DIY viral video

DIY viral video Welcome to Hi all fan i just change my content from Cooking to ASMR / Farrier Horse Hoof Horseshoeing Restoration -Satisfying.

05/25/2023

sorry all fan i need to change my content from Cooking to Serene Farrier Hands: ASMR Horseshoeing Harmony

05/13/2023

Kure y'umutima
Episode 2
Bukeye nabonye umwango wuguruka mbona tentine arinjiye aza azanye ibintu vyinshi vyo kurya natangajwe n umutima mwiza yariko aranyereka kuko yaramvugishije neza arankinisha arampa ndarya nakayabagu kenshi kuko nari nshonje cane mpejeje aca ambwira nje gukina na Sabrina aho namusanze muri salon ariko akina na Papa ndatangara ntangura kwibaza ivyo nari naraye mbonye.
Imisi yakomeje kugenda ariko Papa nabona yarahindutse ntiyavuga yaguma atwenga gusa kuburyo natanguye kwibaza ko yoba yarasaze.
Tentine yatanguye kuza arataha atevye rimwe ntanatahe ikindi igihe nkabona azananye nabandi bagabo bakararana Papa nawe akarara mucumba cabash*tsi.
Umusi umwe natashe kumugoroba mvuye kwishure nsh*tse muhira nsaga harabadije namagufuri kwirembo ntangura kwibaza ivyarivyo.
Nahisemwo kurindirira kumwango mfise icizere ko haza kugera bakaza bakugurura niyumvisha ko araho boba bagiye.

11/10/2022

this view is from my new house

11/10/2022

every morning he go to school by bikecycle

11/10/2022

i love this place

08/04/2022

Kure y'umutima

Episode 3

Amagorwa ntasiga ayandi igihe kimwe numvise Goliyati ambwira ko umusonga yaramaranye imisi umurembeje agiye kuruhukira ruguru iyavuka aca mbwira ati:" Ubu urakuze kumyaka cumi nibiri genda urondere ahantu upanga inzu ubu baza barakumenyeye uze ubandanyirize akazi ko gusiga amarangi aho nari ngejeje gusa uze ube umugabo, gukura simyaka nimumutwe,uze uharanire kuja imbere ivyo usize inyuma uze uvyihoze kugira ngo bitakubuza ku bandanya ngo ubure vyose ndetse nibiba arivyagaciro warabigenewe Imana izobishira kunzira yawe ubisange imbere, uze wirinde abantu, naho bokwereka ko bakwitayeho uze ushime uriko ntuvyiteho cane, ubu*ima bumeze nkireresi uko ukina niwe uguhitamwo ariko ukwo uheza siwe uguhitamwo yamara muri vyose uze uharanire kuba umukinyi mwiza Imana ibishatse tuzosubira guhura''

Yaciye agenda ageze imbere aca arahindukira amanza andaba nisura iteye ubwoba hama aca aratwenga aca aragenda ryari iryambere ndamubonye atwenga kuburyo nibwiye ko ariyo mpano yiwe yanyuma ashatse kumpa numva ndababaye kubona dutandukanye na Goliyati nari nsigaye mfata nkumuvyeyi wanje ariko kandi nkurikiza impanuro yampaye zo kwama mparanira kubandanya mubu*ima ukwo vyogenda kwose.

Nasubiye kubona ko mubu*ima ari jewe na jewe koko maze mbaho atawundi ndaba atari jewe.
Goliyati yanyigishije ko gutwenga arimpano itagenewe buri wese muhura maze naje niga kwereka amenyo yanje bake ataruko nshavuye ariko aruko mpugiye mubu*ima bwanje ata umwanya wo kuyanika mfise.

Nari mfise ibihumbi ijana nari naraziganije kuva ntanguye gukorana na Goliyati maze ndagenda ndonka aga chambrette nkota kubihumbi mirongwitatu nca ntanga avance yamezi atatu nsigarana ibihumbi cumi ntangura kwiyumvira ukuntu ndayakoresha kuko yari make cane atakintu nakimwe co munzu mfise.

