Afrika Yacu Media

Afrika Yacu Media Karibu Washington
(1)

“Afrika Yacu ni urubuga rugamije kwerekana ubwiza, ubuhanga n’iterambere by’umugabane wacu – mu ndimi zacu, mu muco wacu, no mu bitekerezo byacu cane cane mu Rwanda no mu Burundi".

🔴🇹🇿🇰🇪 Amakuru aturuka muri Tanzania avuga ko abaririmvyi bakomeye Diamond Platnumz, Zuchu, hamwe n’umuyobozi wiwe Salaam...
11/01/2025

🔴🇹🇿🇰🇪 Amakuru aturuka muri Tanzania avuga ko abaririmvyi bakomeye Diamond Platnumz, Zuchu, hamwe n’umuyobozi wiwe Salaam SK, barikumwe n’umuryango wa Diamond, bamaze guhungira muri Mombasa, Kenya 🇰🇪, bakoresheje indege zabo bwite 🛩️.

Biravugwa ko abo baririmvyi bahunze kubera imyiyerekano ikaze n’umujinya w’abafana 🗣️, aho benshi bavuze ko Diamond yari asigaye afitaniye ubucuti n’abayobozi bashinjwa gukandamiza abanyagihugu 😡. Abafana benshi bavuze ko, iyo aza kuririmbira muri Tanzania, bari kumuvugiriza induru kandi amatikiti yiwe atagurwa cane. 🎟️

Mu gihugu ca Zambia 🇿🇲, abaririmvyi nka Yo Maps na Chile One nabo bashinjwa kwifatanya na Prezida Hakainde Hichilema (HH). Ariko bamwe bavuga ko ari ubucuruzi gusa, abandi bakavuga ko kwivanga na politike bishobora kwonona izina ry’umuririmvyi 🧠.

AbanyaTanzania bavuga ko utashobora kuvanga politike n’ubucuruzi ngo bigende neza. Ni co gituma Diamond ashobora kwakirwa nabi niyongera gusubira ku butaka bwa Tanzania 🇹🇿.

Muri Kenya 🇰🇪, abahanzi baramenyerewe kuba ku ruhande rw’abanyagihugu ✊🏾, bagafatanya nabo mu myiyerekano ndetse bakaba mu murongo wa mbere igihe bariko bariko bariyamiriza akarenganyo 💪🏾.

Ariko muri Zambia 🇿🇲, bamwe mu baririmvyi bariko baraseka abanyagihugu bavuga ko Prezida HH ari “umuyobozi w’ibihe vyose,” bakibagira ko ubutegetsi ari ubwa kiringo gito 🕰️.

➡️ “Ntukigere uhurira ku ruhande rw’umukandamizi, kuko ubuzima n’ubutegetsi biharirwa n’Imana,” niko benshi barangije bavuga 🙏🏾.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.
🇹🇿 🇰🇪 🇿🇲

🇹🇿🔴 TANZANIA: Umugwi ujejwe amatora watangaje ko Prezida Samia Suluhu Hassan yatsindiye amatora ya perezida n’ijwi rishi...
11/01/2025

🇹🇿🔴 TANZANIA: Umugwi ujejwe amatora watangaje ko Prezida Samia Suluhu Hassan yatsindiye amatora ya perezida n’ijwi rishika ku 98%.

Ariko kandi, haratinya ko abantu amajana bashobora kuba bahasize ubuzima inyuma y’imisi itari mike y’imyiyerekano n’imidurumbanyo.

Ishyaka riri ku butegetsi, CCM, rimaze imyaka irenga 60 riyobora igihugu.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.
🇹🇿

🔴 🇹🇿 𝗣𝗿𝗲𝘇𝗶𝗱𝗮 𝗦𝗮𝗺𝗶𝗮 𝗦𝘂𝗹𝘂𝗵𝘂 𝘆𝗮𝗵𝗮𝗺𝗮𝗴𝗮𝘆𝗲 🇰🇪 𝗥𝘂𝘁𝗼 𝗻𝗮 🇺🇬 𝗠𝘂𝘀𝗲𝘃𝗲𝗻𝗶 𝗵𝗮𝗴𝗮𝘁𝗶 𝗺𝘂 𝗺𝘆𝗶𝘆𝗲𝗿𝗲𝗸𝗮𝗻𝗼 𝗶𝗸𝗼𝗺𝗲𝘆𝗲 𝗺𝘂𝗿𝗶 𝗧𝗮𝗻𝘇𝗮𝗻𝗶𝘆𝗮🔥 Mu gihe imyiye...
11/01/2025

