15/11/2025
Ubutumwa butabaza:👇
neza. Twashaka dusabe mutabarize Théophile NTUNZWENIMANA. Apfungiwe mu gasho ka commissariat y'igipolisi mu Kayanza kuva 30 Gitugutu uyu mwaka. Mu gasho yari yasanzeyo Abo yari yashengeje mu butungane bagirizwa ubusuma kw'ihoteri yuwahoze ari umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi Déo Guide Rurema. Ntivyumvikana ingene abantu bari bashengejwe bagirizwa ubwo busuma banatanguye kuriha, umushikirzamanza mu Kayanza Isaac Niyingabira afadikanije nicariho ciwe Frédéric Ruribikiye hamwe n'umushingwamanza Eraste Ndihokubwayo baciye barekura abagirizwa ubwo busuma aribo Nkurunziza Zephilin na Raoul Irakoze.
Abo bantu bagirizwa ubusuma boba barapfumbatishije umushikirzamanza nawe ubu akaba ariko abafasha guhuvya amatohoza kuri ubwo busuma. Théophile yari yatabaje ubucamanza abuha n'ivyemezo, ariko procureur wa Kayanza akavuga ko yamusuzuguye ngo kuko izo nyandiko zahawe procureur akukira sentare isubiramwo ya Ngozi, arinako guca amupfunga amwagiriza kumusuzugura kandi ubutungane ari bumwe. Yamwagirije ubusuma no gukoresha ubwizigirwa nabi ivyo bita mu gifaransa vol qualifié et abus de confiance. Ivyo nivyo vyariko biragira Abo yarekuye. Urwo rubanza rukaba ruri Ku numéro RMP 29 447/R.F. Dusaba umushikiranganji w'ubutungane gufasha ngo abagirizwa ubusuma basubire bafatwe hongere hakorwe amatohoza ataho yegemiye. Turasaba kandi procureur akukira sentare isubiramwo gukurikiranira hafi ico kibazo kugira abagirizwa ubusuma basubire barengutswe hakorwe amatohoza nyayo. Théophile areke kuzira ubusa ari nawe yari yashengeje Abo bagirizwa ubwo busuma. >>
Abanyagihugu batabariza umunyagihugu apfunzwe ku karenganyo ka Procureur wa Kayanza.
Mubutumwa bwo gutabariza umunyagihugu yitwa Théophile NTUNZWENIMANA apfunzwe ku manyanga ya Procureur wa Kayanza, NIYINGABIRA Isaac.
Bipfuza ko ubutumwa bwabo bushikira umushikiranganji w'ubutungane kugira uwo munyagihugu arenganurwe.
Province Butanyerera, le 14/11/2025