Chapakazi TV 257

Chapakazi TV 257 Ijwi ry'ubutunzi n'iterambere no gukundisha Igihugu
Twese twinjire mu mbonokazoza 2040-2060 y'igihugu atawusigaye
Tél : 68334249
61155587 / 77998428

UMUNSI   W'AMAKOMINE: Komine Kirundo yahimbarije uwo munsi mukuru muri Zone  Ku wa Gatandatu, igenekerezo rya 1 Myandaga...
02/08/2026

UMUNSI W'AMAKOMINE: Komine Kirundo yahimbarije uwo munsi mukuru muri Zone

Ku wa Gatandatu, igenekerezo rya 1 Myandagaro 2026, Komine Kirundo yarifadikanije n'izindi komine zo mu Burundi mu guhimbaza Umunsi Mukuru wahariwe Amakomine. Wari umwanya wo guhuriza hamwe imvukira za komine kugira ziganire ku migambi n'iterambere rya komine yazo.

Ibirori vyabereye muri Zone Vumbi ku mutumba wa vumbi nyene. Mu majambo yo kwakira abash*tsi, yashimiye abash*tsi bitavye uwo munsi mukuru, avuga ko Zone Vumbi irangwa n'amahoro, umutekano n'umwete mu bikorwa vy'iterambere.

Mu ijambo ryiwe, Musitanteri wa Komine NDIKURIYO, yashimiye cane imvukira za Komine Kirundo ku kuntu bitavye ari benshi. Yashimye kandi ko abenegihugu bitabira kandi bagashigikira imigambi y'iterambere ya komine.

Yaciye ashikiriza bimwe mu bikorwa biriko birarangurwa. Mu gisata c'amagara y'abantu, yavuze ko amavuriro matomato ariko arubakwa, amwe akaba yaraheze hasigaye gusa kuyugurura, anibutsa ko isuku n'isukura bikwiye kubandanya gushirwa imbere nkuko ico gikorwa kimaze iminsi caratangujwe.

Mu gisata c'indero, yavuze ko intebe z'amashure ziriko zirakorwa ku bwinshi kugira abana ntibazobure aho bicara mu kwiga. Mu gisata c'intwaro, yamenyesheje ko inzego zose zo ku rwego rwa Zone zamaze gukwizwa, harimwo abatware ba zone, abahanuzi babo, abajejwe ubutungane, umutekano n'izindi nzego agasaba abenegihugu kutajuragirika baja kure kandi barabegereje intwaro.

Ku bijanye n'iterambere ry'ingenzi, Musitanteri yavuze ko ivyigwa vyo kwubaka ibibanza bibiri vy'iratiro ku nkengera z'ikiyaga c'Inyoni (lac aux oiseaux) vyarangiye, kandi ko amafaranga ashika kuri umuriyaridi w'amafaranga y'Amarundi Reta yamaze kuyashikiriza komine mu gushigikira uwo mugambi ariko ariko mu vyigwa bakoze basanze bizotwara imiriyaridi 2 ariko agashikirizako ibikorwa bigire bitangure vuba.

Yongeye amenyesha ko umusozi wa Shinge, uzwi cane mu mateka y'Uburundi, uriko urategurirwa kwubakwako ikibanza kijanye n'ingenzi, kizoba kidondora abami n'intwari z'Uburundi, kirimwo kandi inzu z'amanama, ahantu h'imyidagaduro n'ibindi bikorwa bizofasha guteza imbere komine. Yongeye aragaruka cane kw’iyubakwa ry’ikibuga ca kijambere aho yashikirije ko komine yiteguye ko buca itangura kucubuka ngo na kare ko umushikiranganji muvyo bajejwe harimwo inkino bwemereye komine umusezero wa kijambere, yasozereye asaba abenegihugu kuadakora amasaha hubwo bakore ibikorwa kugira komine iterambere.

Musitanteri yasavye abenegihugu bose gukomeza gushigikira iyo migambi, asaba n'indongozi kuba aba mbere mu gutanga akarorero, umwe wese agafasha uko ubushobozi bwiwe bungana.

