12/04/2026
๐ด Akamo kuri PGR Rose Nkorerimana : hazopfa ba Belyse Kaneza bangahe kugira murekure abanyororo bose bajejwe be n'abahejeje umunyororo ?
Inkuru y'urupfu rw'umupfasoni Kaneza Belyse yasize agahinda mu bantu benshi. Kwumva ko uyu muvyeyi yejejwe na Sentare ariko akaguma apfunzwe, bikarangira igisasu kimusanze mu Mpimba kikamwica, biravuna umutima.
Abanyororo bahejeje umunyororo ariko bakaguma bapfunzwe, abandi bejejwe n'amasentare ariko bakaguma bapfunzwe, ni benshi cane. Imvo ituma batarekurwa ntiyigera ishirwa ahabona. Hari abagumayo kubera iperereza ryanse ko barekurwa. Hari abezwa, parquet ikaca yunguruza. Ku bw'amategeko, umunyororo yejejwe yategerezwa guca arekurwa akaburana yidegemvya, ariko parquet zihitamwo kuguma zibapfunze.
๐ด Nyakubahwa Mushikirizamanza Kizigenza wa Republika
Iyumvire gato umusi wahuye n'umwana wa Belyse Kaneza mu myaka nka 20 iri imbere. Hanyuma umwana akakubaza : ni wewe wagumye upfunze Maman yarekuwe, hanyuma igisasu kimusanga mu Mpimba kiramwica ? Uziregura gute ? Uzovuga ko ari abandi ba procureurs babikoze ? Kandi ari wewe utanga amategeko kuri ba procureurs bose bakayubahiriza ?
Abakuzi bose bavuga ko uri umupfasoni wubaha Imana kandi ko wanka akarenganyo. None bigenda gute ngo ntufate ingingo irekura abanyororo bose bejejwe n'amasentare be n'abahejeje umunyororo bakatiwe ? Wemera gute kwambara ako karenganyo ? Habuze iki ngo ufate ingingo ituma ivyo bintu bihagarara ?
Urupfu rwa Belyse Kaneza rwari rukwiye kwugurura amaso y'ubutungane bwose bw'Uburundi. Birababaje kubona mutigeze munashika mu Mpimba kuremesha abasigaye, inyuma y'ivyabaye mu ndwi iheze. Ariko, kw'izina rya Belyse Kaneza, nimwerekane umutima wa Kivyeyi musohore abategeterezwa kurekurwa bose.
๐ด Akabazo kanje ni kamwe gusa : ububasha bwo gupfunga umuntu yejejwe na Sentare be n'umuntu arangije umunyororo wiwe mubukura hehe ? Kugira murenzeko umusi umwe gusa, mwisunga irihe tegeko ?