JAYC TV JAYC TV PUBLISH NEWS TRUE STORY AND EVENTS WE PUT PEOPLE FIRST WE CARE ABOUT YOUR PRIVACY IN JAYC TV

🎙Nitwagiriranira urukundo niho tuzitwa Abana b'Iman----------------------------------------🗞Ku ncuro igira kabiri abicis...
12/26/2025

🎙Nitwagiriranira urukundo niho tuzitwa Abana b'Iman
----------------------------------------
🗞Ku ncuro igira kabiri abicishije mugikorwa bise "Nanje nitabweho", NDAYISHIMIYE Bella Ancille yasangiye umusi mukuru wa Noweli n'impfuvyi n'abapfakazi.
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 25 Kigarama 2025 i Bujumbura, niho ishirahamwe company irongowe na Ancille Bella NDAYISHIMIYE, ryakora igikorwa co gusangira Noweli n'abana bo mw'ibarabara, impfuvyi n'abapfakazi.

🎙Mw'ijambo yashikirije, Ancille Bella NDAYISHIMIYE arongoye ishirahamwe , yamenyesheje ko intumbero yiwe nyamukuru ari ukubona hari muntu yumva amerewe neza biciye mubikorwa akora narirya hari abantu baba bari mubibazo kandi bakeneye kwitabwaho.

Ancille Bella abandanya kumenyesha ko igikorwa bise " Nanje nitabweho " co kuri ino ncuro ya 2 ari igikorwa bishimira cane gose ugereranije nincuro ya 1 aho avuga ko abantu barenga 150 ari bo bashoboye gukorerwa umusi mukuru mugihe avuga ko kuncuro ya 1 hashoboye gufashwa abagera kuri 58.

Ico gikorwa caranzwe no gusangirira hamwe kandi no guha imfashanyo kuri abo bantu bari mubihe bitoroshe, nk'indobo, ibitenge, impuzu, ibirato n'ibindi....

🗣Ancille Bella yashimiye abadahengeshanya kubafata mumugongo kugira ngo ico gikorwa kigende neza aho yakengurukiye cane ishirahamwe idahengeshanya kwitaba akamo baba babateye

Yongeye amenyesha kandi ko ibikorwa bibandanya kandi biteguriye gukora cane muntumbero yo kwakira no gufasha benshi kuncuro igira 3.



🇧🇮 BURUNDI/RUSANSUMA : abanyagihugu n'abari mu ntwaro basabwa kutaba sindabibazwa mu bikorwa vya Rusansuma._____________...
12/25/2025

🇧🇮 BURUNDI/RUSANSUMA : abanyagihugu n'abari mu ntwaro basabwa kutaba sindabibazwa mu bikorwa vya Rusansuma.
_________________________________
Bujumbura, ku wa 24 Kigarama 2025 , Ibiro Bikuru bitunganya Rusansuma (BCR) mu Burundi vyasohoye itangazo rimenyesha ko ibikorwa vya Rusansuma Nkuru y’abanyagihugu, uburaro, uburimyi n’ubworozi bibandanya kandi ko biri ku ntambwe ishimishije. BCR isaba abanyagihugu, abarongozi mu nzego z’intwaro, hamwe n’abajejwe amashengero n’amadini kwitwararika iki gikorwa, atanumwe yigize "sindabibazwa."

📊Muri iki kiringo, Ibiro Bikuru vya Rusansuma bimenyesha ko amaso n'amatwi bishinzwe ku bikorwa bishira imbere inonosorwa ry'ibiharuro. Bimwe mu biriko birakorwa ni:

Gutosora ibiharuro vyavuye muri Rusansuma Nkuru y’abanyagihugu.

Kugira amatohoza abiri yihariye mu gisata c’uburimyi n’ubworozi kugira hanonosorwe ukwo ico gisata cifashe mu gihugu hagati.

⚠️ Naho ibikorwa biriko biragenda neza, BCR ntiyahengeshanyije guhishura ko hariho intambamyi zikomeye zihagarara mu nzira y’ihangiro bihaye. Zimwe muri izo ni:

Ibikoresho: Hariho ibikoresho bipfa hamwe n’ivyatevye gushikira abakozi mu nzego zitandukanye.

