Pj Classic FM 97.3 MHz

Pj Classic FM 97.3 MHz Sound Of Happiness
(2)

🤝Stade Ingoma - Gitega,10 août 2025Mu bikorwa vyabaye ku musi w’Imana muri Twash*tse Event - Gitega, ishirahamwe BuBet, ...
08/11/2025

🤝Stade Ingoma - Gitega,10 août 2025

Mu bikorwa vyabaye ku musi w’Imana muri Twash*tse Event - Gitega, ishirahamwe BuBet, umwe mu bafatanyabikorwa b’iteka,ryatunganije igice citiriwe '“Kuganura”, aho ryaraye ritanze ubushimwe butandukanye ku bitavye igikorwa, mu rwego rwo gushimira no gukangurira abari aho ibikorwa vya Twash*tse Event hamwe na BuBet.

Abitavye ibirori barashoboye kwishura ibibazo bijanye n’intumbero, ibikorwa n'akamaro ka Twash*tse Event hamwe n'ivyerekeye BuBet, maze abatanu ba mbere bitwaye neza barashikirizwa ubushimwe burimwo impapuro z'agaciro, amakaye hamwe n'ibikoresho bitandukanye vy’ishure.

Iyi nkuru yagaragaje neza uburyo BuBet ifise umugambi wo gushigikira urwaruka biciye mu bikorwa vy’iterambere, kandi ko iharanira kuba hafi y'abakunzi bayo no kubegera mu buryo bufatika.

Ibi bikorwa vyari biri mu rwego rwo kwifatanya n’abarundi mu gihe c’ukwezi kwahariwe "Kuganura", bikaba vyarabereye mu nyonga y’akanyamuneza, imbere y’isinzi ry’abantu bari bitavye ivyo birori kuri Stade Ingoma.

Twash*tse Event ibandanya kwerekana ko atari igikorwa gusa co kwidagadura, ariko n’ikibanza c’ukwigisha, gufasha no guhuriza hamwe urwaruka n’abafatanyabikorwa.




🤖Ku ncuro ya mbere y’ibirori vya Twash*tse Event, haratangajwe inkuru nshasha y’akarusho:moto Aura CG (Hyper), imwe mu z...
08/11/2025

🤖Ku ncuro ya mbere y’ibirori vya Twash*tse Event, haratangajwe inkuru nshasha y’akarusho:moto Aura CG (Hyper), imwe mu zigezweho kandi zikomeye, yarabonetse mu ziri mu muduga w’ibikoresho vya Aura Motors, umufatanyabikorwa w’iteka;Hari kuri uyu w'Imana,igenekerezo rya 10 Myandagaro kuri stade Ingoma mu birori vya Twash*tse Event.

🛵Aura CG (Hyper) ni pikipiki nziza, ikomeye kandi iduga neza, ifise ubushobozi bwo kwihanganira amatagisi, igendagenda hose uko bikenewe, kandi ikoresha neza amavuta. Ni moto ikwiye uwukora ingendo za misi yose canke uwukoresha ibikorwa vya minsi yose bimusaba igikoresho cizewe.

Iyo moto iboneka ku cicaro ca Aura Motors kiri mu gisagara hagati ca Bujumbura, aho usanga serivisi nziza kandi zigezweho.Aura Motors ni ishirahamwe ryiyemeje gushigikira iterambere biciye mu gutanga ubushimwe ku banyempano n’imirwi yitwaye neza, nk’uko biri muri Twash*tse Event.

Twibutse ko mu gice ca "Agahogo na Aura Motors", hitezwe gutangwa ubushimwe bwa Moto Master 150-9 ku muririmvyi azotahukana intsinzi, hamwe n’umurwi uzotsinda mu rukino rwa nyuma.




🎉Mu gihe urukino rwahuje abakunzi ba FC Barcelona na Real Madrid kuri stade Ingoma i Gitega mu rukurikirane rw’ibirori v...
08/11/2025

🎉Mu gihe urukino rwahuje abakunzi ba FC Barcelona na Real Madrid kuri stade Ingoma i Gitega mu rukurikirane rw’ibirori vya Twash*tse Event vyateguwe na PJ Classic FM ku bufatanye na Aura Motors kuri uyu wa 10 Myandagaro 2025, umwe mu baserukira abakunzi ba Barcelona,BUNTUBWAYO Chadrack, yaratanze ubutumwa bwuzuye akanyamuneza n’icizere.