Niko nicaye murako kumba kanje ntangura guteka imitwe yingene ndaharara haheze akanya nca ndasohoka hari murupangu rwabamwo abandi bantu nca mpura na nyene urupangu kubera twari twapatanye numugore wiwe aca araza arandamutsa ati:" Gute sha Musore?"
Jewe nti:" ni sawa n'impore namwe?"
Nawe : "Karibu ndabona uracari muto nizere ko tuzobana neza?"
Jewe:"Urakoze reka tuvyizere''
Nawe : "Harikindi ikibazo ufise?Mbe harya ukora iki?''
Jewe:"ndasiga amarangi''

Aca aratangara cane ati:" U*i ko Ubu nyene nariko ngenda kurondera uwuzosingira irya nzu iri mukuza kubamwo abageni?"

Ukwo nikwo nash*tse ndonka ikiraka turinjira arayinyereka nsangamwo akamatera abahora bayibamwo batayemwo nca ndakamusaba akampa anezerewe nca ngenda isango arukukazindukiramwo.

Uwo musi nariye muri restaurant aho nasubiye kwibuka wamuhungu yigeze kumpa inrya muri restaurant kuko niho naherukira kirya muri restaurant.

Imisi yaragiye nkomeza kuza ndokora uturaka benshi bandonderera kubona ntabazimba kuko ayo bampa yose narayakorera aho hari namwe bangirira impuhwe bakanyongera ayangana nayo twapatanye kubera baba nabonye ukuntu narushe.

Mumisi mikeyi akumba kanje nari ngakwijemwo ibikoresho nkenerwa ndetse nutwo guteka.

Ntabagenzi nari mfise uretse ko abo twavugana bari abakiriya gusa nabo tukavugana ivyakazi.

Naratevye ndagura agaterefone kuko abakiriye banyidogera ko bibagora kuntora kandi koko karamfashije cane kuko ibiraka vyarirwije cane kuburyo naronse amahera menshi cane mbura Nico ndayakoza nca niyumvira kuzoja kuramutsa Goliyati iwabo maze nibuka ko ntazi iyaba.

Nca mpanga kuzoja kubaza kuri ryashure twakorako ubuzamu ariko bambwira ko atakintu nakimwe kimuranga bazi kuko yakora atanahembwa ibintu vyantangaje.

Nca ndasohoka ncitse intege ariko umudirecteur wiryo shure yansavye gusiga inimero ko nibagira ico bamenya bazompamagara nca ndazisiga ndagenda ico igihe nari nsigaye mfise imyaka cumi nitanu.

Numvise nkuko vyakunda kumbako nkakumbura Sabrina nsubiye kumukumbura nca mfata bus ngenda hamwe twahora tuba ariko nasanze haba abandi bantu bambwira ko bahaguze kuri Devota ndetse ko we yigiriye hanze.

Natanguye kwibaza nti:" kuki koko umuntu ashobora kumera nabi kugeza kururu rugero? none abayumva aryohewe canke ahagijwe no kubona hari abantu bagowe kubera we? Kuberiki umuntu ashobora kwumva yocinyiza uwundi akumva amahoro?
Gusa Buri kintu kugira intango kikagira nimpamvu ntawobimenya ariko ndashaka kumenya impamvu yateye Dévote kuduhemukira kirya kwose!''

Umusi umwe nari ndiko ndagenda munzira mbona inimero impamagaye ntayizi mbangutsa kuyitaba kuko nibwira ko atankeka ari umukiriya.

Nshize kugutwi nakangutwe numvise ijwi rya...loading épisode 4

08/03/2022

Kure y'umutima

Episode 2

Bukeye nabonye umwango wuguruka mbona tentine arinjiye aza azanye ibintu vyinshi vyo kurya natangajwe n umutima mwiza yariko aranyereka kuko yaramvugishije neza arankinisha arampa ndarya nakayabagu kenshi kuko nari nshonje cane mpejeje aca ambwira nje gukina na Sabrina aho namusanze muri salon ariko akina na Papa ndatangara ntangura kwibaza ivyo nari naraye mbonye.