🔴 🇹🇿 𝗣𝗿𝗲𝘇𝗶𝗱𝗮 𝗦𝗮𝗺𝗶𝗮 𝗦𝘂𝗹𝘂𝗵𝘂 𝘆𝗮𝗵𝗮𝗺𝗮𝗴𝗮𝘆𝗲 🇰🇪 𝗥𝘂𝘁𝗼 𝗻𝗮 🇺🇬 𝗠𝘂𝘀𝗲𝘃𝗲𝗻𝗶 𝗵𝗮𝗴𝗮𝘁𝗶 𝗺𝘂 𝗺𝘆𝗶𝘆𝗲𝗿𝗲𝗸𝗮𝗻𝗼 𝗶𝗸𝗼𝗺𝗲𝘆𝗲 𝗺𝘂𝗿𝗶 𝗧𝗮𝗻𝘇𝗮𝗻𝗶𝘆𝗮

🔥 Mu gihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi iriko irakwira hirya no hino muri Tanzaniya, amakuru avuga ko 𝐏𝐫𝐞𝐳𝐢𝐝𝐚 𝐒𝐚𝐦𝐢𝐚 𝐒𝐮𝐥𝐮𝐡𝐮 𝐇𝐚𝐬𝐬𝐚𝐧 𝐲𝐚𝐡𝐚𝐦𝐚𝐠𝐚𝐲𝐞 𝐏𝐫𝐞𝐳𝐢𝐝𝐚 𝐖𝐢𝐥𝐥𝐢𝐚𝐦 𝐑𝐮𝐭𝐨 𝐰𝐚 𝐊𝐞𝐧𝐲𝐚 🇰🇪 𝐧𝐚 𝐏𝐫𝐞𝐳𝐢𝐝𝐚 𝐘𝐨𝐰𝐞𝐫𝐢 𝐌𝐮𝐬𝐞𝐯𝐞𝐧𝐢 𝐰𝐚 𝐔𝐠𝐚𝐧𝐝𝐚 🇺🇬kugira baganire ku mutekano w’akarere no ku buryo bwo guhagarika imyiyerekano iriko irarushiriza gukomera.

🗣️ Amakuru avuga ko Prezida Samia yabashinje “gusuka essence mu muriro” 🔥, bivuga ko hari abava mu bihugu vyabo bariko bafasha abiyamiriza ubutegetsi bwa Tanzaniya.

📍 Imyiyerekano irabandanya kwibonekeza cane mu bisagara nka Dar es Salaam, Mbeya, na Arusha, aho abaturage benshi basaba ko Prezida Samia Suluhu yotanga imihoho 😥.

👀 Kuri ubu, Kenya na Uganda bariko bakurikiranira hafi uko ibintu bimeze, kugira barondere uburyo bwo gufasha kugarura amahoro n’umutekano mu karere 🤝.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.
🇹🇿 🌍

📍🇹🇿   : Général Jacob J. Mkunda yavuze ko yahawe $1,000,000 n’inzu kugira ngo ahindukire abarwanya ABANYATANZANIYA igihe...
11/01/2025

📍🇹🇿 : Général Jacob J. Mkunda yavuze ko yahawe $1,000,000 n’inzu kugira ngo ahindukire abarwanya ABANYATANZANIYA igihe batangura kwiyamiriza ubutegetsi.

🗣️ “Ariko igihe abasirikare banje batembera bafise amapikipiki y’amaganya, amakamyo y’imyotsi n’amazi yo gusanzaza abanyagihugu bashaka ukubebereza, naravye ibikoresho vyashaje ndavuga nti: Amafaranga ya Leta yaranyurujwe!

Kubera iki notera kubiri abo noshoboye gukingira ubuzima bwabo, ibintu vyabo, ejo habo?
Nahitiyemwo guhagarara hamwe n’ABANYAGIHUGU.”

💬 Ijambo riyunganira:
Uburongozi bw’umusirikare ni ugukingira igihugu ciwe. Iyo inzego z’ubutegetsi zinaniwe, intumbero y’ukuri iribonekeza.
Iteka kuri abo bahitamwo kubaho mu kinyabupfura. 🦁

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🚨🇹🇿 TANZANIA: Amakuru aturuka muri Tanzaniya avuga ko abaririmvyi bazwi cane   na   bahunze igihugu inyuma yo gushigikir...
10/31/2025

🚨🇹🇿 TANZANIA: Amakuru aturuka muri Tanzaniya avuga ko abaririmvyi bazwi cane na bahunze igihugu inyuma yo gushigikira Perezida muri politike yiwe.

