14/07/2026
**🚨🇫🇷🇪🇺 MACRON: “Uburayi butegerezwa kwitegurira kurwana”**
Perezida w’Ubufaransa **Emmanuel Macron** yavuze ko **Uburayi butegerezwa gukomeza kwubaka ubushobozi bwo kwirwanira**, mu gihe amakimbirane mpuzamakungu ariko ariyongera.
Mu **majambo yashikirije imbere y’ingabo z’Ubufaransa mu birori vyo kuvuga ku bijanye n’ingabo n’umutekano**, Macron yavuze ati: *“Ego, amahoro ni yo ntumbero yacu. Ego, turubaha umwidegemvyo n’amategeko. Ariko kandi twiteguye kurwana kugira tubirwanire, naho vyosaba gutanga amaraso.”*
Iryo jambo ryashikirijwe mu gihe c’impungenge ziri hagati y’ibihugu bikomeye kw’isi, cane cane kubera intambara yo muri **Ukraine yatanguye ku wa 24 Ruhuhuma 2022**, hamwe nomubindi bice bitandukanye vy’isi.
Macron yavuze ko **Uburayi bugomba kuba inguvu zigenga mu vy’umutekano**, atari ukwama bushingiye gusa ku bufasha bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika biciye muri **NATO/OTAN**. Yasavye ko ibihugu vya Buraya vyokwongereza imfashanyo y’amafaranga agenewe ingabo, hakoreshejwe imfashanyo iva mu nzego z’Uburayi, mu bihugu vyavyo no mu banyamitahe bigenga.
Muri ayo majambo, umukuru w’Ubufaransa yaraneguriye kandi ukudatera imbere kw’umugambi w’indege y’intambara y’Uburayi witwa **SCAF (Système de Combat Aérien du Futur)**, umugambi wateguwe cane cane n’Ubufaransa n’Ubudagi kugira habeho indege nshasha y’intambara yo mu myaka iza.
Ibi vyatumye hasubira kwibazwa ku hazoza h’**ingabo z’Uburayi** n’ubushobozi bwavyo bwo kwikingira mu gihe isi iriko irahinduka mu vya gisirikare.
Abasesanguzi bavuga ko aya majambo ya Macron ari igisata c’umugambi wo gushimangira **ubwigenge bw’Uburayi mu bijanye n’umutekano**, ariko kandi ko yerekana ukudahuza gukomeye kuri hagati y’abashaka kongera inguvu za gisirikare n’abashaka ko Uburayi bushira imbere cane uburyo bwa diplomatike
Izindi nkuru muzisanga ngaha :
https://whatsapp.com/channel/0029Vb81Jf83wtb2fVWIl03y
🇫🇷 🇪🇺