09/06/2026
, Ngo vyanka bikunda Kirundo Iraterimbere.
===============================
Ivyo vyashikirijwe n'umunyamabanga w'umugambwe muriyo komine aho yari yifadikanabije n'abenegihugu bose bo muri zone kuruyu wa 9 Ruheshi 2026 mu gikorwa co kuvomera amavoka 3734 ateye mu gitara ca zone kingana na hegitari 14. N'igikorwa citabiriwe n’isinzi ry'abenegihugu ivyo bikorwa bikaba vyitabiriwe n'umuhanuzi wa musitanteri muvyajejwe harimwo ubutunzi,Imibano, Inkino n’Imico K**a.
umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muri komine yashimiye cane iyo zone ngo kubera ari izone yiyumvamwo ibikorwa ngo biboneka ko ibijanye n'iterambere ko batakivyigishwa, yasanze kandi Abenegihugu bose baramaze gufata ku muzirikanyi ko umunsi , no ko agacimbiri ku gacimbiri baba bariko baravomera amavoka mu mihingo yose. Yagiriyeko abibutsa kwimba nyabarega kugirango bashobore kwegeranya umwavu uzoza urifashishwa mu gufumbira ayo mavoka mbere nuwo bazokoresha mu mirimwa yiwabo, yabasavye kandi kurima ibiterwa mbumbarugo kugira baze baravomera ivyo biterwa mu ntumbero yo kurwanya amarigara yo muci. Yasozereye asaba abarongoye ubucimbiri n’amanamashingiro kwihutira kuraba abana bose bataye ishure n’abageze kujayo kugira ngo mu baje kubandikisha hakiri kare kugira mu kwezi kw’icenda. Abenegihugu iyo barikumwe n'kndongozi hama bazubaha nazo zikabubaha ntakibuza iterambere ritanyaruka, rero kugiterwa c'ivoka nkuko guheruka gushirwa kw'isoko mpuzamakungu kubariko baragikurikirana bazogikuramwo amafaranga meshi mbere n'igihugu kiharonkere amafaranga mpuzamakungu.
, no