Ubuhinga ngurukanabumenyi: Inzitizi z’umuhora w’ugutumatumanako (internet) ushobora kugorana mu guhanahana amakuru.

Imibano n'Ubukene: Iteba ry’agashahara k’abakozi, ingorane z’uburyo bwo kwiyunguruza, hamwe n'abanyagihugu bamwe na bamwe batitabira ico gikorwa ku mvo zitandukanye.


📢Ibiro Bikuru bitunganya Rusansuma bihamagarira impande zose abo mu ntwaro, abajejwe amadini, n'abanyagihugu basanzwe guhuriza hamwe imbaraga. Itangazo rishimangira ko "atanumwe yokwigira sindabibazwa kuko ari iteka ku gihugu."

BCR yiyemeje gukora itiziganya kugira ngo ibiharuro ntabanduka bishikirizwe bitagira akanenge, kandi bikaba bigashikirizwa mu gihe categekanijwe.

Musomyi, wewe mwitwararika ku rugero rungana gute ibikorwa vya Rusansuma mu gace kanyu?? Shikiriza iciyumviro cawe hano musi.

♿ « Umuntu ahebura ubumuga apfuye »: Uburundi bwahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga________________...
12/24/2025

♿ « Umuntu ahebura ubumuga apfuye »: Uburundi bwahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga
_______________________
🗞Bujumbura, ku wa 23 Kigarama 2025 ,Iki kibazo kibazwa na benshi: « Mbega mu vyo njejwe n’ivyo nkora, ni ikihe kibanza mpa abagendana ubumuga kugira banyaruke nk’abandi mu majambere? » Ibi bijanye n’akaranga k’Abarundi bavuga bati: « Umuntu ahebura ubumuga apfuye. »

☝️Igenekerezo rya 23 Kigarama ni umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. No mu gihugu c’Uburundi uwo munsi warahimbajwe, aho ibirori nyamukuru vyabereye mu kigo AKAMURI mu gisagara ca Bujumbura. Muri ivyo birori, haragendewe kandi n’ibindi bigo nka Fondation UWIRAGIYE hamwe n’ikigo citiriwe Umweranda Kizito. Ibirori vyatumbereye icivugo kivuga kiti: « Dutsimbataze ikibano kidakumira abagendana ubumuga. »

Mw’ijambo ryiwe, uwaserukiye abagendana ubumuga ku rwego rw’igihugu yarashimiye Leta y’Uburundi ku vyiza vyinshi imaze kubakorera mu kubashigikira, kugira bagire uruhara mu buzima bwabo no mu mibano.

Barashimye cane ko uburyo bufasha abagendana ubumuga bwadugijwe incuro zishika kuri zitanu, aho bwavuye ku mafaranga imiliyoni 300 (300.000.000 Fbu) bukagera ku muliyaridi n’imiliyoni 500 (1.500.000.000 Fbu). Gusa, barashikirije impungenge z’uko ubwo buryo bwari bwasubiriye kugabanuka bukaja ku miliyoni 800, bakaba basavye ko bwosubira kuduzwa.

🎙Ibisabwa Leta mu maguru masha:

1.Gufata iyambere mu gutanga akarorero keza mu kuronsa akazi abagendana ubumuga.

2.Gutsimbataza ubuserukizi bwabo mu nzego nkuru zifata ingingo nk’Inama Nshingamateka, Nkenguzamateka no muri Leta.

3.Kworoherezwa mu kuronka amatagisi make ku bashaka kugura imiduga n’udukinga (tricycles).

4.Kworoherezwa mu kuronka igitoro ku bafise ingendeshwa kuko ariyo « maguru » yabo mu kugira ushobore kugenda.

🗣Uwaserukiye Buramatari w’intara ya Bujumbura yatumiriye imiryango ifise abagendana ubumuga kubashigikira, ntibabanyegeze muhira nk’uko vyari hambere. Yashimangiye ko ari abana nk’abandi kandi ko bashoboye.

