiganiro n’imikoranire hagati yavyo.

💬 Wewe ubona imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubufaransa ikwiye gushimangirwa cane mu bisata ibihe? Tanga iciyumviro cawe muri commentaires.

17/09/2026

Harya ngo nta zibiri zisangira igicu?

😂 NUBWO BODUHA IZIKORESHA AMAZI, VYOGUMA ARI UKO NYENE!Ngo imodoka z’amashanyarazi ni zo kazoza k’Uburundi! 😅⚡🚌 Ariko re...
17/09/2026

😂 NUBWO BODUHA IZIKORESHA AMAZI, VYOGUMA ARI UKO NYENE!

Ngo imodoka z’amashanyarazi ni zo kazoza k’Uburundi! 😅⚡🚌 Ariko rero umuntu aca yibaza ati: mbega tuzozishiramwo iki? 🤣
⛽ Izikoresha igitoro — igitoro kikaba ikibazo.
⚡ Iz’amashanyarazi — umuyagankuba na wo uti: «Nanje ntimunyizere cane!» 😂

💧 None naho bodukorera izikoresha amazi, amazi na yo hari igihe aza nk’umush*tsi: araza, akagenda Ntumenya n’igihe azogarukira! 🤣🤣

Abarundi rero ikibazo si ubwoko bw’imodoka gusa. N’iyo bodukorera imodoka ikoresha amazi, hari igihe twosanga tuyisunika! 😭😂

🤔Canke bazodukorere iyikoresha umuyaga? Ariko na ho ntituze dusange umuyaga na wo bawuduciriye! 😂😂

Wewe imodoka zokora mu Burundi wumva zari zikwiye gukoresha iki kugira ntituzogume tuhatera ikirenge? ??👇

🇧🇮🤝🇻🇳 UBURUNDI NA VIETNAM BAGIYE GUTANGURA UBUFASHA BUSHASHA — ARIKO NI IKI ABARUNDI BASHOBORA KUZUNGUKIRAMWO?Ku wa 15 N...
17/09/2026

🇧🇮🤝🇻🇳 UBURUNDI NA VIETNAM BAGIYE GUTANGURA UBUFASHA BUSHASHA — ARIKO NI IKI ABARUNDI BASHOBORA KUZUNGUKIRAMWO?

Ku wa 15 Nyakanga 2026, i Bujumbura harabaye ibiganiro vya mbere vya politike na diplomasi hagati y’Uburundi na Vietnam. Ivyo biganiro vyahuje Umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Édouard Bizimana n’intumwa za Vietnam zari zirongowe na Le Anh Tuan, Icegera c’Umushikiranganji w’Imigenderanire n’amakungu wa Vietnam.
Ibiganiro vyabo ntivyagarukiye kuri diplomasi gusa. Ibihugu vyompi vyaravuze ku gukomeza ubufatanye mu bisata bishobora kugira uruhara mw’iterambere ry’Uburundi, harimwo uburimyi, indero n’ubushakashatsi, ikoranabuhanga hamwe n’ubukerarugendo.

🌾 🌿🌱Mu burimyi, Uburundi bwipfuza kwungukira ku bumenyi bwa Vietnam mu gukoresha imashini mu burimyi, guhanahana ubumenyi no gutunganya umwimbu.
Mw'ikoranabuhanga, haravuzwe uguhanahana ubuhinga no gufashanya mu bijanye n’ihinduka rishingiye ku buhinga bwa digitale.

Mu nderо n’ubushakashatsi, Uburundi bwagaragaje ko bwipfuza amahugurwa mu bushakashatsi, gukingira ibidukikije no mu bijanye n’ubutare.

Ikindi gishimishije ni uko intumwa za Vietnam zanagendeye , ishirahamwe ry’itumanaho rifise isano n’ishoramari rya Vietnam mu Burundi, hamwe n’Urwego rujejwe iterambere ry’ikawa.

❓ None wewe ubibona gute? Ni uruhe rwego wipfuza ko ubwo bufatanye hagati y’Uburundi na Vietnam bwoshiramwo inguvu nyinshi: uburimyi, akazi ku rwaruka, ikoranabuhanga, indero canke ubucuruzi?
👇 Andika iciyumviro cawe muri commentaires.

Ndagerageza kwiteza imbere, ariko ntibikunde😭😭😭
11/09/2026

Ndagerageza kwiteza imbere, ariko ntibikunde😭😭😭

06/09/2026

Umukene na nyina aramwanka! 🤣🤣 Abarundi muri muri kenya, rabe mutahe muze mu cabavyaye!

Muhungu ukiresha, ntuzohitemwo   akora muri restaurant cank muri   kuko bobo bifungurira ivyo kurya vyasigajwe n'ababoss...
02/09/2026

Muhungu ukiresha, ntuzohitemwo akora muri restaurant cank muri kuko bobo bifungurira ivyo kurya vyasigajwe n'ababosse, aha ndavuga inkoko zasigaye ku meza, hamwe n' bisigara mu ma cupa! 😀
Bigatuma bavyibuha bakagira akabiri keza! 🤣🤣
Umenye ko niyashika iwawe ntasubire ku ronka vyabintu, azoca yonda agasubirana wa mu biri wakera! 😃

02/09/2026

Birakaze kabisa!

02/09/2026

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Ones Peter, Robbert van Lanschot, Axel Marley, Detta Muganza, Mada Bukiriro Dimitri, Bayisenge Boanergue, Gatama Don, Sylvainburihabwa Burihabwa, Lionel Mbuguje, Guy Cypyen Bakundukize, Emile Ruzo, Savin Nsabumuremyi, Christophe Nshimirimana, Veda Mhirwa, Hakizimana René, Charles Moscou Charles, Janvier Bumwe, Jack Lebon, Richard Niyongabo, Egide Gilles Niyonsaba, Henock Havyarimana, Andre Kwizera, Kwizera Mavugo Alex, Jules Niyongabo, Munganyimana Innocent, Nuwumuryango Dieu Merci, Gedeon Ndayishimiye, Albert Nimenya, Hterans Rama, Madaga Célestin, Pascal Faustin Shangwe, Niyukuri Jean-marie, Juste Eliphaz Niyomwami, Nimbona Jerome, Pascal Nkunzimana, Franck Ndayinsenga, John Paul Mudende, Jespin André, Musenyeri Célestin, Eric Mizero, Jacson Niyonsaba, Raoul Irutavyose, Pascal Baylon Mahungiro, Ndimurukundo Anicet, Bonnard Best Jamalao, André Karegeya, Niyongere Adrien Armando, Dieudonné Niyoyantoye, Godefroid Barutwanayo, Vianney Nshimirimana

Ushobora kuryama uri umukire, ariko ukavyuka wabaye Mayibobo😭😭
28/08/2026

Ushobora kuryama uri umukire, ariko ukavyuka wabaye Mayibobo😭😭

Address

Cairo

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Busigo Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share