God's children Abana b'Imana

God's children Abana b'Imana Evangeliste

20/09/2026

Ku w’Imana, 20 Nyakanga

*Ivyahishuriwe Yohana 14: 1-20*

*Ikibazo 1, 7*
- Amajambo nsomye, avuga iki canke avuga kuri nde?
- Ni ukuhe kuri Imana impishuriye muri ibi nsomye ?

*Ubwami bw’Imana tuzobushikamwo*

Abantu benshi barakunda kwibaza uko bizogenda k’umuhero w’isi, n’abazoja mu Bwami bw’Imana. Muri aya majambo, turabona Yohana yerekwa umwagazi w’intama ari wo Yesu Kristo ari kumwe n’igitigiri c’abantu bacunguwe kandi bariko bararirimba indirimbo nsha atawundi yoyimenya kiretse abo nyene bacunguwe (1-3). Abo nyene nibo babonetse ko batifatanije n’abarwanya Imana canke ngo biyanduze n’ikintu na kimwe. Gutyo babaye ab’Imana mu buryo budasanzwe kuko ari umwimbu wa mbere (4-5). Yohana yabandanije yerekwa uko isi izokwimburwa mu buryo butatu: hatangure ugatangazwa kw’ubutumwa bwiza bw’Imana (6-7); hasubire ugucirwa kw’amateka kw’abantu bibona nka Babuloni (8); hamwe no gucirwako amateka kw’abantu bose bakurikiye Antikristo (9-11). Ariko aremesha abakristo ko bakwiye kwihanganira amarushwa y’igihe gito kugira bashikire uburuhukiro bw’ibihe vyose (12-13). Arangiza yerekana igihano c’abanyavyaha mu kubagereranya n’imyimbu y’imizabibu iterwa kandi igakandagirwa mbere amaraso yabo agasendanisha kw’isi (14-20). Benedeta, ntitwirengagize ko Yesu azogaruka. Nimba turimumarushwa, tumenyeko ari ayigihe gito, twihangane kuko igihe kiza, cuzuyemwo umunezero kubihanganye.

*Isengesho: Mana, mpa kwihangana kugira ngo nzobe mu Bwami waduteguriye*

God's children Abana b'Imana

Reka tubiganireko  neza nkabakunzi banje sivyo ? ego  iyubushize mwambwiye ngo sindayikwiriye , kandi ikibanza mwampaye ...
19/09/2026

Reka tubiganireko neza nkabakunzi banje sivyo ? ego iyubushize mwambwiye ngo sindayikwiriye , kandi ikibanza mwampaye cabaye ciza cane mwarakoze gose 🥰🥰 none kuriyincuro naho mumbwize ukuri naka nako ntimwemerako umukobwa wanyu bakampa ??

kubipfuza kuntora mukumpa amahigwe mushobora guca kuri iyi link iri ngaha musi mukandika izina ryanje muri comantaire
https://www.facebook.com/share/1J6RF1yNiP/?mibextid=wwXIfr mukampa amahigwe ❤️🙏

turashimira cane Prophet of Jesus Joshua Joshua kubwo gushigikira Gospel mugihugu cacu , iriyerekwa ntirigahagarare rikomeze kwaguka cane 🙏

ndabakunda ❤️🙏
Alvella Muhimbare
God's children Abana b'Imana

19/09/2026

Ku wa gatandatu, 19 Nyakanga

*Ivyahishuriwe Yohana 13:1-18*

*Ikibazo 2, 5*
- Mbega ivyo nsomye, binyigisha iki ku Mana Data, ku Mana Mwana canke ku Mana Mpwemu Yera?
- Mbega mu vyo nsomye hari isezerano nsezeraniwe?