Harashikirijwe kandi akamo ku bajejwe intwaro n’umutekano gukorana mu gutuza ingendo igayitse y’abantu bamwe bamwe bakoresha abana bagendana ubumuga mu gusegerereza mu mabarabara ku nyungu zabo bwite.

🗣Umushikiranganji w’Abakozi n’Akazi, yari yaserukiye Leta muri ivyo birori, yarashimangiye ko « Umuntu ahebura ubumuga apfuye ». Yasavye buri muntu wese guhindura ingendo, akumva ko uburongozi budakumira abagendana ubumuga ari bwo bushobora gushikana igihugu kw’iterambere rirama.

Yongeye yibutsa ijambo ry’Imana riri mwi Njili ya Yohani 9: 1-3, ryerekana ko ubumuga atari icaha c’abavyeyi canke c’umwana, ahubwo ko ari kugira ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we. Yashimiye rero bose bitwararika kandi bakaba hafi y’abagendana ubumuga.

🗣️ Musomyi muhire aho ubaye ni gute abagendana ubumuga bashigikiwe mu kibano ??

𝗥𝗗𝗖-𝗥𝘄𝗮𝗻𝗱𝗮:Bahamagarirwa kwubahiriza Ivyo biyemeje mu masezerano y'Amahoro nta nzitizi.________________________🎙️Kuri uy...
12/23/2025

𝗥𝗗𝗖-𝗥𝘄𝗮𝗻𝗱𝗮:Bahamagarirwa kwubahiriza Ivyo biyemeje mu masezerano y'Amahoro nta nzitizi.
________________________
🎙️Kuri uyo wa Mbere, igenekerezo rya 22 Kigarama 2025, Icegera c’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyakwubahwa Prosper Bazombaza, yaragarutse ava mu gihugu c’Ubuganda. Yari yaserukiye Umukuru w’Igihugu, Evariste Ndayishimiye, mu nama y’Abakuru b’Ibihugu n’Amareta yo mu muryango w’Ibiyaga Binini (CIRGL).

Iyo nama, yari irongowe na Perezida w’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni, yize mu buryo bw’umwihariko:

1.Ikibazo c’umutekano muke ubandanya mu Buseruko bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC).

2.Ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yose amaze guterwako umukono, harimwo ay’i Doha (Qatar) n’ay’i Washington (Leta Zunze Ubumwe za Amerika).

🤝 Iyo nama yasavye impande zose zasinye ayo masezerano (cane cane u Rwanda na RDC) kuyubahiriza nk’uko bonyene bavyiyemeje, nta nzitizi n’imwe bashizemo.

🗣Prosper Bazombaza yamenyesheje ko mu vyash*tsweko n’iyo nama, harimwo n’umwanzuro w’uko:

"Bibaye ngombwa, hazoshirwaho imigwi idasanzwe izokurikirana umunsi ku munsi ko ayo masezerano agenda arashirwa mu ngiro mu buryo bw’ukuri."

🇧🇮 🏛️ KIGOBE: Inama Nshingamateka Yihweje Ingene Uburyo bwa Reta Buriko Burakoreshwa____________________________________...
12/23/2025

🇧🇮 🏛️ KIGOBE: Inama Nshingamateka Yihweje Ingene Uburyo bwa Reta Buriko Burakoreshwa
__________________________________________
🗓️Kuri uyo wa Mbere, igenekerezo rya 22 Kigarama 2025, Inama Nshingamateka y’Uburundi yarateranye mu nama iyobowe n’Umukuru wayo, Nyakwubahwa Gélase Daniel Ndabirabe. Iyi nama yari igamije gukurikirana umwihwezo washikirijwe na Léopold Kabura, arongoye Sentare yubahiriza amatungo ya Reta (Cour des Comptes).

Uyu mwihwezo wakozwe ku buryo Reta yategekanije gukoresha mu gihe c’amezi atandatu ya mbere (Mukakaro – Kigarama) y’umwaka wa 2025.

🚨Ikibazo nyamukuru catwaye umwanya munini muri iyi nama ni itangwa ry’uturusho mu kwinjiza ibidandazwa mu gihugu hatarishwe amakori (Exonération).Mu mezi atano gusa (kuva muri Mukakaro gushika muri Munyonyo 2025), utwo turusho twageze ku rugero rwa 126,61%.

