Up tv Burundi

Up tv Burundi follow UPTVBURUNDI On Facebook, tiktok, YouTube, Instagram.hits music and Hits news.

  🔴 Umwihwezo w'intwazangabo : "Igisirikare c'Uburundi gisigaye gicuritse, abasoda bato barusha amashure ba Jenerali !"I...
19/12/2023

🔴 Umwihwezo w'intwazangabo : "Igisirikare c'Uburundi gisigaye gicuritse, abasoda bato barusha amashure ba Jenerali !"

Inyuma y'uko hari abasoda b'Uburundi barahiye gusubira ku rugamba rwo kugwana na M23 muri Nord-Kivu, hari intwazangabo mu gisirikare c'Uburundi yaturungikiye uyu mwihwezo. We ashimika kwerekana ko hari impinduka ikomeye iriko iraba mu gisirikare naho abakirongoye batabibona, avuga ko igisoda c'Uburundi gifise abasoda batoya bize, bafise amashure kurusha na bamwe mu bajenerali. Avuga ko abasoda nk'abo bisaba kubumvisha neza urugamba bagiyeko. Abasirikare b'incabwenge gutyo barakeneye ko indongozi zabo nazo nyene ziba ziciye ubwenge.

🔴 Ibiherutse kubera muri Congo si ibintu bisanzwe

"Ibiherutse kubera muri Congo ntibisanzwe mu mateka y'igisirikare c'Uburundi. Kubona abasoda batoya babwira Général Muzinga ko badashobora gusubira kuja kugwana na M23, kubona bamubwira icese ko bakeneye kwitahira mu Burundi kandi bakabikora, kubona bahitamwo kuja gupfungwa hako baja ku rugamba, ivyo bigakorwa n'abasirikare amajana, si ikintu gisanzwe.

Birahambaye ko abarongoye igisirikare bicara bakiyumvira umutima uri hamwe impamvu abasoda batoya bigenjeje gutyo imbere ya Général muzima. Abasoda ubegereye barasigura neza ko batumva iyo ntambara barimwo, barasigura neza ko bahemukiwe n'igisoda ca Congo ku buryo badashobora kucizigira ukundi, barasigura neza ko badatahura ingene igisirikare kititwararika imiryango y'abasoda bahitanywe n'iyo ntambara. Ico batubahuka kuvuga ku mugaragaro ni ikibazo c'amafaranga Congo yoba iriha ibikorwa vyabo ariko bo ntibayahabweko. Bino bibazo vyabo birakomeye kandi birakeneye inyishu."

🔴 Abasoda b'incabwenge barasigurirwa, ntibaterwa ubwoba !

"Ico abatwara igisirikare bataratahura nuko abasoda b'ubu batameze nk'abakera. Kera, abasoda batoya (hommes de troupe) wasanga bize gushika mu mwaka wa gatandatu w'amashure y'intango canke ugasanga ntibanahejeje amashure matomato. Ibisongerezi vy'intwazangabo vyaba vyize

   8 irarumanye Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere anyurujwe !Cyprien Nihorimbere yari icegera c'umukuru w'igipolisi...
19/12/2023

8 irarumanye Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere anyurujwe !

Cyprien Nihorimbere yari icegera c'umukuru w'igipolisi kijejwe imbibe (PAFE), mu ntara ya Ngozi. Yari n'umugwizatunga, afise ihoteri ku murwa w'intara ya Ngozi, amazu, imirima n'amararo. Abamuzi bamuvuga nk'umugabo yakundana, yari afise abagenzi benshi. Mu magume ya 2015, Cyprien Nihorimbere yoba yarafashije abariko barahunga kujabuka imbibe ngo ntibicwe. Ico camubereye icaha kidaharirwa mu butegetsi bwa Prezida Nkurunziza.

