09/10/2026
๐ ๐๐ฎ๐ฌ๐ก๐ข๐ค๐ข๐ซ๐ ๐๐ฆ๐๐ค๐ฎ๐ซ๐ฎ ๐๐๐ข๐ฌ๐ฐ๐ ๐งโ๐ข๐ง๐ณ๐๐ ๐จ ๐ณ๐ ๐๐๐ญ๐ ๐๐๐ง๐ค๐ ๐๐๐ข๐ ๐๐ง๐ ๐, ๐ง๐ข ๐ฎ๐๐ฎ๐ซ๐๐ง๐ ๐๐ง๐ณ๐ข๐ซ๐ ๐ค๐ฎ ๐ฆ๐ฎ๐ง๐ญ๐ฎ ๐ฐ๐๐ฌ๐ ๐๐ฒ๐๐ฌ๐๐ฏ๐ฒ๐ ๐ฆ๐ฎ ๐ง๐ญ๐ฎ๐ฆ๐๐๐ซ๐จ ๐ฒ๐จ ๐ ๐ฎ๐ค๐จ๐ซ๐๐ซ๐ ๐ฆ๐ฎ ๐ฆ๐ฎ๐๐จ, ๐ ๐ฎ๐ญ๐ฌ๐ข๐ฆ๐๐๐ญ๐๐ณ๐ ๐ข๐ง๐ญ๐ฐ๐๐ซ๐จ ๐ข๐๐๐ซ๐๐ฒ๐, ๐ก๐๐ฆ๐ฐ๐ ๐ง๐จ ๐ค๐ฎ๐ ๐ข๐ซ๐ ๐ข๐ ๐ข๐ก๐ฎ๐ ๐ฎ ๐ค๐ข๐ ๐๐ง๐ ๐ฐ๐ ๐ง'๐๐ฆ๐๐ญ๐๐ ๐๐ค๐จ .
๐ Ivyo ni bimwe mu biri mu nteguro y'itegeko rigenga ingene amakuru afiswe nโinzego za Reta hamwe n'abigenga ashikirwa. Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru Evelyne Butoyi yabishikirije kurโuwu wa 10 Nyakanga 2026 aho yari umutumire mu Nama Nshingamateka, kugira asigure ibigize iyo nteguro.
โ๐ผ Ku kibazo cabajijwe n'umukuru w'Inama Nshingamateka aho yari yifuje kumenya nimba ata mategengo yari ahasanzwe , umushikiranganji yamenyesheje ko iryo tegeko rije gushimangira ivyari bihasanzwe .
๐ค Uwo mushikiranganji yagize ati:" Uburenganzira bwo gutanga no kuronswa amakuru ni ntasubirizwa,kandi busanzwe buri mu mategeko ya Afrika ajanye nโagateka ka zina muntu Uburundi bwashizeko igikumu bikaba vyanditse. No mw'Ibwirizwa Shingiro rya Republika y'Uburundi ku karongo karyo ka 19, iryo tegeko rigenga gutanga amakuru ryarashizwe mu mategeko y'ibihugu bigera kuri 30 vyo ku mugabane wa Afrika hamwe n'ibisanzwe biri mu karere ka Afrika y'Ubuseruko, nka Kenya ,Ouganda,Rwanda,Tanzaniya,hamwe na Soudani y'Epfo nโUburundi bukaba bwifuza kudasigara inyuma."
๐ฐ Ku kibazo c'uruhara iryo tegeko rifise kandi hariho ikigo c'igihugu kijejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora CNC, umushikuranganji Evelyne butoyi avuga ko ikigo CNC kiraba gusa ingene abamenyeshamakuru bakora n'ingene ibimenyeshamakuru bikora ariko iryo tegeko naryo rigashika kure, aho yatanze akarorero k'abanyeshure ba kaminuza bashobora kuza gusaba amakuru ajanye n'ivyigwa vyabo.
๐จโโ๏ธ Inyuma yo guhinyanyura amajambo amw'amwe agize iyo nteguro y'itegeko, ikaba yaciye yemezwa 100% n'abashingamateka bari bitavye ivyo bikorwa.