Urunani r'wibimenyeshamakuru

Urunani r'wibimenyeshamakuru Iyi ni page izaja ibagezaho bishasha kumwanya icusabwa nugukanda j'aime na partager

16/01/2025

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Elvis Kubwimana, Demètre Kwizera, Vincent Ndayiragije, Abraham Moses Kiyoboke, Mbwayiba Mujinya

28/09/2024

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Amos Chris Jay, Prosper Itngtka, Nduwayo Amani Amedee Wajabu, Kanani Vigitir, Diane Irambona

21/08/2024

🔴 CNIDH, nyaragasa mutabare uyu muryango muri BSR !

Hari umuntu yaraye atabarije umuryango w'abarabu boba bariko baratotezwa bikomeye. Yatwandikiye ati :

"Amahoro. Turashima ukuntu mwama mugerageza gutabariza abantu. Nagira umfashe udutabarize : ni umuryango w'abarabu, umugabo n'umugore. Ejo hahise (ku wambere 19.8.2024), bari bagiye kuvunja amafaranga baca barabafata kubera bari bafise amahera menshi cane, umugabo bamujanye kumupfungira muri documentation, umugore n'utwana twiwe tune (harimwo n'uruyoya) babapfungiye ngaha kuri BSR. Birababaje umubonye uwo mugore n'utwana, kuko bavuga icongereza. Uwo mugore avuga ko bamwambuye ibintu vyose : iterefone n'amahera. Nukuri umubonye uraterwa n'akagongwe, kubera nta mahera y'ibifungurwa bafise, nta cepfo na ruguru bafise, utwana tugira tubapfireko. Turakwinginze umutabarize."

🔴 Iyi nkuru hari vyinshi ibuze, uwayiduhaye nawe ntiyasubiriye kutwishura. Bishoboka ko uwatanze Inkuru nawe atasubiriye kuronka uko yandika. Ntitwamenye amazina y'abapfunzwe, ntitwamenye n'ikibanza bafatiwemwo. Ariko hariho ibintu bihambaye vyumvikanamwo :
1. Umukenyezi w'umwarabukazi apfungiwe muri BSR n'utwana 4 turimwo uruyoya
2. Abafashe uyu mukenyezi bamutwaye telefone n'amafaranga yose yari afise : ntagira uko agaburira abana kandi ntagira uko yotabaza abiwe.
3. Uyu mukenyezi avuga icongereza bigatuma atanoroherwa mu kuvugana n'abandi
4. Serugo nawe yatandikanijwe n'abiwe ajanwa muri documentation. Ahorwa ko yafashwe agiye kuvunja amafaranga menshi.

🔴 Turasavye CNIDH inyarukire muri BSR muri kino gitondo maze itabare bano bantu. Nta mpamvu n'imwe yosigura ingene bano bana bapfungiwe muri BSR, ikibanza kibi cane kitagira n'ahantu horara abana. Nimba serugo yafashwe kubera agiye kuvunja, uyu muvyeyi n'abana nabo bariko bazira iki ? Ivyabo vyibwe ni nde abibazwa ?

🔴 Umuntu wese azinanye n'abo muri CNIDH afashe kubaha iyi nkuru batabare.

Uworonka umuco kuri iyi nkuru yowudusangiza.

Pacifique Nininahazwe, FOCODE, 21.8.2024

-------------------------

Ico uwaduhaye Inkuru yahavuye yongerako :

"Nta photo yabo mfise kandi nta n'amazina yabo mfise. Gusa ejo naciye kuri BSR (...) bintera intuntu n'umubabaro ndababonye. Ni abarabu bafashwe ku wambere ku mugoroba, umugabo aca ajanwa muri documentation. Umugore n'utwana bashikanywe muri BSR isaha zitatu z'ijoro (21h). Umwe mu baporisi ababonye ngo yaciye avuga ngo : agafu karabonetse ! Uko niko nabihawe n'abo nahasanze. Rero hari abapfunzwe baguma babavugira kubera batewe n'ikigongwe cabo bana. Abana bamerewe nabi cane : ibihere, inzara, bafurutiwe umubiri wose kubera ibihere. Uwubavugiye abapolisi bamwishura ko dossier yabo iri hejuru. Hari uwundi yashoboye kubaza uwo mugore, nawe aca amubwira ko basi bopfuma bamujana kuri ambassade, ati : nibagombe bamutware vyose ariko arabe ingene yova ngaho kubera abana, kuko ntabona ico azira."