Umusi wo kw'igenekerezo rya 17.12.2015, Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere yawumaze igice kinini muhira iwe. Ku kagoroba, yahavuye aja guteramira kw'ihoteli yiwe, Laurence Guest House, iri ngaho ku murwa mukuru wa Ngozi. Aho niho amabarabara yose ajana kw'iyo hoteli yaca yugarwa, ashirwako abapolisi bacunga ngo ntihagire uwusubira kwinjira. Itegeko ryatanzwe na Commissaire Abraham Bigirindavyi yatwara igipolisi mu ntara ya Ngozi. Cyprien Nihorimbere ntiyari azi ko ahantu hose vyari vyash*tse akaja ku murango yari yagumye akurikiranwa.

Haciye akanya Cyprien Nihorimbere ari kw'ihoteli yiwe, niho haza imodoka yo mu bwoko bwa camionnette Toyota Hilux yirabura ifise ibiyo bitabona, ica ihagarara hanze inyuma y'imodoka ya Cyprien Nihorimbere. Abayirimwo bari bambaye imyambaro y'igipolisi. Umwe muri bo, arasohoka imodoka, atumbera umunyezamu, yigira uwurondera icumba mw'iyo hoteli, asaba umunyezamu guhamagara sebuja kugira bavugane. Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere aritaba, wa mukiriya atera amwegereza hamwo ku modoka, ayishikiriye abayirimwo bamusimbirako, bamuterera muri ya modoka yabo, bamwicarako, bamwambika ikintu mu mutwe baca baragenda. Cyprien Nihorimbere yaragerageje kwigwanira arananirwa. Nii nayo mpamvu bukeye, aho yafatiwe, hatowe amarori n'imfuguzo za Cyprien Nihorimbere be n'inkofero y'umwe mu bapolisi bamunyuruje.

Amakuru dufise yemeza ko abanyuruje Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere boba bari barongowe na Brigadier Jonas Ndabirinde

   biherutse : ingoro y'umugambwe CNL ku mutumba Ruringe muri komine Muhuta yaraye ibomowe.Ingoro y'umugambwe CNL ku mut...
19/12/2023

biherutse : ingoro y'umugambwe CNL ku mutumba Ruringe muri komine Muhuta yaraye ibomowe.

Ingoro y'umugambwe CNL ku mutumba Ruringe muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge yaraye ibomowe n'abantu batazwi mw'ijoro ryakeye. Muri CNL bakeka Imbonerakure ko arizo zabomoye ingoro yabo. Bavuga kandi ko ababomoye iyo ngoro baciye kwiba intama z'umukenyezi w'inyankamugayo.

Urugendo rujana ku matora ya 2025 rutera ruba nabi. Umugambwe CNL umaze amezi menshi utarekuriwe gutunganya amanama mu gihugu. Umurwi uzotunganya amatora uherutse gushirwaho, uboneka wiganziwe n'umugambwe CNDD-FDD, bamwe mu bawugize basanzwe baravuzwe mu busuma bw'amatora be n'ugutoteza abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Mu gihugu haratanguye kuvugwa amakarashishi y'imbonerakure zituka abatavuga rumwe n'ubutegetsi. None hasubiriye kuvugwa ivyo gusambura ingoro za CNL ...

Prezida Ndayishimiye ati : "igihugu kirabangamiwe n'amadayimoni". Nibaguma bayavuga ntibayagwanye, azotabagaza igihugu. Ubwo nabwo ni .

   Nkuru ya Repuburika y'Uburundi   iraburira abantu bose ku bikorwa bitemewe bimaze imisi vyibonekeza mu turwi two guha...
14/12/2023

Nkuru ya Repuburika y'Uburundi iraburira abantu bose ku bikorwa bitemewe bimaze imisi vyibonekeza mu turwi two guhanahana amafaranga vyitwa "ibirimba" canke "Cirques" hamwe n'ibikorwa mu ruyeri rw'ukudandaza amafaranga vyitirirwa ngo ni ukuduzanya.

  Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yicishijwe isumu,  Prezida Ndayishimiye ari mu bagirizwaInyuma y’imyaka itatu n’ig...
11/12/2023


Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yicishijwe isumu, Prezida Ndayishimiye ari mu bagirizwa

Inyuma y’imyaka itatu n’igice Prezida Nkurunziza yitavye Imana, umwe mubamenyeshamakuru b’abarundi yagarutse kuri urwo rupfu. Uwo mumenyeshamakuru yahawe agashimwe n’imboneshakure CNN mu mwaka wa 2016 kubera ibikorwa vyiwe vyo guharanira ubwingenge bw’ibimenyeshamakuru muri Afrika, yamenyesheje ko afise ivyemezo ko Prezida Nkurunziza atishwe n’urw’akarago ahubwo yahawe isumu na bamwe mubagumyabanga bari basangiye kurongora Uburundi.

« Mfise ivyemezo nshobora no gutanga imbere y’ubutungane bibaye ngombwa », ayo niyo majambo Bob Rugurika yabwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yagiranye nabo kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo uno mwaka.
Ikiganiro yaremesheje kugira agaruke ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza, urupfu vyasa nuko atawe rushishikaje gushika aho. Muri ico kiganiro nta vyinshi yamenyesheje, umuyobozi wa Radio RPA yagize ati « Ndaretse Reta y’Uburundi abe ariyo iha umuco abarundi n’amakungu nku mvo z’urwo rupfu, urupfu atari urw’akarago. »
Reta y’Uburundi ntaco yabivuzeko. Inyuma y’iminsi irenga cumi, Bob Rugurika nkuko yari yabisezeranye, yaciye atanga ayandi makuru kubijanye n’urupfu rwa Petero Nkurunziza hari mu kiganiro IJAMBO NI RWAWE ca Radio RPA co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Kigarama.
Uwo mumenyeshamakuru yatanganje irya mbere urupfu rwa Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2020, amasaha atari make imbere yuko Reta y’Uburundi imubika, avuga ko Prezida Petero Nkurunziza yishwe n’isumu « ryaguriwe mu gihugu ca Tanzania mu karere ka Mwanza. » Isumu ryaguzwe rigenewe Prezida Nkurunziza.
Bob Rugurika azwi cane kubera amatohoza amaze gukora ku ma dossier atandukanye akomakomeye, atunga agatoke uwurongoye Uburundi muri kino gihe. « Ndafise ivyemezo ko Prezida Evariste Ndayishimiye azi neza ibijanye n’urwo rupfu kandi ko ari kw’isonga ry’ababuteguye. Yategerezwa guha umuco abarundi. »
Ikindi uwo mumenyeshamakuru yagize amatohoza yamenyesheje nuko P

   🔴 Umusirikare agiye kuba uwa nde ? Muri Congo yicishwa n'abo agwanira, mu Burundi akurwa agahuzu n'abamujejwe !Abasir...
11/12/2023

🔴 Umusirikare agiye kuba uwa nde ? Muri Congo yicishwa n'abo agwanira, mu Burundi akurwa agahuzu n'abamujejwe !

Abasirikare baherutse gutahanwa inyuma yo kwanka kugwana na M23 muri Nord-Kivu bari mu magorwa atagira izina. Bano basirikare bash*tse mu Burundi ku wagatandatu ku mugoroba. Ejo haheze, baragabanganywe mu makambi atatu : Muzinda, Mujejuru na Cibitoke. Intwazangabo zajanywe mu busho bwa Police Militaire i Bujumbura. Bose hamwe bababa amajana abiri.

🔴 Bapfunzwe batambaye agahuzu

Amakuru twakuye mw'ikambi ya Muzinda no mw'ikambi ya Mujejuru avuga ingene bano basoda bafashwe nabi cane.