🗣Amakenga y’Abashingamateka: Abashingamateka bagaragaje amakenga akomeye kuko utwo turusho twamaze kurenga urugero rwategekanijwe . Bakeka ko hoba hari abahabwa utwo turusho bidaciye mu mategeko cangwa hakaba harimwo ibiturire vyinyegeje inyuma y'iryo tangwa ryavyo.

🏗️Muri uwo mwihwezo, vyagaragaye kandi ko uburyo bujanye no gutegura imigambi (Budget d'investissement) bwiyongereye. Ibi vyatewe n’uko:

Igihugu c’Uburundi kigiye kugura ibikoresho bizofasha mu kwimba ubutare no kubuhingura (transformation).Ibi bikorwa vyitezweko bizotuma haboneka akazi kenshi ku benegihugu.

📅 Ibitegekanijwe ku wa Gatatu (24/12/2025

Kubera ayo makenga yagaragajwe n’Abashingamateka, Umushikiranganji ajejwe ubutunzi azitaba Inama Nshingamateka ku wa Gatatu, igenekerezo rya 24 Kigarama 2025. Kumpamvu zibiri:

1.Gutanga umuco (ibisobanuro) ku bibazo vyagaragaye Mw'Itangwa ry'uturusho.

2.Kwiga ku buryo Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka ushira uwa 2026.

Nyuma yo guca irya nino n'ugusuzuma ico cegeranyo ca Sentare yubahiriza amatungo ya Reta, Abashingamateka baciye bacakira n'akanyamuneza.

Musomyi muhire n'Ivyahe bibazo w'Ibaza ko Bizobazwa Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo Ubutunzi??

 : Ishure shingiro rya Buhomba ryarose ingabire y'intebe 14___________________________🎙Ishirahamwe ryishinze gushigikira...
12/20/2025

: Ishure shingiro rya Buhomba ryarose ingabire y'intebe 14
___________________________
🎙Ishirahamwe ryishinze gushigikira ubumenyi mvabwenge MANAC, ryaratanze intebe z'ishure kw'ishure shingiro rya Buhomba ryo muri zone y'indero ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Kigarama 2025.

Kuri Iryo shure, abarerwa hamwe n'abarezi babo bari bahash*tse kugira basanganire iyo ngabire igizwe n'intebe 86 zigiye gufasha abanyeshure narirya hari hasanzwe ubukene bw'intebe.

Mw'ijambo ryiwe, uwaserukiye ubugenduzi bw'indero muri zone ya Mutimbuzi yamenyesheje muri iyi misi mu gisata c'indero bahanzwe na vyinshi. Hari ubukene bw'abigisha, ubukene bw'ibirasi hamwe n'intebe z'abanyeshure. Yasavye abatwara indero mu ntara ya Bujumbura ko bobaba hafi mugutorera inyishu ivyo bibazo.

Nayo uwuserukira ishirahamwe MANAC yamenyesheje ko bihaye ihangiro ryo gushigikira indero mu ntumbero yo guterera igihugu mu mbonokazoza ya 2040 igihugu cifashe,2060 igihugu giteye imbere. Akaba yarangije asaba buri wese abishoboye guterera kugira umuganda mw'iterambere ry'igihugu.

Mw'ijambo ryiwe muyobozi w'indero mu ntara ya Bujumbura, yashimiye ishirahamwe MANAC kuri ico ciyumviro biyumbiriye co gushigikira igisata c'indero. Yahamagariye abo bose babishoboye gufatira akarorero kuri MANAC mu gushigikira imigambi y'igihugu.

Twobamenyesha ko ishure rya Mutimbuzi risanzwe ikenye intebe zirenga 200, aho ishirahamwe MANAC ryatanze 86 rikaba ryiyemeje gutanga izishika 150.


