Agaciro Media

Agaciro Media Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Agaciro Media, Digital creator, Nairobi.
(2)

"Nous Sommes une Force Pour le Changement"
VISION: Réveiller la Jeunesse Burundaise pour le developpemet
AGACIRO MEDIA est un Media Online reconnu par le Conseil National de la Communication [CNC]

KU NCURO YAMBERE UMUKOBWA WA PEREZIDA MUSEVENI ABAYE   MURI UGANDA ⛪ Patience Rwabwogo, umukobwa wa Prezida wa Uganda, Y...
24/08/2026

KU NCURO YAMBERE UMUKOBWA WA PEREZIDA MUSEVENI ABAYE MURI UGANDA

⛪ Patience Rwabwogo, umukobwa wa Prezida wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, akaba ari na we yashinze ishengero "Covenant Nations Church" yimitswe nka Musenyeri w’iryo shengero kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 23 Myandagaro 2026.

💃 Ni mu birori vyo kumwimika vyabereye ahitwa Covenant Hill i Maya, muri Uganda. Bikaba kandi vyahuriranye n'imyaka 20 iryo shengero rimaze rishinzwe, aho ryatanguye nk'iteraniro rito ryo muhira i Luzira muri 2006.

🥳 Prezida Yoweri Museveni na Janet Museveni nibo bateye iteka ivyo birori nk’abash*tsi b’icubahiro. Uwo mugirwa wari uhagarikiwe na Bishop Dr. LaDonna Osborne ava muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

📌 Hari kandi abavugabutumwa bakomeye nka Pastor Enoch Adeboye na Folu Adeboye bo muri Nigéria, abo Patience akunze kuvuga ko ari "abavyeyi biwe mu vy'impwemu".

23/08/2026

BWA Homme du Changement KURI 🇧🇮

19/08/2026

AMAZE IMYAKA MU KAMENGE AFASHA ABAJA KW'ISHURE KANDI NTAHEMBWE

: 68 58 51 46

18/08/2026

WA MWIGE ODETTE W'IGITEGA YONGEYE GUTERA ITEKA UBURUNDI Inyuma y'iminsi ibiri ihiganwa mpuzamakungu ry'urukino rwo gusig...
17/08/2026

WA MWIGE ODETTE W'IGITEGA YONGEYE GUTERA ITEKA UBURUNDI

Inyuma y'iminsi ibiri ihiganwa mpuzamakungu ry'urukino rwo gusiganwa ku makinga ku bigeme risanzwe ritunganywa n' Uburundi ritanguye, umunya Kazakistan yitwa Sklyarova Yelizaveta asubiye gutahukana ikibanza ca mbere imbere ya Claude Nyirarukundo na Reda Eyerusalem Haftu bakinira umugwi witwa Amani wo mu gihugu ca Kenya. Akaba yirutse ibirometere 69 mu masaha abiri n'iminota mirongo itanu n'amasegonda cumi n'umunani mu gihe abo bandi banganije amasaha abiri n'iminota mirongo itanu n'amasegonda cumi n'icenda.

Kuri uwu munsi ugira kabiri w'ihiganwa, abanonotsi bakaba birutse ikirere kingana n'ibirometero 69 kuva i Nyagasasa mu ntara ya Burunga gushika mu gisagara ca Gitega.

Uwo mu nya Kazakhstan arashima cane intambwe amaze gutera akizera mbere ko no mu zindi ntambwe iryo higanwa risigaje azovyitwaramwo neza n'aho biruhisha.

Nayo Odette Nsengiyumva yabaye uwa mbere mu barundikazi bari muri iryo higanwa avuga ko abarundikazi bashoboye guhangana n'ibihangange ariko bakagira ingorane y'ibikoresho nk'ivy abo baba bahanganye. Asaba Reta y'uburundi kubageza ibahe ibikoresho vyo ku rwego rwiza hama irabe ayo bamurwamwo.