Imisi yakomeje kugenda ariko Papa nabona yarahindutse ntiyavuga yaguma atwenga gusa kuburyo natanguye kwibaza ko yoba yarasaze.

Tentine yatanguye kuza arataha atevye rimwe ntanatahe ikindi igihe nkabona azananye nabandi bagabo bakararana Papa nawe akarara mucumba cabash*tsi.

Umusi umwe natashe kumugoroba mvuye kwishure nsh*tse muhira nsaga harabadije namagufuri kwirembo ntangura kwibaza ivyarivyo.

Nahisemwo kurindirira kumwango mfise icizere ko haza kugera bakaza bakugurura niyumvisha ko araho boba bagiye.

Ariko ijoro ryarijimye gushika aho buri wese yinjira iwe urwacu atanuwurunyiganjije.

Naricaye negamira kumwango nisanga ndiko ndarira nti:
''kuberiki ari jewe biriko birabako?
Kuberiki abandi bose bafise aho bataha ariko jewe nkaba ndaye kugahinga?
Kuberiki ubu*ima bwanje busa naho atamahirwe namakeya aburangwamwo?
Ese amaherezo nayahe?...''

Nakomeje kwidoga imvura iragwa iranyagira ndicwa nimbeho ndajugumira kuburyo numva ko iryo joro ritaza guca.

Mu mwijima mwinshi nabonye umuco ntabona iyo uriko urava nza numva ijwi irimeze nkirya maman rivuga ngo:"Humura mwananje, niyo isi yakubera umuvumo we uzoyibere umugisha kuko uri amahirwe ikeneye, ntuzogire ico uyitegako ahubwo uzoreke yo igire ico ikwitegako, nimba uraye kugahinga nturaye mumva, uyu muco uri imbere yawe reka kikubere ikimenyetso ko naho bose boguta hazokwamaho inyenyeri yaremewe kukumurikira mugihe c'umwiza wumu*itanya, Elvis nturi we nyene nagato kandi urarinzwe eka si wewe we nyene ariko na mushikawe Sabrina...''

Numvise harikintu umenga kiramfutse nca numva ndasusuturutse kuburyo Naciye nsinzira nsubira gukanguka mbona bwakeye ndahaguruka numva atatuguvu mfise ariko ndagenda kwishure ninzara.

Ninjiye mwishure nicara inyuma aho abandi banyeshure baje na mwigisha araza atangura kwigisha ariko nsinzi ukuntu yandavye aca arampamagara nja imbere ati:" Elvis urabona ingene usa? ntu*i ko kizira kuzanana umwanda kwishure? uikeneye gutera ingwara abandi abana? hinge nzane igiti ndakwereke!''

Yazanye inkoni arankubita ariko numva ataco bimbwiye bikaba vyaranamutera gushangashingwa bigatuma arushiriza kunkubita aca aranyirukana ambwira kuzogaruka nzanye umuvyeyi aho nasohotse nsezeye ishure ryagatandatu kuko atamuvyeyi nari nsigaranye wo kuzozana kumvugira.

Natanguye kwiyumvira iyo ndibwerekere ndahabura ariko kandi numva ko ntegezwe kugira aho ngiye maze mfata ibarabara ndagenda ntangura kwibaza nti:" Sabrina ubu yoba amerewe gute?ubwo ntiyoba ari muvyago nawe ayamango? Mbe nzosubira kumubona? icompa nkamenya ko ari mu*ima basi!"

Nash*tse ahantu hari restaurant mbona umuhungu yari yicaye imbere yiwe harinrya yicurikiye nca ndagenda ndamubwira nti:" mpivyokurya ndashonje''

Yarandavye aca mbwira ati:" akira birye nubundi numva atakayabagu mfise vyananiye''

Nabigurukiyeko ndabirya mpejeje nca ndahaguruka ndagenda ariko nza numva aramfashe ukuboko aca ambwira ati:"ntunavuga merci?"
Jewe:" ntavyo narinzi ko bayivuga''
Nawe:"Mbe ko usa nabi kandi wambaye uniforme ukaba uri mwibarabara abandi abana bari mwishure aho ntiwananiranye ukiha ibarabara''

Numvise mbabaye naho nari mpaze nca ndamubwira nti:''wakoze kumpa ivyo kurya Imana ize iguhezagire''
Nca ndagenda kubwamahirwe ntiyasubiye kumfata.

