29/04/2026
.
🤔 "Ko umugambi womaze amezi 10, ukaba umaze imyaka 3, abakozi bahembwa amahera avuye he?". Ikibazo c'Abashingamateka
________________________
👥 Abashingamateka ntibatahura ukuntu umugambi wari utegekanijwe kurangira mu kiringo kingana n'amezi 10 ariko gushika uyu mwanya umugambi ukaba ugikorwa, ukaba unakwije imyaka 3
🗓️ Aho yari mu Nama Nshingamateka, kuri uyu wa 29 Ndamukiza 2026, ngo asigure uko imigambi PATAREB, PADCAE-B na AEFPF-B yaranguwe, n'uko iriko irabandanya, avuga ko abakora iyo migambi bavyitwayemwo nabi cane
💬 Naho biri uko, Calinie Mbarushimana arahumuriza Abashingamateka ko naho ikiringo carenganye cane amahera yoyo akiriho kuko batagumye bayakoresha (décaissement)
🙏 Abashingamateka basaba ko nyabuna ibijanye n'imigambi vyozwa biritwararikwa cane kuko ngo bimaze kwibonekeza ko hariho imigambi itangura ntihere canke yahera naho ntitange umusaruro uboneka bigatuma ubutunzi bw'igihugu buhahonera