Umukuru w'Inama Mpanuzajambo ya Komine Kirundo, , yashimye intambwe komine iriko iratera n'ukuntu ishira ahabona imigambi yayo. Yagarutse ku kamaro ko gukorera hamwe, asaba ko ata n'umwe yobaho nka nyamwigendako, ahubwo bose bakunga ubumwe kugira Komine Kirundo irusheho gutera imbere. Ivyo yabishikirije abicishije mu bisokozo n'imigani ya kera.

Ibirori vyasozerewe no gusangira infungurwa za kera z'ikirundi hamwe n'ibinyobwa vya Kirundi vya kera, Ivyo vyose bikaba vyaranzwe n'umunezero werekana ubumwe, ubuvukanyi no gukunda igihugu.



  iyi niyo foto iriko iravugisha beshi aho abageni bari bavuye guhezagirwa n'umusaseredoti muri paroisse kanyinya kuruyu...
01/08/2026

iyi niyo foto iriko iravugisha beshi aho abageni bari bavuye guhezagirwa n'umusaseredoti muri paroisse kanyinya kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 1/8/2026 , nkuko vyama vyabaye rero usanga iyo ico gikorwa giheze abageni baca baja gufata amafoto kugira baryoshe urubanza, abo bageni bobo bakaba baciye bigira kwivomerera amavoka,

Ubundi iterambere iyo abantu bamaze kuryiyumvamwo bagatahura biranyaruka ko abantu bose baterimbere, iripfurije ibihe vyiza aba bageni.

no

⚫🚨   : Umwenegihugu wese agire ico akora muri kino gihe c'Ici ,kugira inzara ituzwe ,umunwa wose uronke ico ufungura , u...
30/07/2026

⚫🚨 : Umwenegihugu wese agire ico akora muri kino gihe c'Ici ,kugira inzara ituzwe ,umunwa wose uronke ico ufungura , umupfuko wose uronke amafranga mubenegihugu bose bomuri 💵

Kuri uyu wa 30/07/2026 , Chef de zone Mugendo , arikumwe n'umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muriyo zone arikumwe kandi nabajejwe umutekano ,abahanuzi ba chef de zone , n'izindi ndongozi zomwiyo zone , yatunganije inama yabenegihugu bose bomwiyo zone 🙏

Chef de zone , akaba yabanje gushimira abibenegihugu kukuntu bariko barakorana inguvu nyishi mukurima ibiterwa vyirima vyici , haba mukurima umuceri ,ibiharagi,ibigori ,imboga n'ibindi biterwa mumwonga nokumicamocamo , ivyorero birerekanako iterambere muri iyozone rishoboka , naho biri uko haracibonekeza abantu bake bigira sindabibazwa akabahamagarira kuvavanura niyo ngeso kuko igihe camarigara caramaze guhera ✍️

Akaba kandi yaboneyeho nakaryo kogusubira kubibutsa ko bakwiye gukomeza urugamba rwisuku n'isukura biyemeje bakarushirizaho , kwirinda akaborerwe ,kwubahiriza amasaha yokwugurura nokwugara utubare,kuvomera amavoka gatatu mundwi (kuwambere ,kuwagatatu nokuwa gatandatu ) , kwandikisha abana bageze gutangura amashure ndetse nogusubizamwo abavuyemwo ,ntiyibagiye kandi kubibutsako bakwiye gukomeza urugamba rwoguharanira amahoro n'umutekano mukurwanya ubusuma tutibagiwe n'indandazwa zomukinywabi ✍️

 : Hasozerewe inyigisho zo gukangurira no gufasha urwaruka ruri mu ngorane(Initiative de Sensibilisation et d'Accompagne...
30/07/2026

: Hasozerewe inyigisho zo gukangurira no gufasha urwaruka ruri mu ngorane(Initiative de Sensibilisation et d'Accompagnement des Jeunes Vulnérables).