Uwuri ku Muzinda yanditse ati :

"Amahoro. Ubu tuvugana ndi mw'ikambi ya Muzinda, imwe mu makambi abavuye Congo bashikiyemwo. Ejo barabambuye impuzu z'igisoda. Ni ukuvuga ko ubu bari mw'iboka. Ubu naho bariko basambisha umuntu umwumwe. Nta n'ikambambiri bafise. Ntibemera ko tubonana nabo, kandi barabaciyemwo imirwi itatu, bamwe bari hano ku Muzinda, abandi i Mujejuru, abandi bakeya mu Cibitoke. Nimudufashe bije ahabona kandi mubwire abarongoye igisirikare ko tutabishigikiye."

Uwuri i Mujejuru nawe yanditse ati :

"Nagira ndabamenyeshe ko ba basirikare bava muri Congo, hariho abazanywe mw'ikambi ya Mujejuru. Abaje hano barafashwe nabi cane. Ubu burakuye impuzu, basigaranye utubura two musi n'udupira two musi ku bari batwambaye. Biratubabaza cane, kubona abantu barakuwe umwambaro w'igihugu bajanwa mu mahanga bambaye umwambaro n'ibendera rya RDC, barahemukirwa, abatari bake bagwayo, none abarokotse bafashwe ukuntu guteye isoni gutya ! Ibi bintu ntubizijana."

🔴 Abasigaye i Goma nabo baraganya

Abasirikare batubahutse gutaha kubera ugutinya nabo batwandikira ingene bariko barasubizwa ku rugamba ku nguvu. Umwe muri bo yanditse ati :

"Ndabaramukije cane. Mpora mbona mukunda gutabariza abasirikare n'abandi baba bari mu bibazo bitandukanye. Nanje ndi umwe mu basirikare bari kubona amakuba atandukanye ngaha i Goma. Abasirikare twarasanzaye turabu

   🔴 Boba ari abasirikare b'Uburundi ?Hari imbuga zo muri Congo zemeza ko bano ari abasirikare b'Uburundi bari baraye ba...
09/12/2023

🔴 Boba ari abasirikare b'Uburundi ?

Hari imbuga zo muri Congo zemeza ko bano ari abasirikare b'Uburundi bari baraye barokotse mu bitero bidasanzwe M23 yari yaraye ikoze ku birindiro vy'abarundi muri Masisi.

Kuri runo rubuga nta kintu twigera twemeza tutagihinyuje. Uwogira uwo amenye muri abo basirikare atwandikire. Nimba ari abarundi, hari imiryango ishobora guhumurizwa ikabonamwo abayo itari ifise amakuru y'aho bageze.

🔴 Abasoda barokotse barahiye bararengwa gusubira kuja kugwana muri Masisi.

Ku rubuga, abasirikare b'Uburundi bashoboye gushika ahitwa Sake barahiye bararengwa gusubira ku rugamba. Abo twavuganye batubwiye ko babemereye kubajana i Goma, hanyuma bakabandanya i Bukavu muri Sud-Kivu aho imodoka z'Uburundi zizoza kubatora.

Amakuru twaronse aremeza ko hari abasoda bari batakaye batanguye kuboneka. Abo ni nka Commandant wa bataillon y'indwi muri TAFOC yari yabuzwe irengero kuva ejo. Bataillon y'umunani na bataillon y'indwi muri TAFOC nizo zakozweko cane n'iyo ntambara yarai yaraye ibaye, ariko hariho n'abandi bo mu zindi bataillons bakozweko n'ico gitero. Amakuru aravuga ko hari abasirikare kugeza ubu bataraboneka, bakiri mu mashamba iyo bahungiye. Ikitavuzwe co nico kumenya ibitigiri vy'abasirikare baguye muri iyo ntambara. Umusirikare wese ariyo yishura ati : "ibara ryaraguye, ntawushobora kumenya ibitigiri kubera TWESE twarahunze, ntitwoshobora gutora ibiziga vy'abacu. Nta n'umwe azi uko bangana.". Uyu musi hamye herekanwa amakamyo y'igisirikare yuzuye ibiziga, bamwe bavuga ko ari ivy'abasirikare b'Uburundi. Ntitwaronse amasoko yemeza ko koko ari abasoda b'Uburundi.

