11/23/2025
! ukaza wumva ngo dushaka abarwizatunzi mva makungu.Mugihe n'abarwizatunzi b'abarundi bafatwa nabi baturirwa ibidandazwa vyabo izuba riva kumugaragaro.
Nimugihe haherutse guturwa ikontineri 40 zibidandazwa bitandukanye bigizwe n'impuzu, ama tapi,ibitambara N'ibindi, vy'ishirahamwe Tanganyika business company vyumugwizatunzi w'umururdi vyafashwe nishirahamwe OBR.
Umwihwezo wa Radio Television de la Jeunesse africaine pour le developpement.
Nigute ibidandazwa nkivyo bishobora guturirwa mugihe muburundi hari abakene bakeneye ivyambarwa? nigute ibidandazwa nkivyo biharurwa mumamiriyaridi arenga 4 bishobora guturirwa hakudandazwa icamunara amahera akaja mukigega ca reta?
Mubisanzwe guturira ibidandazwa nkabirya nigihombo kugihugu na banyagihugu, no kuba nyamitahe babarundi kuko baca babona ko atagaciro bahabwa bikarangira bagiye gukorera hanze y'igihugu kuberako babonako babandanya bagwa mugahombo, kubera ikigo OBR kibaka itax yumurengera! nababanyimitahe mva makungu ntibazoza gukorera mugihugu babonako OBR ibaca amahera menshi banka kuyiriha bikarangira ibidandazwa vyabo bituriye.
Hariho abantu Rwagasore yavuzeko ari imihimbiri muvyukuri ntabuhimbiri busumvya burya bwo guturira ibidandazwa nkabirya mugihe tuziko mugihugu hariho abatishoboye bari kubihabwa kuko hariho nabahakwa kugenda ubusa kubera kubura ivyambarwa bambara.
Ikindi OBR yari kuraba vyukuri birya bidandazwa ikabigirisha icamunara Hama amahera ikuyemwo ikiriha itaxe yari yasavye ishirahamwe Tanganyika business company, Hama ayasigaye ikayaha ishirahamwe Tanganyika business company.
Kuko guturira ibidandazwa nkabirya siwo muti nimba atazindi mvo ziba zirimwo kuko birya vyakozwe nigihombo kugihugu no kubenegihugu ariyo mpamvu abakoze birya bobibazwa n'ishirahamwe Tanganyika business company rigashumbushwa kuko ryarahohotewe nikigo OBR muguturira ibidandazwa vyabo, nimugihe ikigo BBN bobo bahakana ivyo bagirizwa ko bafise uruhara mwiturirwa vyiryo bidandazwa.
Radio Television de la Jeunesse africaine pour le developpement.