Ku wa 28 na 29 Mukakaro 2026, mu Kigo c'Urwaruka ca Kirundo, habereye igikorwa c'ukwigisha, gukangurira no guherekeza urwaruka ruri mu ngorane (Initiative de Sensibilisation et d'Accompagnement des Jeunes Vulnérables). Ico gikorwa cashigikiwe na Care International mu mu mugambi wa mu ntumbero yo gufasha urwaruka kwiyubaka no gutegura kazoza kabo.

Abitavye bararonse inyigisho zitandukanye zibafasha gutahura ingene bokwikingira ibibazo bishobora kubashikira cane cane ku magara yabo, kwiteza imbere, gufata ingingo zibereye no kugira uruhara mu bikorwa vy'iterambere ry'imiryango yabo.

Ico gikorwa cari citabiriwe n'umworosha wiryo shirahamwe ku rwego rw'intara ya , yibukije urwaruka ko rufise ubushobozi bwo kwihangira akazi, kwirinda inyifato mbi no kuba umushinge w'iterambere ry'igihugu. Yabasavye kandi gushira mu ngiro ubumenyi bahawe kugira ngo bubafashe kwiteza imbere no kubera akarorero keza abandi.

Abitavye barashimiye cane Care International Burundi ku kungene yabiyumviriyeko ikabaha izo nyigisho , bavuga ko zibahaye icizere n'ubumenyi buzobafasha mu buzima bwabo bwa misi yose kandi bitumye baca baja kukivi bagashira mu ngiro ivyo bigishijwe.

Mu gusozera twobamenyesha ko izo nyigisho bahawe harimwo n'izijanye n’inyigisho ndoragitsina zatanzwe na uwutwara ivuriro ritoya rya Kirundo ashigikiwe n , n'ikigo c'urwaruka ca kirundo (Centres pour jeunes Kirundo) ari naho habereye izo nyigisho.

.
no

Twibuka ko ku munsi wa gatandatu itariki 1/8/2026 ari umunsi mukuru w’amakomine. Wewe uriteguye kwifatanya n’abo muvukan...
30/07/2026

Twibuka ko ku munsi wa gatandatu itariki 1/8/2026 ari umunsi mukuru w’amakomine. Wewe uriteguye kwifatanya n’abo muvukana mw’ikomine imwe?

Umunsi mukuru w'amakomine wongeye wagarutse nkuko wama wabaye buri mwaka.===================================Mvukira ya k...
29/07/2026

Umunsi mukuru w'amakomine wongeye wagarutse nkuko wama wabaye buri mwaka.
===================================

Mvukira ya komine Kirundo kandi ukunda igihugu na komine wavutsemwo umve ico nyakwubahwa umuvyeyi wa komine musitanteri , aguhamagarira ku munsi wa gatandatu isaha zine z'umurango: wewe nyene imvukira ya komine umuvyeyi wa komine yipfuza ko mwicara hamwe mwese mu kwirimbura aho iterambere rya komine rigeze ku munsi mukuru wahariwe amakomine igenekerezo rya 1/8/2026 bikazobera ku kibuga co muri zone harya ruhande y'ibiro vya zone, none kuruwo munsi mukuru w'amakomine, wewe mvukira ya komine wumva wosiba? muzokwitabe muri beshi mwerekane ko Mukunda ikomine yanyu n'igihugu cacu na kare ko turi mu mwaka wahariwe gukunda igihugu. Azanaremesha ikiganiro co kwerekana imigambi mikurumikuru komine igire irangure mu gihe kitarambiranye ivyo rero azobikora kuruwo wa gatanu igenekerezo rya 31/7/2026 aho rero azodutembereza aho iyo migambi izorangurirwa ntuzosibe kuko umwenegihugu wese aremerewe kuvyitaba kandi akamenya n'ukwo iterambere rya komine ririko rirategurwa.

andika muri Commentaire wongere ufyonde kuri partage ubisangize abandi beshi. ngiryo itangazo ntugende utarisomye riri aho musi.