Amakuru ya nyuma twaronse ku mugoroba nuko abasirikare b'Uburundi birukanywe uno musi ku bindi birindiro bitari mu gace kari karaye kabereyemwo intambara. Ariko uno musi ho abarundi bagize "repli tactique ", ntibarindiriye ko baza kubicira mu birindiro vyabo.

Abasirikare b'Uburundi twaganiriye bavuga ko bafise ubwoba ko igisagara ca Goma gishob

    yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi yaciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.  Amatu...
08/12/2023


yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi yaciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose. Amatungo yiwe yafashwe.

Désiré Uwamahoro yahoze arongoye igipolisi kigwanya imigumuko yaciriwe imyaka 15.

Uretse umupolisi umwe w’umushoferi yambitswe izera, abandi bane baciriwe igihano kiri hagati y’imyaka iva kuri itatu gushika kuri 15.

Inkuru dukesha ikinyamakuru B-NP Media.

Reposted from:

  🔴 Ewe Congo, emwe ndongozi z'Uburundi !Ingabo z'Uburundi muri Nord-Kivu zaraye mu gahinda kenshi cane. Canecane abasir...
08/12/2023


🔴 Ewe Congo, emwe ndongozi z'Uburundi !

Ingabo z'Uburundi muri Nord-Kivu zaraye mu gahinda kenshi cane. Canecane abasirikare bari muri Bataillon y'umunani na bataillon y'indwi muri TAFOC.

Mu buca bw'ejo haheze (7.12.2023), abasirikare b'Uburundi baratewe na M23 ku birindiro vyabo biri muri Masisi. Intambara itoroheye abasirikare b'Uburundi, barata baromoka, M23 irigarurira uturere bari bajejwe.

Amajwi y'abasirikare b'Uburundi yaraye arahanahanwa kuri WhatsApp arateye ubwoba. Amakuru dukura mu masoko yacu mu gisirikare arateye agahinda. Ibikuru bikuru bigaruka muri ayo majwi be n'ayo makuru ni ibi bikurikira :

1. Harapfuye abasirikare benshi ku buryo abasoda bonyene bivugira ko bahahamutse badakeneye gusubira kuja kugwana muri Masisi. Abasoda bavuga ko bitazoroha no kumenya neza abapfuye uko bangana.

2. Abasoda barasanzaye, bahunze mu rudavagi. Ubundi iyo babonye ko urugamba rutameze neza, abasirikare barumvikana ingene bakinjura bakaja kwisuganya gushasha (repli tactique). Siko vyaraye bigenze. Umusirikare wese yatunzwe n'ayo yameze, bata ibirwanisho n'ibikoresho vyinshi, bafata inzira zitandukanye, baratatana. Hari abatwandikiye bavuga ko bari mu mashamba batazi ingene bazoshikira ibarabara, hari abandi batwandikiye bavuga ko bageze ku nkengera z'ikiyaga Kivu. Hari abatubwiye ko bahisemwo kugenda n'amaguru gushika muri Sud-Kivu.

3. Abasoda benshi bavuga ko badakeneye gusubira guhendwa ngo baje kugwana na M23 kandi abasoda ba Congo badashaka kugwana. Abasoda b'Uburundi baridoga cane ingene abasoda ba RDC babatana urugamba ngo abarundi bararishwe amafaranga menshi nibagende bawote. Baraye batubwiye ingene bamwe mu basoda basa n'abagumukanye umukuru wa Compagnie ya kabiri muri Bataillon 7 ya TAFOC ariko abahatira gusubira ku rugamba. Abasoda babona ko uwo mu chef wabo ashaka kubicisha. Iyo compagnie ikibanza yarimwo nticatewe ariko nabo bari bahataye baragenda. Abo basirikare bipfuza gusubizwa ahitwa Sake, hanyuma Goma, hanyuma Sud-Kivu.