Tubibutse ko iryo higanwa ryitabiriwe n'imigwi igera kuri cumi ivuye mu bihugu nka : Bénin, Burkina Faso, Burundi, Côte D'Ivoire, cameroun, Misiri, Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,umugwi uvuye muri Afrika y'epfo n'umugwi uvuye mu gihugu ca Kanya.

Tubibutse ko iryo higanwa ryatanguye kuri uwu wa 16 Myandagaro rikazosozererwa mu ntara ya Gitega ku wa 22 Myandagaro 2026.

17/08/2026

MUSHASHA 2026 MU BURUNDI 🇧🇮
INKWAKUZI zaradutanze kwifatira akarere
: 69 74 98 72 // 68 01 35 13
Kubipfuza info zagutse

15/08/2026

: ACTIONS 2040-2060 IBIKORWA VYABO

 : ACTION 2040-2060 BAKOZE IGIKORWA KIDASANZWE 🇧🇮Ibiro 500 vy’umuceri, ibiro 300 vy’ibiharage, ibiro 150 vy’ibigori , in...
14/08/2026

: ACTION 2040-2060 BAKOZE IGIKORWA KIDASANZWE

🇧🇮Ibiro 500 vy’umuceri, ibiro 300 vy’ibiharage, ibiro 150 vy’ibigori , indobo 6 z’amakoto na Pampers z’abakuze niyo mfashanyo yatanzwe n’abahurikiye mw'ishirahamwe mu kigo c’ababikira Bene Mukama kireze abatama n’abatamakaza bageze muza bukuru kiri mw’i Rohero muri komine Mukaza.

Hari kur’uyu wa 13 Myandagaro 2026,aho abanywanyi ba Actions 2040-2060 bishikira muri ico kigo gitunze abageze mu zabukuru bagiye babagemuriye.

🎙️Bernadette Ntiranyibagira arongoye ico kigo, yabanje kubamenyesha uko ico kigo gisanzwe gikora, arababwira ko bafasha abana, abageze mu zabukuru nk’uko bisanzwe biri mu bikorwa vy’akarangamutima k’abo babikira b’Abenemuka.
Acavuga ko muri abo bareze harimwo abo bahawe n’intwaro aho ngo harimwo abo bakuye mw’ibarabara,abaje i Bujumbura kera baje gukora ubuzi bwo munzu bikarangira vyase ko basubira iwabo maze baja mw’ibarabara bikarangira bahasaziye,hari n’abo biba vyarankiye mu miryango bakaba barahukanye bakabura iyo baja inyuma y'imyaka myinshi

Mu bibazo bafise , Bernadette akaba yamenyesheje ko bahanzwe n’ikibazo co kubavuza .

Nayo Eurydice_GAHIMBARE, asanzwe ari icegera c’uwurongoye , yamenyesheje ko muvyo iryo shirahamwe rirangura harimwo gushigikira ibikorwa vy’igihugu n’iterambere , acamenyesha ko baje gushigikira ico kigo gitunze abageze muzabukuru bamwe bavuye mw’ibarabara ngo kuko ataterambere ryoshoboka canke ngo igihugu gishike ku mbonakazoza y’igihugu cifashe muri 2040, giteye imbere muri 2060, hakiri abageze muzabukuru mw’ibarabara.

Acamenyesha ko babazaniye imfashanyo igizwe n’ibiro 500 vy’umuceri, ibiro 300 vy’umuceri, ibiro 150 vy’ibigori , indobo 6 z’amakoto na Pampers z’ mu ntumbero yo kubashigikira.

Eurydice yamenyesheje kandi ko atari irya mbere bakoze ivyo bikorwa vyo gushikira ngo kuko baramaze gutanga intebe ku mashure yo mu Buterere, baratanga imyambaro y’ishure ku banyeshure, baratanga imifuko y’isima kuri Ecofo Musaga ngo ubu naho baje gushigikira ico kigo ngo kuko ikigo nkico gikeneye gufashwa.