Niriwe ndazunguruka igisagara bwira ngeze ahantu ku mashure aho nabonye ahantu hari imfuruka aba ariho nihengeka numvise ndushe.

Haheze akanya mbona haje ikigabo kirekire kinshikiriye kirakankama giti:" wee sha! ngaho uriko uhakora iki?''
Nkangutswe n ubwoba bwinshi nca ndavunduruka niruka ariko kiba camfashe kera kiguma kinkankamira kuburyo nasubiye gutora Ubwenge mbona nryamye kukamatera nipfutse igikoti kinini camota nabi ndavye mbona rwarugabo runyicaye imbere ngomba nsubire kwiruka nza numva rumbwiye ruti:"nubundi ntuze kugerageza kuncika kuko ntavyo Uza gushobora''

Nca mpitamwo gutekereza nza mbona rumpaye ibijumbu bibiri vyokeje ndavyakira ariko ndatinya kubirya haheze akanya ruca rumbwira ruti:" ndabona udashonje bimpe ndavyirire''

Nca ndahimbura kimwe ntangura kukirya haheze akanya mbona rumpaye icupa rwari ruhejeje kunywako nanje ndanywa aho numvise aribintu bimeze ukuntu gusa uko nanywa niko numva umutwe umenetse n ubwoba burahera ntangura kurubwira ivyanje vyose gushika ntwawe nitiro.

Nasubiye kwumva rumvyura ruti:"vyuka tugende nimba utagomba gusubira kwirirwa urazunguruka igisagara!''
Jewe naza narumenyeye nti:"Kuberiki uteranye ubwoba ariko ukaba umeze neza?"
Narwo ruti:"Uretse ko kizira gucira urubanza ibigaragara, kwisi nta mwiza ariho, ukwiye kubaho u*i ko buri wese yiberaho atawubereyeho uwundi, uracari muto uzobibona''
Namubajije nti:"Ubu tugiye hé?"
Narwo:"Reka kubaza ikibazo vyinshi nimba ushaka kujana nanje''
Jewe:"Basi mbwira izina ryawe canke ukwo nza ndaguhamagara''
Rwaranyitegereje runtera ubwoba rurankankamira ariko kubera naza narumenyeye sinagize ubwoba cane ruca rumbaza ruti:"Ubona izina rimbereye ariryahe?"
Jewe nararwihweje nca nibuka ikigabo amahero twakunda kwiga muri religion nca ndakibwira nti:"Goliati''
Narwo ruti:" fata iryo nyene rero niwarimpamagara nzokwitaba nawe nzoguhamagara Dawidi''
Jewe:''ndarikunze kurusha Elvis''

Twakomeje kugenda aho twash*tse kurupangu rumwe turinjira nca nsigara hanze haheze akanya Goliyati araza azanye ibikopo bibiri vyamarangi ati:" tora iki gishati wambare dutangure gusiga uru ruhome''

Ukwo nikwo natanguye gukora akazi KO gusiga amarangi kumyaka cumi mwijoro tukaza kurarira ishure riri hano.

Naratevye ndamenyera kuburyo ari ahantu horoshe yahampa nkahikorana wewe akaja gukora ahandi twese tugahurira kuri rya shure.

Twararonka amahera ariko twirira misi yose mwijoro ibijumbu vyokeje.

Amagorwa ntasiga ayandi umusi umwe nagiye numva...loading épisode 3

08/02/2022

Kure y'umutima

Episode 1

Ubu*ima ni urukurikirane rw'ibihe aho ubona buca ukabona bwira rimwe ukaryoherwa irindi ukababara.
Ivyo n'ibisanzwe kuko ntawe bitabako kandi buri wese amaze kubaho amenya kwitega vyose.

Natanguye guca ubwenge mbona muhira Papa na Maman ndetse nabakozi tumeze neza numva atakibazo mfise.

