11/01/2025
🔴🇹🇿🇰🇪 Amakuru aturuka muri Tanzania avuga ko abaririmvyi bakomeye Diamond Platnumz, Zuchu, hamwe n’umuyobozi wiwe Salaam SK, barikumwe n’umuryango wa Diamond, bamaze guhungira muri Mombasa, Kenya 🇰🇪, bakoresheje indege zabo bwite 🛩️.
Biravugwa ko abo baririmvyi bahunze kubera imyiyerekano ikaze n’umujinya w’abafana 🗣️, aho benshi bavuze ko Diamond yari asigaye afitaniye ubucuti n’abayobozi bashinjwa gukandamiza abanyagihugu 😡. Abafana benshi bavuze ko, iyo aza kuririmbira muri Tanzania, bari kumuvugiriza induru kandi amatikiti yiwe atagurwa cane. 🎟️
Mu gihugu ca Zambia 🇿🇲, abaririmvyi nka Yo Maps na Chile One nabo bashinjwa kwifatanya na Prezida Hakainde Hichilema (HH). Ariko bamwe bavuga ko ari ubucuruzi gusa, abandi bakavuga ko kwivanga na politike bishobora kwonona izina ry’umuririmvyi 🧠.
AbanyaTanzania bavuga ko utashobora kuvanga politike n’ubucuruzi ngo bigende neza. Ni co gituma Diamond ashobora kwakirwa nabi niyongera gusubira ku butaka bwa Tanzania 🇹🇿.
Muri Kenya 🇰🇪, abahanzi baramenyerewe kuba ku ruhande rw’abanyagihugu ✊🏾, bagafatanya nabo mu myiyerekano ndetse bakaba mu murongo wa mbere igihe bariko bariko bariyamiriza akarenganyo 💪🏾.
Ariko muri Zambia 🇿🇲, bamwe mu baririmvyi bariko baraseka abanyagihugu bavuga ko Prezida HH ari “umuyobozi w’ibihe vyose,” bakibagira ko ubutegetsi ari ubwa kiringo gito 🕰️.
➡️ “Ntukigere uhurira ku ruhande rw’umukandamizi, kuko ubuzima n’ubutegetsi biharirwa n’Imana,” niko benshi barangije bavuga 🙏🏾.
Kora Like/Share ubone amakuru menshi.
🇹🇿 🇰🇪 🇿🇲