🇧🇮 : Igiciro c’Inyama caduze cane mu Kiringo c'Indwi Imwe gusa.__________________________🗞Muri komine Rumonge, Intara ya...
12/18/2025

🇧🇮 : Igiciro c’Inyama caduze cane mu Kiringo c'Indwi Imwe gusa.
__________________________
🗞Muri komine Rumonge, Intara ya Burunga, Abaguzi b’Inyama baridoga ko Igiciro c’Inyama caduze ku masoko atandukanye. Mu kiringo c’indwi imwe gusa, igiciro c’Ikiro c’inyama caduze ku buryo bugaragara:Inyama y’ Ikiro kigeze ku mafaranga 30,000 Fbu, mu gihe cahora ku 26,000 Fbu.Inyama (Cangacanga): Ikiro kigeze ku mafaranga 26,000 Fbu, mu gihe cahora ku 24,000 Fbu.

🗣Abadandaza b’Inyama basigura ko Iryo duga ryatewe n’Imvo zibiri nyamukuru:

1.Iduga ry’Igiciro c’Inka ku masoko yo mu gihugu.

2.Iduga ry’amatagisi: Igiceri bishura ku nka imwe ibazwe (taxe d'abattage) ryaduze riva,ku mafaranga 50,000 Fbu rigera ku mafaranga 100,000 Fbu.

🎙Imbere y’ico kibazo, Alexis Ndayisaba, arongoye ishirahamwe ry’abaguzi (ABUCO) muri Rumonge, arasaba ko abategetsi b’intwaro bokwita kuri ico kibazo. Arashimika ko igiciro cashinzwe n’ubuyobozi ari co cokwubahirizwa kugira ngo umuguzi ntahave arenganywa.

✍️✍️Twobibutsa ko iri duga ry’ibiciro rije mu gihe Inyama ikenerwa cane n’imiriyoni y’abarundi bitegurira iminsi mikuru y’ubunane n’Ivyishimo bisoza umwaka.

Musomyi muhire Aho Uherereye Ibiciro vy'Inyama Bimeze gute??!


 : Abigisha barenga 300 ni bo bamaze kuva mu kazi ko kwigisha.______________________________🎙Mu ntara ya Burunga igizwe ...
12/18/2025

: Abigisha barenga 300 ni bo bamaze kuva mu kazi ko kwigisha.
______________________________
🎙Mu ntara ya Burunga igizwe n'intara za kera Bururi, Makamba, Rutana na Rumonge, abigisha barenga 300 ni bo bamaze kuva mu kazi mu kiringo ca kino gice cambere c'umwaka w'ishure muri iyo ntara.

☝️Iyo ntara ikaba yari isanzwe ifise ubukene bw'abigisha barenga ibihumbi bibiri, bamwe muri abo bigisha basigura ko bata akazi kubera ubuzima butera bugora.Ariko kuba hari abagata ngo boraba bagasibirizwa kuko biheza bigakora ku gihugu cose.

🗞Mu buyobozi bw'indero muri iyo ntara, Elias Ndikumana avuga ko bitoroha kubasubiriza kubera ko abigisha bahabwa akazi baba ari bashasha bigasaba umwanya wo kubamenyereza akazi.Ariko avuga ko bariko barakorana n'ubushikiranganji bw'indero kugira batorere umuti ico kibazo.

✍️Twobamenyesha ko intara ya Burunga ifise amashure 1500, aho ishure rimwe rimwe riba rikeneye abigisha babiri.


🎙Atagikozwe vuba, amagara y'impunzi z'Abakongomani baza ku bwinshi mu Burundi ari mu kaga gakomeye._____________________...
12/18/2025

🎙Atagikozwe vuba, amagara y'impunzi z'Abakongomani baza ku bwinshi mu Burundi ari mu kaga gakomeye.
_______________________________
🎙Kuri uyo wa Gatatu, itariki 17 Kigarama 2025, i Bujumbura ni ho habaye Iyugururwa ry'ibikorwa vyo kugarukira ku mpunzi z'Abakongomani baza ku bwinshi mu Burundi, bahunga intambara ziriko zibera mu gihugu ca Repubulika Iharanira Demokrasi ya Kongo (RDC).