Igihe kimwe nubwo nari muto cane ariko ndavyibuka nkivyo nabonye ejo, nabonye Papa aza muhira yihuta niruka kumuyambira ariko aca ancako anyaruka arangurura mucumba mbona asohokanye ivarize aragenda nasigaye ndarira nkumwana uwariwe wese ataba ashaka ko umuvyeyi amusiga.

Nadine yaraje aranterura anjana kwibarabara angurira chocolat hama mbona guhora tuca turataha.

Iryo joro yaba Papa yaba Maman ntanumwe yatashe nararanye na Nadine umukobwa yakora muhira.

Bukeye bwaho nabonye hinjira tentine ateruye akana Papa nawe inyuma nabandi bantu ntibuka gusa bose ntanumwe yavuga.

Barash*tse bicara muri salon atawuvugisha uwundi Tentine abwira Papa ati:"Oya nukuri Papa Elvis akira terura umwana wawe ntuheranwe nagahinda!"
Papa yarimyoje aca agenda mucumba ntiyigeze asohoka umusi wose.

Nararyamye mvyuka ku mugoroba nsanga muri salon no murugo huzuye abantu benshi ariko bose narondera Maman nkamubura mbajije Nadine nkabona akoroye amosozi ambwira ngo:" Maman ari ahantu heza araruhutse''

Sinatahura ivyarivyo, ku musi wakurikiye nabonye bantegura bantwara mumodoka n abandi bana bo kwa oncle tugenda turakina ariko ntibatwemerera gusohoka mu modoka gushika igihe nabonye ndabiye mukiyo ikintu cubatse namakaro hariko ifoto y'a Maman mbona bose barira.

Igihe carageze turataha hahera imisi mbona abantu benshi muhira ariko uko imisi yahera niko bagabanuka kugeza aho nasanze muhira hasigaye Papa na tentine Devota aho Papa yaje ku mbwira mu majambo yumvikana ko Maman yapfuye ari mwijuru ntazosubira kumubona yongera ambwira ko yadusigiye akabebe kitwa Sabrina ariko Tentine yarateruye.

Ubwenge bwanje ntibwari bwashobore kumenya ubunini bwivyo yarambwiye kuko sinababaye yambwiye ko Maman arahantu heza numva nanje vyanka vyakunda igihe kizogera nkamusangayo canke akaza kuntora.

Tentine niwe yabandanije aba aho Maman atari araturera turakura ndibuka inyuma yimyaka itanu nari mfise imyaka munani niga muwakane Sabrina nawe yiga muwambere niho numvise Tentine devota twari dusigaye twita Maman ariko ashwana na Papa avuga ngo:''Agnès yarapfuye yaranaboze nimva yiwe yarazimanganye ivyo nukuvyemera Hama ukamfata nkumugore wawe nanje ukamvyarako ataruko naho uzombona uwo ndiwe! kuko je sinaje kuba umuyaya wewe!"

Papa:" Ariko ntasoni ga Devota urumva ukuntu umuvuga nkaho umenga ntimwavukana? tuma umwabahira nuko atakiriho basi Hama ureke kuncurira''

Devota:" Mbega igihe wamutwara sinari nakubwiye ngo utware jewe ayamango ntituba twaravyaranye tukarera abo twavyaranye''

Papa:"Imana yarakoze yandinze izindi mpfuvyi kuko abana bokuvukako ntaho boba batandukaniye nabavutse kukiziga, nzorera Elvis na Sabrina Imana niyaba ikintije ubu*ima''

Tentine Devota:" Uvuze ngwiki ga Papa Elvis? hinge nze ndakwereke''

Nabonye Tentine atora ikidaje cikiyeri akimena mumutwe wa Papa amaja inyuma aca arwa hasi.

Je aho nari ndi nakomye induru aca arankwega amburura anyugaranira mucumba canje nguma ndirirayo niyumvira ko Papa nawe ashobora kuba yapfuye.

Uwo musi waraheze atawuje kunyugururira bukeye bwaho niho nagiye mbona uwango wugurutse nza mbona...loading...épisode 2

Address

Miami, FL
33023

Telephone

+25771349267

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when DIY viral video posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category