Ibi bintu ni akamaramaza ku Burundi !

20/08/2024

Buringa : Baratabariza uwabo yitwa Eric Mayeye !

Hari umuryango w'i Buringa muri komine Gihanga waraye utabaje inyuma y'ifatwa ry'uwabo, umusore yitwa Éric Mayeye, yahagaritswe ku mugoroba w'ejo haheze. Uwo muryango uvuga ko ufise amakenga, ufatiye ku gikenye ca Emery Badogo yafashe Eric Mayeye.

Éric Mayeye ni nde ?

Éric Mayeye ni umusore w'imyaka 31, yavukiye mu Rukaramu muri komine Mutimbuzi, ariko yakuriye aho i Buringa muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza. Éric ni umuhungu wa Alfred Mayeye na Marthe Nzobaraba. Azwi nk'umunywanyi w'umugambwe CNL, ariko abiwabo bavuga ko ata vya politike yarakijamwo. Mu kazi kiwe ka misi yose, Éric akorera kw'itongo ry'abapfuye ku Mpanda, aho avomera amazi ababa bariko barubaka imva.

Aho nyene akorera kw'itongo ry'abapfuye ku Mpanda niho Éric Mayeye yahuriye n'ivyago mu ndwi iheze. Mu gihe Eric na mugenziwe bariko baravoma amazi y'abubatsi niho haza agahungu k'imyaka nka 15 kihagarika (umwanda mukuru) mu kinogo bariko bavomamwo amazi. Éric na mugenziwe bafatwa n'ishavu barakubita inkoni ka gahungu. Nako kava ngaho kaja kubibwira nyina, uyu nawe abimenyesha sewabo wa ka gahungu, uwitwa Emery Badogo. Emery Badogo ni nk'igihangange aho i Buringa, bose baramutinya kubera akomeye mu mugambwe CNDD-FDD. Niho haca haduka isekeza ryo kurondera Éric Mayeye na mugenziwe, nabo bahava barahunga baja kunyegera bumvise ko barobderwa na Badogo.

Umuvyeyi wa Éric Mayeye yaragiye mu muryango wa wa muhungu yakubitwa, arasigura uko vyagenze, arabasaba imbabazi ku makosa y'umuhungu wiwe. Imiryango yumvikanye ko abahungu basubiriye kuboneka, abaryango bazohura bagaheza ico kibazo. Alfred Mayeye yaranabimenyesheje mu bajejwe intwaro.

Ifatwa rya Éric Mayeye na mugenziwe

Ku mugoroba w'ejo haheze (19.8.2024), Éric Mayeye na mugenziwe baragarutse i Buringa. Mu gihe bari kw'ibarabara rya kaburimbo, bariko bitegura kuja mu muryango wa wa muhungu yakubitwa, niho haza imodoka ya Badogo, aca ategeka abapolisi bari kumwe gufata Éric Mayeye na mugenziwe, kubaboha no kubakubita bakabanoza. Ivyo vyose barabikoze baca babaterera muri ya modoka ya Emery Badogo, nawe afata ibarabara rija i Gihanga.

Abaryango ba Éric Mayeye bararanye ubwoba bwinshi. Ntibazi iyo Emery Badogo yajanye Éric Mayeye na mugenziwe, ntibazi uko baraye bameze. Ku bwabo ico kibazo cari gito kuko imiryango yari yumvikanye uko ikirangiza. Ntibatahura ingene umuntu, kubera akomeye muri CNDD-FDD, aca agira ububasha bwo kwihanira, agahagarika abantu ijoro ata mutahe afise, akabakubitisha, akongera akabajana iyo ashatse. Baratakamba ngo umwana wabo ntiyicwe mu gihe uyu mwaka aho muri komine Gihanga hagiye harafatwa abantu bakaca baburwa irengero ryabo.