☝️Ivyo bikorwa bikaba vyahuza Reta y'Uburundi ihagarariwe n'Umushikiranganji w'Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Honorable Léonidas Ndaruzaniye, Umushikiranganji w’Imigenderanire n’Ayandi Makungu, Ambassadeur Edouard Bizimana, hamwe n'abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, uwuserukira Intumwa ya Papa mu Burundi, n'abandi baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

🗣Nk'uko uwurongoye Intara ya Bujumbura, isanzwe ihana urubibe na Kongo (RDC), yabimenyesheje, iyo nama yari igamije kuraba ingene hokorwa ivyihutirwa kugira izo mpunzi zigarukirweko mu maguru masha, na burya umuvuduko w'abaza wiyongera ku musi ku musi.

🎙Uwuserukira ibisata vya ONU mu Burundi, Umupfasoni Violet Kanyana Kakyomya, avuga ko gushika ubu impunzi z'Abakongomani zizwi zirenga ibihumbi mirongo indwi (70,000) ziri mu Burundi. Yongeye ko ico gitigiri gitera ciyongera, hakaba hakenewe amafaranga angana n’imiriyardi 33 z’amadolari y’Abanyamerika ($33 Billion) mu mezi atarenga ane kugira babagarukireko mu vyihutirwa.

🗣Umushikiranganji ajejwe Imigenderanire, Ambassadeur Edouard Bizimana, na we nyene aremeza ko izo mpunzi zifise ingorane zikomeye z’imibereho, aca asaba abagiraneza kubagarukira vyihutirwa. Amenyesha kandi ko Reta y'Uburundi ifata iyambere mu kubitaho, akaba ari na co gituma yateguye ibibanza vyo kubashiramwo.

🗣Umushikiranganji w'Intwaro yo Hagati na we avuga ko umwaka wa 2025,waranzwe n'Umurindi muremure w'izo mpunzi. Ashikiriza ko mu kwezi kwa Kigarama baharura impunzi 75,015 zizwi zavuye mu gihugu ca Kongo, kandi mu minsi mike Uburundi bwiteze impunzi zishika ku bihumbi ijana (100,000). Yaciye amenyesha ko Reta y'Uburundi ataco itazokora kugira ibakire mu buryo bwa kimuntu mu vyo ishoboye, asaba abafatanyabikorwa ba Reta guterera muri ico gikorwa bimwe biboneka, kuko ubuzima bw'izo mpunzi butagira icepfo n'icaruguru buri mu kaga gakomeye.

💰Imiriyoni zirenga 33 z'amadorari y'abanyamerika niyo akenewe ngo impunzi zavuye muri Congo zironke ubufasha____________...
12/17/2025

💰Imiriyoni zirenga 33 z'amadorari y'abanyamerika niyo akenewe ngo impunzi zavuye muri Congo zironke ubufasha
________________________
📈 Gushika itariki 15 Kigarama 2025, impunzi zirenga ibihumbi 75 z'abakongomani nizo ziherutse kwinjira mu Burundi. Hari n'Abarundi barenga ibihumbi 9 binjiye bava mu gihugu ca RD Congo kuva mu ntango za Kigarama.

💰 Imiriyoni zirenga 33 (33 163 190$) z'amadorari y'Abanyamerika niyo akenewe kugira zishobore kuronka ubufasha bwihuta nkuko bishikirizwa n'umuhuzabikorwa w'urunani rw'amashirahamwe mpuzamakungu yegukira ONU mu Burundi, Violet Kenyana Kakyomya.

🗓️ Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Kigarama 2025, aho ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, ubw'intwaro yo hagati mu gihugu, abafasha Uburundi hamwe n'amashirahamwe mpuzamakungu bakoranye ngo barabire hamwe ikibazo c'impunzi zabaye nyishi mu Burundi .

🎙️Léonidas Ndaruzaniye, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yemeza ko ibibanza bitandukanye nko mw'ikambi y'i Musenyi n'ibindi bigo bitandukanye vyamaze kurengerwa n'abo bavyakirira.

🎙️ Nayo Umushikiranganji Édouard Bizimana avuga ko ikibazo c'impunzi ziva muri Congo ziza mu Burundi ari igikorwa gikeneye imfashanyo yihuta cane kugira habe ukugarukira kuri abo bantu.