no

 :   umuririmvyi rurangiranwa ariko arabica bigacika amaze kuramukanya na S.E Evariste  , Nyeniteka  Reveriyano   yabone...
24/07/2026

: umuririmvyi rurangiranwa ariko arabica bigacika amaze kuramukanya na S.E Evariste , Nyeniteka Reveriyano yabonekanye mu mabara y’igihugu yaranga impuzu yari yambaye haba umupira,inkofero ndetse na posheti ya telefone yiwe, yongera arabonekana kandi mu masanamu meshi yifoyoreje ku ma darapo y’igihugu ku kibuga c’indege melchior NDADAYE aho yariko yakirwa n’isinzi ry’abantu inyuma yo kumara ukwezi kurenga ariko arakorera ibiteramo mu bihugu bitandukanye vy’iburaya.

Iki kintu yakoze co kwambara impuzu zirimwo amabara agize idarapo ry’igihugu si ubwambere abikoze kuko yaraheruka no kwifotoreza mu bufaransa ari imbere y’umunara muremure cane uri mu bufaransa. Uyu muhungu akaba akomeza kwerekana urukundo akunda igihugu ciwe camwibarutse.

I kinyamakuru canyu Chapakazi TV 257 kikaba kibanda hushima iyo nyifato y’uwo muririmvyi, kikabona ko uguterimbere kwiwe atawogukekeranya kuko burya iyo umuntu akunze igihugu ciwe naco kimutera umugisha, wakivuma naco kigaca kikwinumira kuko ni nko kuvuma umuvyeyi yakuvyaye.

no

 : Mu kirundo uwushaje nuwutaratangura kwitabira igikorwa co kwinonora imitsi.Kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 24 mukaka...
24/07/2026

: Mu kirundo uwushaje nuwutaratangura kwitabira igikorwa co kwinonora imitsi.

Kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 24 mukakaro 2026 igikorwa co kwinonora imitsi cabandanije nkuko vyama buri munsi wa gatanu nkuko tubisanga mu rwandiko musitanteri wa komine ruhamagarira abakozi ba reta, abikorera ivyabo ,amashirahamwe n'abandi ko umunsi wa gatanu isaha icenda n'igice aruguhora bitabira ibikorwa vyo kwinonora imitsi kugirango bagire amagara meza.

Ico gikorwa citabiriwe nabakozi bakora mu bisata vyose bigize ubuzima bwa komine kirundo bikaba vyitabiriwe kandi n’uwurongoye urwaruka rwo mu muhari w'imbonerakure mu ntara ya Butanyerera , Umunyamabanga w'umugambwe muriyo komine , Umunyamabanga Nshingwabikorwa wiyo komine hamwe n'izindi ndongozi. Nayo Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa Komine yashimiye abitavye bose abasaba gukomezea ico gikorwa kuko bituma haba ubumwe, abantu bakagiranira urukundo kandi bakagira n'amagara meza. Yasozereye yibutsa ko n'abasivye boza bariyaranja bitabira ico gikorwa kuko umuntu wese atitaya ku myaka afise arakeneye siporo mu buzima bwiwe, ico gikorwa kikaba cabaye mu mazone yose yo muri komine kirundo.


no

 🎉 Bonne nouvelle du 21/7/2026 !Capa Kazi TV change officiellement de nom et devient désormais Chapakazi TV 257.Nous som...
21/07/2026



🎉 Bonne nouvelle du 21/7/2026 !
Capa Kazi TV change officiellement de nom et devient désormais Chapakazi TV 257.
Nous sommes également heureux de vous annoncer que Chapakazi TV 257 a atteint le nombre de 1 000 followers (1K) ! 🎊
Un immense merci à chacun de vous pour votre confiance, votre soutien et votre fidélité. Cette réussite est aussi la vôtre.
Que Dieu vous bénisse abondamment et continue de vous accompagner. 🙏❤️

Address

Nairobi

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Chapakazi TV 257 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share