Ntituraronka Emery Badogo nawe ngo agire ico avuze kuri ivyo yagirijwe.

Pacifique Nininahazwe, FOCODE, 20.8.2024

---------------------

Ico tumaze kumenya nuko Éric Mayeye na mugenziwe baraye mu gasho ka komine Gihanga.

18/08/2024

🔴 Ya ndwi y'isuku yagenze gute ?

Mu mpera y'indwi iheze, aho yariko arakubura ku bushikiranganji bw'amagara y'abantu i Bujumbura, Prezida Ndayishimiye yatangaje n'ishavu ry'inshi ko iyi ndwi yose abakozi ba Leta batazinjira mu biro kiretse abaganga n'abacamanza. Abakozi bo mu biro bose yabarungitse gukora isuku, yanongeyeko ko abizi ko Abarundi bakunda amakonji aca avuga abakuye mu biro indwi yose kugira bamaramare bamaze kubona umwanda bakoreramwo.

Mu ntango y'iyi ndwi twari twavuze ko ingingo yo kwitwararika isuku ari ingingo nziza ariko ko mu gihe ata politike y'isuku ikozwe ataco vyomara kubivuga gusa. Gushira mu ngiro ingingo ya Prezida Ndayishimiye vyari guhinduka guhagarika igihugu cose.

🔴 Inyishu itomoye ya Daniel Gélase Ndabirabe

Ku wambere uheze, inzego nka zose z'igihugu zaritavye akamo ka Prezida Ndayishimiye. Hari amabiro menshi yiriwe yugaye : OBR, amaposita, OTRACO, n'ahandi. Hari abandi bugaye gushika isaha zitandatu canke umunani, inyuma y'umutaga baca barakora. Hari ababwiye abakozi ko bukeye ku wakabiri bazobandanya isuku, ariko ntivyubahirijwe. Ni bake cane basubiriye ivyo bikorwa. Ku wagatatu ho vyasa n'ivyibagiwe.

Inyishu nziza, mu rupfasoni, yatanzwe n'umukuru w'Inama Nshingamateka, Gélase Daniel Ndabirabe. Yarifatanije na bamwe mu bakozi b'Inama Nshingamateka, barakubura amababi akoroka ava ku biti, aca atangariza abamenyeshamakuru ati :
"Twebwe ntitwarindiriye akamo k'umukuru w'igihugu kugira twitwararike isuku. Mu Nama Nshingamateka twarondeye ishirahamwe rikora ivy'isuku tugiranira amasezerano. Niyo mpamvu mubona twebwe haguma ari heza. Vyoba vyiza no mu zindi nzego babikoze gutyo." Bukeye, mu Nama Nshingamateka, baciye bisubirira mu kazi ukuri kwamye.

Aya majambo ya Gélase Ndabirabe asigura vyinshi. Mu ncamake yagize ati : dutegerezwa kumenya gushiraho abajejwe ivyo bikorwa vy'isuku maze ayandi mabanga y'igihugu akabandanya gukorwa. Yabaye imvugo y'urupfasoni yo kubwira Prezida Ndayishimiye ko yatangaje ingingo atiyumviriye neza.

🔴 Isoko nkuru ya Bujumbura yoba yarakubuwe ?