   🔴 Amazina y'abandi basirikare baguye muri Congo yatanguye kumenyekana.Kugeza ibitigiri n'amazina vy'abasirikare b'Ubu...
08/12/2023

🔴 Amazina y'abandi basirikare baguye muri Congo yatanguye kumenyekana.

Kugeza ibitigiri n'amazina vy'abasirikare b'Uburundi bahitanywe n'intambara yabaye ku wambere uheze (4.12.2023) ntibiramenyekana. Abasirikare bari muri Congo bo bavuga gusa ko iyo ntambara itari yoroshe na gatoya, ko ariyo yambere yahitanye benshi. Ibitigiri twari tumaze kuronka ejo ku mugoroba vyavuga abasirikare 13 bahasize ubuzima n'abandi 40 bakomeretse. Ariko n'ivyo vyari ibiharuro vy'imfatakibanza kubera hariho abatazwi iyo bari.

Twari tumaze kubaha amazina y'intwazangabo zibiri, Major Onesphore Ndayiragije batazira Bigohe na Major Pascal Ngendakumana batazira Faraja, baguye muri iyo ntambara. Imiryango imwimwe yatumenyesheje ko abagenzi batanguye kubabikira. Ariko igisirikare co ntaco kirabwira imiryango

Abamaze kumenyekana ni :
1. Caporal-chef Clément Havyarimana (Matricule 76010/HR23005), yavutse mu 1983 ku mutumba wa Kinyinya muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Clément Havyarimana yari yinjiye mu gisirikare c'Uburundi muri rusama 2009 avuye muri Palipehutu-FNL.

2. 1ère Classe Cassien Hatungimana (Matricule 80498/HR25122), yavutse mu 1993 ku mutumba wa Burengo muri komine Matongo, intara ya Kayanza. Yari yinjiye mu gisirikare c'Uburundi muri 2015.

3. 2ème Classe Edson Izobampa (Matricule 87825/HR30956), yavutse mu 1999 ku mutumba wa Ruhagarika muri 2021. Yari amaze imyaka ibiri gusa mu gisirikare, ni nawe musirikare akiri muto cane mubo twamenye bamaze guhitanwa n'intambara barimwo na M23.

🔴 Imiryango yabuze irababazwa n'agacerere k'igisirikare c'Uburundi

Imiryango yabuze ibandanya gusaba ko igisirikare coza kiribuka iyo miryango. Birababaje kubona abasoda bapfa, imiryango ikabikirwa n'imbuga ngurukanabumenyi, Igisirikare kikigumira mu gacerere. Haraho haca imisi myinshi igisoda ataco kivuze kandi imiryango iba yaramaze kuronka aya makuru maze imiryango ikaguma mu gahinda ko kutamenya neza icabaye. Ahandi naho, imiryango irab

  Inyuma y'amarorerwa yari amaze imisi akorera muri BSR, Lieutenant-Colonel Jacques Nijimbere arungitswe kurongora igipo...
08/12/2023



Inyuma y'amarorerwa yari amaze imisi akorera muri BSR, Lieutenant-Colonel Jacques Nijimbere arungitswe kurongora igipolisi mu ntara ya Cibitoke.

Tubisanga mw'itegeko rya Prezida Ndayishimiye rigena abapolisi batari bake mu mabanga atandukanye.

Mu Burundi amajambo meza ni menshi, ingiro ni zero. Nivyo Prezida Ndayishimiye yita n'ubuswahili.

📸 ifoto y'ikinyamakuru AKEZA.NET

07/12/2023

Address

Mbarara

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Up tv Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category