07/09/2022
Jose Eduaro dos Santos yaryamiye ukuboko kw'abagabo
AHAVUYE ISANAMU, GETTY IMAGES
Insiguro y'isanamu,
Dos Santos yarwaniye ukwikukira kwa Angola mu nyeshamba za MPLA
8 Ukw'indwi 2022
Leta ya Angola yatangaje urupfu rw'uwahoze arongoye ico gihugu, Jose Eduardo dos Santos.
Yarafise imyaka 79 kandi yari mu bitaro muri Espagne kuva mu kwezi guheze nyuma yo gufatwa n'umutima.
Yarwanye urugamba rwo kurondera ukwikukira kuri Portugal ari mu mugwi w'inyeshamba wa MPLA.
Nyuma y'urwo rugamba, Bwana dos Santos yaciye atwara igihugu ca Angola imyaka ishika hafi mirongo ine.
Josรฉ Eduardo dos Santos wahoze ari Perezida w'Angola yashyizwe mu bitaro muri Espagne
24 Ukwa gatandatu 2022
Angola mu myiyerekano yo kwiyamiriza ihindurwa ryโitegeko rigenga amatora
12 Ukw'icenda 2021
Nyuma yo kuva ku butegetsi mu 2017, izina ryiwe ryarambitswe iceyi n'ivyagiriji vya ruswa yimonogoje mu gihe c'uburongozi bwiwe.
Umuhungu wiwe yaratawe muri yombi nayo umutungo w'umukobwa wiwe, Isabel, urafatirwa.
Uwo mukobwa w'umuhisi Jose Eduardo dos Santos, vyaravuzwe yuko ari we mugore akize kurusha abandi bose muri Afrika.