Yamenyesheje ko intsinzi batahukanye y’ibitsindo 2 kuri 1 atari igitangaza, ahubwo ko ari ugukomeza ibikorwa vyiza vy’urwaruka rukunda Barcelona. Yavuze ko aba bafana bafise intumbero n’ishaka, kandi ko Moto Master 150-9,agashimwe kazotangwa ku wa 30 Myandagaro 2025 ku kibuga ca ETS Kamenge, bazoyatahukana kuko ibikorwa vyabo biri ku rugero rushimishije,aho hose Twash*tse Event yagiye iraba.

Tubibutse ko Aura Motors,umufatanyabikorwa w’iteka,ariyo izotanga agashimwe ka Moto Master 150-9, moto ikomeye, igezweho kandi iduga neza,ku murwi uzotsinda, ndetse no ku muririmvyi azotsinda mu gice c’Agahogo na Aura Motors.

Ibi birori vyerekana inguvu ziri mu rwaruka, ubuhinga n’ubushake bwo kwerekana impano, bikaba bigaragarira abavyitabira ku kibanza, no biciye ku nsamirizi PJ Classic FM 97.3 MHz hamwe no ku rubuga Facebook PJ Classic FM 97.3 MHz.





🚨⚽ Football yagarutse mu munezero udasanzwe,aha ni muri tour ya 3 mu nkino z’amajonjora ya UEFA CHAMPIONS LEAGUE🏆Ni uruk...
08/11/2025

🚨⚽ Football yagarutse mu munezero udasanzwe,aha ni muri tour ya 3 mu nkino z’amajonjora ya UEFA CHAMPIONS LEAGUE

🏆Ni urukino rwo gusubiriza,urwa mbere rwari rwarangiye ku ntsinzi ya Feyenoord y’ibitsindo 2 kuri 1 ca Fenerbahce,

🤔Jose Mourinho muramuha amahirwe yo kugaruka muri Champions League na Fenerbahçe yiwe??

🕰️12-8-2025(19h): FENERBAHCE🇹🇷 vs 🇳🇱FEYENOORD

🎁Bonus igera kuri 200% ukoresheje code promo PJCLASSICFM

1️⃣ Fyonda iyi link : 👉 https://cutt.ly/PeNwqS2f

2️⃣ Iyandikishe ku buntu twinjire mu muryango munini w'abakoresha Code Promo: PJCLASSICFM 🎁

08/11/2025

🛑BREAKING NEWS : Umukinyi w'Umurundi yahora akina muri OLYMPIC STAR ntakibarizwa mwuyo murwi tena ubu akaba ageze mur muri IRAQ niwo murwi wiwe mushasha👌👌

Tumwipfurize mahirwe umukinyi wacu ashishikare kuduza IBENDERA RY'IGIHUGU CACU C'UBURUNDI tutibagiye kuza gufasha INTAMBA MU RUGUGAMBA 🤌🤌



08/11/2025

🛑LIVE : FLAMBEAU DU CENTRE YATWAYE SUPER CUP// IMIGWI YO MUBURUNDI YOBA YATOMBOYE NEZA?// FC BARCELONA IRIKO YEREKANA UBUDAHANGAGWA

08/10/2025
🎉Turashimira cane abitavye ibirori vya Twash*tse Event i Gitega, kuri Stade Ingoma!Mu rukino ruhuje abakunzi ba FC Barce...
08/10/2025

🎉Turashimira cane abitavye ibirori vya Twash*tse Event i Gitega, kuri Stade Ingoma!

Mu rukino ruhuje abakunzi ba FC Barcelona na Real Madrid, rwabereye mu nyenga y’akanyamuneza n’uruhagarara,Barcelona yatahukanye intsinzi ku bitsindo 2 kuri 1, mu kibuga cari cugaye n’abafana isinzi baje gushigikira intara yabo.

🎤Inyuma y’urwo rukino rudasanzwe, ubu turi mu gice ca kabiri c’ibikorwa, aho hariko harabera amahiganwa y’indirimbo Agahogo na Aura Motors, aho hatorwa umuririmvyi w’iteka azohiganirwa agahembo nyamukuru ku gice ca nyuma.

🛵Aura Motors, umufatanyabikorwa w’iteka, yama ahari mu gushigikira impano z’urwaruka biciye mu gutanga Moto Master 150-9, moto ikomeye, iduga kandi iziganya igitoro, nk’agashimwe ku batsinda.