🌏 Amakungu, amashirahamwe mpuzamakungu, amashirahamwe yigenga, amadini n'amashengero, bihamagarirwa kugira ico bikoze ngo izo impunzi zironke ubufasha.



🇧🇮🥭 UMWEMBE: Icamwa Ngirakamaro Kuri Bose Ariko Kidahurumbirwa Kumwe🤔____________________________🛒Muri iki gihe, mu biba...
12/16/2025

🇧🇮🥭 UMWEMBE: Icamwa Ngirakamaro Kuri Bose Ariko Kidahurumbirwa Kumwe🤔
____________________________
🛒Muri iki gihe, mu bibanza bidandarizwamwo Ivyamwa mu mihingo Itandukanye y'Igihugu c'Uburundi, harangwa ubwinshi bw'Imyembe. Igitangaje ni uko iki camwa gihurumbirwa cane n'abakenyezi hamwe n'abana, mu gihe abandi,Abagabo n'Urwaruka basa n'abavyirengagiza.

Ivyo biruko mu gihe Abashakashatsi mu bijanye n'Ingaburo bemeza ko Umwembe ari kimwe mu vyamwa nkenerwa cane mu buzima bw'Umuntu kubera ibi bikurikira:

👉Abasoda b'umubiri: Urimwo amavitamine akomeye nka Vitamine A, B9, C na E, bituma umubiri ugira abasoda bakwiye (système immunitaire).

👉Amaso n'Uruhu: Bituma uruhu n'amaso bikara neza kandi bikagira amagara meza.

👉Ikingira ry'indwara: Urafasha kugabanya ivyago vyo kwandura Indwara zikomeye nka Kanseri (Cancer), Asima (Asthme), n'indwara z'umutima.

👉Ihingurwa ry'ingaburo: Urorohereza umushish*to (digestion) mu gihe c'Ihingurwa ry'ingaburo mu mubiri.

🗣Ni ukwihenda rero ku batihereza Icamwa c'Umwembe, kuko hari vyinshi baba bariko barahomba ku magara yabo. Kurya umwembe nti bikwiye gufatwa nk'akamenyero k'abana gusa, ahubwo ni Intambwe ikomeye yo kwisunga kubw' Amagara meza kuri bose.

Musomyi muhire Aho Ubaye Abagabo baramfungura Ivyamwa?Batibagiye Icamwa c'Umwembe!

🇧🇮🇷🇼⚽ GUSTAVE NIYONKURU  Agiye Kumenyereza Rutsiro FC mu Rwanda:____________________________________________🎙Uwahora ari...
12/16/2025

🇧🇮🇷🇼⚽ GUSTAVE NIYONKURU Agiye Kumenyereza Rutsiro FC mu Rwanda:
____________________________________________
🎙Uwahora ari umumenyereza mukuru w’umurwi wa Vital'o FC mu Burundi, Gustave Niyonkuru, agiye kubandaniriza ibikorwa vyiwe mu gihugu c’u Rwanda, aho agiye gushira umukono ku masezerano yo kumenyereza umurwi wa Rutsiro FC.

🎙️Gustave Niyonkuru asanze umurwi wa Rutsiro FC mu bihe bitoroshe, aho usanzwe uri mu kibanza ca 12 mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Rwanda (Rwanda Premier League). Intego nyamukuru ni ugufasha uyu murwi kuduga mu bice vy'imbere ku rutonde rw'ihiganwa.

📊 Ivyo asize inyuma muri Vital'o FC:

✍🏽Twobamenyesha ko Gustave Niyonkuru agiye asize umurwi wa Vital'o FC mu gihugu c'Uburundi uri mu kibanza c’umunani (8), aho wari umaze kuronka amanota 21 mu nkino zari zimaze gukinwa.

Address

2117 Wingate Place
High Point, NC
27260

Opening Hours

Monday 8am - 5pm
Tuesday 8am - 5pm
Wednesday 8am - 5pm
Thursday 8am - 5pm
Friday 8am - 5pm
Sunday 8am - 5pm

Telephone

+13368583527

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when JAYC TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to JAYC TV:

Share