*Uhoraho niwe abigira akabigirura*

Kuva isi ikiremwa, ikibi, ubugarariji, umubabaro n’umuruho bitewe na Satani, vyamye bigomba kwiganza. Imana ishimwe kuko yamye ari umutabazi atabura guseruka, akanashiriraho akarimbi se kibi atarenga. Ivyo turabibona kuri Yobu aho Uhoraho yamushingiye akarimbi ntarengwa ko kudakorakugirango ntakore k’ubugingo bwiwe (Yob 2:6). Mu gisomwa duhejeje gusoma, Yohana yabonye ibikoko bibiri, vy’akatabonetse, biteye ubwoba, kandi bikora ibibi vy’akamaramaza, gushika n’aho arivyo bitegeka isi n’iyibirimwo vyose mu kurwanya abera b’Imana (4-11). Vyageze naho bitegeka abo mw’isi gusenga Satani mu gukora ibimenyetso n’ibitanganza mu maso yabo (13-17). Ariko muri vyose nk’uko Imana yamye igera ibihe, ikiringo co kuganza no kwigira ivyo cishakiye cari cashinzwe n’Imana, ni ukuvuga iminsi ntarengwa ingana n’ukwezi (5). Aya majambo aratwereka ko Imana ariyo yama ifise ijambo ryanyuma. Igihe cayo gikwiye gish*tse, ivyari vyishize hejuru bizocika ubusa, abigira agakomeye bazocika ibishingwe. Nawe usoma ano majambo, wirinde kwishira hejuru, kuko Imana igomvye kugushira hasi ni akanya isase igimvye kukwururutsa ntabiharuro yoshiramwo.

*Isengesho: Mana nuhimbazwe kuko ari wewe utegeka ibihe*

God's children Abana b'Imana

18/09/2026

Ku wa gatanu, 18 Nyakanga

*Ivyahishuriwe Yohana 12: 1-17*

*Ikibazo 2, 6*
- Mbega ivyo nsomye, binyigisha iki ku Mana Data, ku Mana Mwana canke ku Mana Mpwemu Yera?
- Mbega mu vyo nsomye, hari imburi nkwiye gushirako umutima ?

*Abizeye tureme kuko Satani yaraneshejwe*

Muri bino bihe, uwuvuga ukuri agatako agakora ivyiza asa n’aho atakibanza afise. Abizeye twohava twihenda tukiyumvira ko Satani umurwanizi azohava atsinda, maze ikibi kikanesha iciza. Ariko si ko biri, Yohana umwanditsi w’iki gisomwa, nawe nyene bivanye n’ibihe yarimwo, birashoboka ko ibi vyiyumviro yari abifise. Aha turabona ko Satani atashoboye kunesha intambara yari yasomboye yo kurwanya uyu mugore agereranywa na Isirayeli ubwoko bw’Imana (1-6). Kanatsinda, n’intara yo mw’ijuru yari yamunaniye kuko ukuneshwa kwiwe kwatumye akororerwa kw’isi avanwa mw’ijuru aho yari umurezi wa bene Data (7-10). Satani amaze gukororerwa mw’isi yagerageje kuguma arwanya ubwoko bw’Imana ari we wa mugore, ariko ntiyabishoboye. Intsinzi yagumye ari iya Yesu n’Ishengero ryiwe (13-18). No muri iki gihe cacu, n’ubwo biboneka ko ibikorwa vy’umwansi Satani bishishikara kwiyongera, abizera dukwiye kurema kuko intsinzi ni iya Kristo n’Ishengero ryiwe.

*Isengesho: Mana duhe kurema kuko watuneshereje umwansi*

God's children Abana b'Imana

17/09/2026

Ku wa kane, 17 Nyakanga

*Zaburi 122:1-9*

*Ikibazo 4, 7*
- Mbega mu vyo nsomye hari itegeko nkwiye kwumvira?
- Ni ukuhe kuri Imana impishuriye muri ibi nsomye ?