13/08/2026

KU KIBUGA C'INDEGE 🇧🇮 , AVUZE IBINTU BIHAMBAYE VYOFASHA ZINA MURUNDI WESE GUTERIMBERE

UMU MOTAREKAZI ARIKO ARATANGAZA ABANTU MU MUJI WA   Aline Nitunga ni umukenyezi afise imyaka 48, akaba ari umwigisha mu ...
13/08/2026

UMU MOTAREKAZI ARIKO ARATANGAZA ABANTU MU MUJI WA

Aline Nitunga ni umukenyezi afise imyaka 48, akaba ari umwigisha mu mashure mato mato kandi afise abana batatu. Uretse umwuga wiwe wo kwigisha, akora kandi umwuga wo gutwara abantu kwipikipiki, igisata ahanini kimenyerewemwo abagabo. Muri ico gikorwa, arondera kwikomeza mu vy’ubutunzi, gufasha mu vyinjira mu rugo no kwerekana ko abakenyezi bashoboye gukora imirimo isanzwe ifatwa nk’iy’abagabo.

Avuga ati: «Narabibonye ndavuga nti abakenyezi barashoboye. Ntibakwiye kwama barindiriye ivyo umugabo azana muhira. Natwe turafise amaboko.»

Uburyo Nitunga Aline abayeho burerekana ko uburongozi bw’umukenyezi butagarukira gusa ku kuba mu myanya ya politike canke y’ubutegetsi. Burashobora kandi kwubakwa biciye mu kwitunganiriza imigambi mu vy’ubutunzi, gutora umugambi, kwikorera no kurema uburyo bwo kwiteza imbere ku giti ciwe, mu muryango wiwe hamwe no mu kibano.

Kubwa Nitunga Aline, kwunguruza abantu kwipikipiki ni igikorwa kimwinjiriza amafaranga kikunganira umushahara ahembwa nk’umwigisha. Avuga ko ashobora guhuza neza amabanga yiwe yo mu kazi n’ayo mu muryango, bigatuma yungukira ku bikorwa bitandukanye akora.

Amafaranga akura mu kwunguruza abantu amufasha kugira uruhara runini mu kuronsa umuryango ivyo ukeneye no kwiteza imbere. Hambavu y’ivyo, arakora kandi ibikorwa vy’uburimyi n’ubworozi, na vyo bikaba ari isoko rindi rimwunganira mu vyinjira mu rugo.

Kuba afise ibikorwa bitandukanye birerekana ishaka ryo kutishimira isoko y’amafaranga mu buronderero bumwe gusa, bituma yiyemera agakomera mu kwigenga mu vy’ubutunzi. Kuri we, umugore afise ubushobozi bwo kwitunga aba afise n’ubushobozi bwinshi bwo kugira uruhara mu guteza imbere umuryango wiwe n’ikibano.

Kwinjira mu mwuga wo gutwara abantu ntivyari vyoroshe kuri Nitunga Aline. Mu ntango, bamwe baramuciye intege, abandi bamucira imanza kubera imico n’imigenzo bikivuga ko hari imirimo igenewe abagabo gusa.

Avuga ati: «Mu ntango vyari bigoye. Bamwe mu bagore bavuga ko ndiko ndarenza urugero imbere y’umugabo wanje. Abagabo bamwe na bo bibaza ko nataye indero nshaka gutegeka umugabo wanje. Ubu abantu batanguye kubimenyera no kubitahura.»

Aho guheba, yahisemwo kubandanya. Ivyo yaciyemwo birerekana ko abakenyezi binjiye mu mirimo imenyerewe nk’iy’abagabo bashobora gufasha buhorobuhoro guhindura ivyiyumviro vy’abantu.

Address

Nairobi
00100

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Agaciro Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Agaciro Media:

Shortcuts

Share