30/10/2025
👥 "Ibice birenga 4% vy’Abarundikazi nta mahirwe bafise yo kuronka abagabo"
☝🏿Ivyo uwurongoye ishirahamwe Aluchoto ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ubushomeri, n’aka mwana wa mama, yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 30 Gitugutu 2025, ku bijanye n’itegeko rigenga ingo n’imiryango. Vianney Ndayisaba afatira ku bitigiri biri muri rusansuma ruheruka mu mwaka wa 2024.
💬 Agira ati : "Muri rusansuma, abigeme bangana 530 650, ni ukuvuga ibice 4,4 % ntibafise amahirwe na matoya yo kuzoronka ingo, ntibazoronka abagabo kuko itegeko ry’Uburundi tugenderako uno musi rivuga yuko ata mugabo n’umwe mu Burundi arekuriwe gutwara abagore babiri."
👨🏿Vianney Ndayisaba abona rero ko umuti ari uko hajaho itegeko rirekurira abigeme gutorana. Ati : "Muri Aluchoto, turabona neza ko ritegerezwa kuba itegeko mu mategeko agenga igihugu kuko hamaze kuboneka umugwi w’Abarundi, abigeme, ata guca hirya no hino, batazoronka amahirwe yo kuronka ingo. Turipfuza ko mw’itegeko ririko rirategurwa hoshirwamwo yuko abigeme batarongowe baronswa uburenganzira bwo gutorana co kimwe na basaza babo."
👉🏿Uwo arongoye ishirahamwe Aluchoto amenyesha ko itegeko rigenga ingo n’imiryango ubu ririko rirasubirwamwo, rikwiye guha ikibanza kibereye abigeme batagiye ku bagabo ngo kuko ritabatunganiriza. Arerekana kandi ko hari n’abana iryo tegeko ridaha ikibanza. "Harimwo kandi agahaze aho tubona abana benshi mu mabarabara kubera kutagira ba se kuko nta ndinganizo itomoye yerekana ingene umwana ashobora kumenya se."
✍🏿 Rusansuma y’Abarundi iheruka y’umwaka wa 2024 yerekana ko Abarundi bose barenga imiriyoni 12. Muri abo, abarenga ibice 52,2% ni igitsina gore mu gihe ibice 47,8 % ari igitsina gabo.