*Dusabire amahoro igihugu cacu*

Muri kino gihe cacu abantu baramenyereye kuja mu makoraniro yo gusenga, guhimbaza no kwumva ijambo ry'Imana. Kubera ako kamenyero, hari abafata ivyo bikorwa nk'ibisanzwe. Umwami Dawidi ati naranezerewe igihe bambwira ngo tuje mu ngoro kwa Data (1). Yaranezerwa no gushika imbere ya Yerusalemu n'ingene hasa kuva hubatswe. Ariko rero canecane yaranezerererwa ibikorwa vyiza vyahakorerwa nko guhuza imiryango yose baduze gusenga no guhimbaza Imana bishimikije amabwirizwa yabahaye (2-3). Ikindi ni uko ari ho hakorerwa ibikorwa vy'ubutungane hakaba n'ingoro y'umwami Dawidi (5). Yaciye asaba ko Yerusalemu hokwama ari umurwa w'amahoro nk'uko nyene izina ryawo rivuga, amahoro akaba mu nyubakwa zose no mu bantu b'Imana hakaba kuroranirwa. Natwe abakunda gusenga twame dusengera abera bose tubasabire amahoro. Ikindi dukunde cane ibibanza Imana yaduhaye tuja kuyihimbarizamwo kandi dusengere igihugu cacu kibemwo amahoro (1 Ngoma 17:14). Nitwabikora gutyo Imana izotwumva iduhezagire n’ivyacu vyose.

*Isengesho: Mana, nshoboza gukunda igihugu canje no kugisabira amahoro*

God's children Abana b'Imana

16/09/2026

Daniel,Chadraque na Bedunego mwitanure ry'umuriro

16/09/2026

Ku wa gatatu, 16 Nyakanga

*Zaburi 121:1-8*

*Ikibazo 2, 5*
- Mbega ivyo nsomye, binyigisha iki ku Mana Data, ku Mana Mwana canke ku Mana Mpwemu Yera?
- Mbega mu vyo nsomye hari isezerano nsezeraniwe?

*Uhoraho ni umutabazi kandi ni umucunguzi wacu*

Iyi Zaburi iri mu mazaburi 15 yari agenewe kuririmbwa n’ingenzi canke Abaherezi baduga ingazi 15 zija k’urusengero rw’i Yerusalemu muri ya misi mikuru itatu yaba mu mwaka (Gus. 16:16). Bariko baraduga baca mu misozi yo mugihugu, vyabibutsa ko Imana yaremye imisozi ariyo ibabungabunga (1-2). Mbere ijisho ry’Uhoraho rihora kubasavyi biwe kandi ntagishobara kubashikako atakibonye, kuko ahora ari moso (3-4). Imana idukingira ivyago vyose ku murango no mw’ijoro (5-6). Ino zaburi ishishikara itwereka ibikorwa bihambaye vy’Uhoraho: amasezerano yokuzigama abantu biwe, no kubabera maso no kubabera igitutu. Igitutu n’igicapo c’ikintu kiboneka kimurikiwe n’umuco, canecane w’izuba. Gifasha kurinda abantu canke kugabanya uburakari bw’izuba n’indugumba ritera. Umwanditsi abandanya aha ivyizigiro abantu b’Imana, ko bazozigamwa bakarindwa ibibi vyose (7-8). Mubariho no mubakomeye nta n’umwe adusezeranira ivyo kiretse Imana. Nimuze twizigire Uhoraho Imana yacu, azokomeza kuturinda.

*Isengesho: Mana, muri wewe niho nshize ivyizigiro vyanje*

God's children Abana b'Imana

06/09/2026
Vyiza cane Imana ishimwe iyi niyo ndirimbo yambere nsohoye nigitanganza rero nsaba munshigikire mukugira abonner ,j'aime...
29/08/2026

Vyiza cane Imana ishimwe iyi niyo ndirimbo yambere nsohoye nigitanganza rero nsaba munshigikire mukugira abonner ,j'aime nama partages musangize abandi ahashoboka murakoze

https://youtu.be/2PGgP-8Amek?si=a2ZCs372bw4t9Q92

ubu ni ubutumwa umuririmvyi Bénésith Manariyo (canke uvuge Benny)
icusabwa ubwambere fyonda kuri s'abonner
God's children Abana b'Imana

Nyd de videoer og den musik, du holder af, upload originalt indhold, og del det hele med venner, familie og verden på YouTube.

Address

By Pass Ruai
Nairobi
121323

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when God's children Abana b'Imana posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share