🙏Turakengurukiye vy’ukuri buri wese yitavye ibi birori, cane cane urwaruka rwerekanye ingoga, impano n’ishaka.

Ibirori birabandanya…





  🔁 FT : REAL MADRID FANS  1️⃣ - 2️⃣ FC BARCELONA FANSMuri rwa rukurikirane rw'ihiganwa rya   hariya mu ntara ya   kuri ...
08/10/2025

🔁 FT : REAL MADRID FANS 1️⃣ - 2️⃣ FC BARCELONA FANS

Muri rwa rukurikirane rw'ihiganwa rya hariya mu ntara ya kuri stade hariko habera urukino rudasanzwe aho Urukino ruheze kutsinzi yabakunzi ba Fc Barcelona ibitsindo bibiri kuri kimwe c'Abakunzi ba Real Madrid.

Mwakiriye gute runo rukino?

📲
https://www.facebook.com/100077018772411/videos/776130021482800

📻 97.3 MHz





  🔁 74' : REAL MADRID FANS  1️⃣ - 2️⃣ FC BARCELONA FANSMuri rwa rukurikirane rw'ihiganwa rya   hariya mu ntara ya   kuri...
08/10/2025

🔁 74' : REAL MADRID FANS 1️⃣ - 2️⃣ FC BARCELONA FANS

Muri rwa rukurikirane rw'ihiganwa rya hariya mu ntara ya kuri stade hariko habera urukino rudasanzwe aho Urukino rugeze ku munota wa 74 Fc Barcelona Fans bari imbere nibitsindo bibiri kuri kimwe.

Urabona urukino ruhera gute?Bana natwe ikibiriraho kuva hariya i Gitega kuri 97.3 MHz hamwe no kuri live ya facebook yacu

📲
https://www.facebook.com/100077018772411/videos/776130021482800

📻 97.3 MHz




  🔁 HT : REAL MADRID FANS  1️⃣ - 1️⃣ FC BARCELONA FANSMuri rwa rukurikirane rw'ihiganwa rya   hariya mu ntara ya   kuri ...
08/10/2025

🔁 HT : REAL MADRID FANS 1️⃣ - 1️⃣ FC BARCELONA FANS

Muri rwa rukurikirane rw'ihiganwa rya hariya mu ntara ya kuri stade hariko habera urukino rudasanzwe aho igice ca mbere giheze imigwi yose inganya igitsindo kimwe kukindi.

Urabona urukino ruhera gute?Bana natwe ikibiriraho kuva hariya i Gitega kuri 97.3 MHz hamwe no kuri live ya facebook yacu

📲 https://www.facebook.com/100077018772411/videos/776130021482800

📻 97.3 MHz





🏟️ Gitega: Urukino ruhuza abakunzi ba Real Madrid na FC Barcelona ruriko ruraba ikibiriraho kuri Stade IngomaKuri uwu wa...
08/10/2025

🏟️ Gitega: Urukino ruhuza abakunzi ba Real Madrid na FC Barcelona ruriko ruraba ikibiriraho kuri Stade Ingoma

Kuri uwu wa 10 Myandagaro 2025, igisagara ca Gitega catamvye mu birori vya Twash*tse Event 2025, aho abakunzi ba Real Madrid na FC Barcelona bari mu kibuga bariko barerekana ubuhinga n’ubwitange bwinshi, buri wese afise intumbero yo gutahukana Moto Master 150-9, agashimwe katanzwe na Aura Motors, umufatanyabikorwa w’iteka.

🕖 Isaha indwi z’umutaga niho ibikorwa vyatanguye ku mugaragaro kuri Stade Ingoma, abantu bitavye urwo rukino n’amarangamutima menshi,bafise ibiranca amakipe bashigikiye, amajwi y’amashimwe, indirimbo, n’ivyapa vyuzuye urukundo rw’umupira.

🎉Urukino ruriko rurabera ikibiriraho kuri PJ Classic FM 97.3 MHz no kuri Facebook ya PJ Classic FM, aho ushobora gukurikirana buri kanya n’ibiriko biraba ku rubuga.

🚩Twobibutsa ko igice ca mbere c’urukino kiriko kiraba ubu nyene, kandi vyitezwe ko haja ahabona umukinyi w’intororokanwa muri urwo rukino rukomeye ruri mu ntumbero yo gushigikira impano z’urwaruka.





Address

Memphis, TN
38018

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Pj Classic FM 97.3 MHz posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Pj Classic FM 97.3 MHz:

Share

Category