Hari uwatwandikiye ati :

"Twumvise Prezida Ndayishimiye avuze indwi y'isuku duca twiyumvira tuti : ubuho yemwe ya ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hagira haze hakorwa ! Twarumvise mu mezi aheze Bob Rugurika avuga ko urya mwanda ufise ico upfana n'ibintu vy'amangetengete y'abategetsi. Twari tuzi ko igihe co kuvuguruza Bob Rugurika kigeze. Ariko twaratangaye, nta na kimwe cakozwe kijanye no gusukura harya hantu. Ivyaho birateye isoni. Kubona Umukuru w'igihugu avuga indwi y'isuku mu gisagara, kubona umupfasoni w'umukuru w'igihugu yama avuga ko yahawe n'igihugu ca Turikiya amahera yo gukora isuku mbere akaba ahora aza gukubura mu gisagara, kubona umukuru w'igisagara yama yatunganije ibikorwa vy'isuku, ariko akaba ata n'umwe yigera atumbera hagati na hagati mu gisagara ahahoze isoko nkuru, ni ibintu bisiga ubwenge. Mu ncamake baravuga isuku ariko bakubaka igicaniro c'umwanda hagati mu gisagara."

Nta nyishu twaronse twoha uyu muntu yatwandikiye. Ariko ivyo avuga barakomeye. Ni gute hatunganywa indwi y'isuku kw'itegeko ry'umukuru w'igihugu ariko ntihagire igikorwa kijanye n'ikibanza ca mbere umwanda mu gisagara ca Bujumbura ?

🔴 Ijambo ry'umukuru w'igihugu rihabwa agaciro kangana gute ?

Ishavu Prezida Ndayishimiye yavuganye, uburemere bw'amajambo yakoresheje, vyanoneka nk'itegeko ridasanzwe atanze. None vyagenze gute ngo ya ndwi y'isuku ntiyubahirizwe ? Ubwo we nyene yarubahurije ivyo yivugiye ? Yoba we nyene yarahagaritse ibindi bikorwa afata abo bakorana baja mu vy'isuku ? Mu gihe abandi bategetsi bamubonye kuva ku wakabiri nyene kubivuga yabivuyemwo, burya bari kubandanya gute ivyo bikorwa vy'isuku ?

Mbe hoho ivyo yari yategetse iyo bikurikizwa, Uburundi bwari kwunguka iki ? Ubuzi bwose buhagaze umusi umwe gusa ibipfa birengeye kure amafaranga yokoreshwa mu guhemba amashirahamwe yo gukora isuku. Iyo bigenda gutyo indwi yose ho ntawuzi igiciro n'ingaruka vyogize. Ingingo ivugwa mw'ishavu itiyumviriwe ni mbi cane, aho gukiza irica. None Prezida yoba yize neza ingingo yiwe? Inzego zimufasha zoba zaramufashije kwiga iyo ngingo? Ikindi kibi c'iyi ngingo ni ingene ijambo ry'umukuru w'igihugu ririko rirata agaciro. Iyo benshi bamwumvirije akankama, bagira bati: nimumwihoze gato, ejo azoba ageze kuvuga ibindi. Mu kanya ka mbere abakozi barigira abamwumvirije, mu nyuma bakibandaniriza ivyo bahoramwo ataco binona. Nivyo vyabaye no kuri rino jambo: ku wambere abategetsi bareretse Ndayishimiye ko bamwubashe, ku wakabiri naho bamweretse ko batemeye ivyo yavuze !

🔴 None, hagiye gukurikira iki mu bijanye n'isuku ? Ni uruhe rwego rujejwe kubikurikirana ? Impanuro ya Gélase Daniel Ndabirabe izokurikizwa ?

18/08/2024

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Majambere Silas, Richard Mukuyu

07/08/2024

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Jean Marie Bigirimana, Aziza Fatuma, Amani Rukundo, Pascal Bucumi

03/08/2024
01/08/2024

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Irankunda Jean De Dieu, Juwayako ThéoCy, Chrislogue Gahimbare, Déo Habonimana

27/07/2024

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Mwamini Muuminat, Richard Niyongabo, Mushambo Verite

17/07/2024

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Ren Ndayike, Martin Rutenderi Tenge

Address

Jakarta

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Urunani r'wibimenyeshamakuru posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Urunani r'wibimenyeshamakuru:

Share