
08/11/2025
🤝Stade Ingoma - Gitega,10 août 2025
Mu bikorwa vyabaye ku musi w’Imana muri Twash*tse Event - Gitega, ishirahamwe BuBet, umwe mu bafatanyabikorwa b’iteka,ryatunganije igice citiriwe '“Kuganura”, aho ryaraye ritanze ubushimwe butandukanye ku bitavye igikorwa, mu rwego rwo gushimira no gukangurira abari aho ibikorwa vya Twash*tse Event hamwe na BuBet.
Abitavye ibirori barashoboye kwishura ibibazo bijanye n’intumbero, ibikorwa n'akamaro ka Twash*tse Event hamwe n'ivyerekeye BuBet, maze abatanu ba mbere bitwaye neza barashikirizwa ubushimwe burimwo impapuro z'agaciro, amakaye hamwe n'ibikoresho bitandukanye vy’ishure.
Iyi nkuru yagaragaje neza uburyo BuBet ifise umugambi wo gushigikira urwaruka biciye mu bikorwa vy’iterambere, kandi ko iharanira kuba hafi y'abakunzi bayo no kubegera mu buryo bufatika.
Ibi bikorwa vyari biri mu rwego rwo kwifatanya n’abarundi mu gihe c’ukwezi kwahariwe "Kuganura", bikaba vyarabereye mu nyonga y’akanyamuneza, imbere y’isinzi ry’abantu bari bitavye ivyo birori kuri Stade Ingoma.
Twash*tse Event ibandanya kwerekana ko atari igikorwa gusa co kwidagadura, ariko n’ikibanza c’ukwigisha, gufasha no guhuriza hamwe urwaruka n’abafatanyabikorwa.