12/26/2025
🎙Nitwagiriranira urukundo niho tuzitwa Abana b'Iman
----------------------------------------
🗞Ku ncuro igira kabiri abicishije mugikorwa bise "Nanje nitabweho", NDAYISHIMIYE Bella Ancille yasangiye umusi mukuru wa Noweli n'impfuvyi n'abapfakazi.
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 25 Kigarama 2025 i Bujumbura, niho ishirahamwe company irongowe na Ancille Bella NDAYISHIMIYE, ryakora igikorwa co gusangira Noweli n'abana bo mw'ibarabara, impfuvyi n'abapfakazi.
🎙Mw'ijambo yashikirije, Ancille Bella NDAYISHIMIYE arongoye ishirahamwe , yamenyesheje ko intumbero yiwe nyamukuru ari ukubona hari muntu yumva amerewe neza biciye mubikorwa akora narirya hari abantu baba bari mubibazo kandi bakeneye kwitabwaho.
Ancille Bella abandanya kumenyesha ko igikorwa bise " Nanje nitabweho " co kuri ino ncuro ya 2 ari igikorwa bishimira cane gose ugereranije nincuro ya 1 aho avuga ko abantu barenga 150 ari bo bashoboye gukorerwa umusi mukuru mugihe avuga ko kuncuro ya 1 hashoboye gufashwa abagera kuri 58.
Ico gikorwa caranzwe no gusangirira hamwe kandi no guha imfashanyo kuri abo bantu bari mubihe bitoroshe, nk'indobo, ibitenge, impuzu, ibirato n'ibindi....
🗣Ancille Bella yashimiye abadahengeshanya kubafata mumugongo kugira ngo ico gikorwa kigende neza aho yakengurukiye cane ishirahamwe idahengeshanya kwitaba akamo baba babateye
Yongeye amenyesha kandi ko ibikorwa bibandanya kandi biteguriye gukora cane muntumbero yo kwakira no gufasha benshi kuncuro igira 3.