🎤 Ubu abo baririmvyi bombi bari mu gihugu ca , mu gisagara ca , aho bahungiye kubera ubwoba bw’abari mu myiyerekano n’abatangiye kubatera ubwoba.

🎶 Buri muririmvyi yahunganye n’umurwi wiwe wose bafashanya mu bikorwa vy’umuziki no mu gucururanga.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🔴 🇹🇿 Abari mu myiyerekano muri Tanzaniya bashize ahabona ivyo basaba Prezida Samia Suluhu HassanAbari mu myiyerekano bas...
10/31/2025

🔴 🇹🇿 Abari mu myiyerekano muri Tanzaniya bashize ahabona ivyo basaba Prezida Samia Suluhu Hassan

Abari mu myiyerekano basavye ibintu bikurikira:

✅ Gusubirwamwo amatora
✅ Gushinga itegekonshinga rishasha
✅ Gushinga umurwi w’amatora mushasha wigenga
✅ Kurekura abo banyurujwe
✅ Guhagarika imanza zose ziregwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi

🇹🇿
Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🔴 🇧🇮 Musitanteri wa Komine Bubanza yahagaritswe mu mabanga yiwe🗓️ Ku wa 31 Gitugutu 2025, Simbagoye Jérémie, yari arongo...
10/31/2025

🔴 🇧🇮 Musitanteri wa Komine Bubanza yahagaritswe mu mabanga yiwe

🗓️ Ku wa 31 Gitugutu 2025, Simbagoye Jérémie, yari arongoye Komine Bubanza mu ntara yagutse ya 🇧🇮 Bujumbura, yahagaritswe ku mabanga yiwe.

⚖️ Nk’uko bitegekanwa n’itegeko ryasohowe n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, uwo musitanteri yarenze itegeko ryo ku wa 07 Ruheshi 2024, mu ngingo ya 45, agace ka 6, ryerekeye ugutunganya bushasha intwaro ya komine.

🇧🇮
Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🚨🇺🇦🇷🇺 UKRAINE | IBITERWA NA SBU VYAHAHAMUTSE INGANDA Z’AMAVUTA MU BURUSIYA 💥Umukuru w’Iperereza rya   (SBU), Malyuk, yat...
10/31/2025

🚨🇺🇦🇷🇺 UKRAINE | IBITERWA NA SBU VYAHAHAMUTSE INGANDA Z’AMAVUTA MU BURUSIYA 💥

Umukuru w’Iperereza rya (SBU), Malyuk, yatangaje ko kuva mu ntango z’uyu mwaka habaye ibitero 160 vyarash*tse neza ku nganda z’Uburusiya zikora canke zitunganya amavuta ya peteroli.

🛢️ Mu mezi ya Nyakanga na Gitugutu, ibitero 20 vyaratewe vyibasiye:

Inganda 6 z’itunganywa rya peteroli,

Amasasita 2 (terminals),

Ibigega 3 (depots),

Ibipompo 9 (pumping stations).

📉 Ivyo bitero vyatumye haba:

Ugukena kwa peteroli kurenga 20%,

Uguhagarika 37% vy’umwimbu w’inganda z’itunganywa rya peteroli,

Ukubura amavuta mu bice 57 vy’Uburusiya,

Kandi Reta y’Uburusiya yashyizeho ihagarikwa ry’iyoherezwa rya essence hanze y’igihugu gushika mu mpera z’umwaka.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🗳️🇹🇿 TANZANIYA | SAMIA SULUHU YEMEJWE KU MUGARAGARO NK’UMU PEREZIDA YATOREWE 👩🏽‍⚖️Perezida wa mbere w’umugore muri  , Sa...
10/31/2025

🗳️🇹🇿 TANZANIYA | SAMIA SULUHU YEMEJWE KU MUGARAGARO NK’UMU PEREZIDA YATOREWE 👩🏽‍⚖️

Perezida wa mbere w’umugore muri , Samia Suluhu Hassan, yatangajwe ku mugaragaro na Komisiyo y’Igihugu Ijejwe Amatora nk’uwatsindiye amatora ya 2025, akaba Perezida-Elect.

✅ Samia Suluhu yariko ariyamamaza atagira abo bahiganwa bakomeye, atsinda n’amanota 85.4%, ivyerekanye ububasha bukomeye afise mu gihugu.

📅 Azotangura manda yiwe ya mbere yatowe icese kuva 2025 gushika 2030, inyuma yo gusubirira nyakwigendera John Pombe Magufuli mu 2021.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🔴🇹🇿 TANZANIYA | UBURAKARI BURARYA, ABARWANYI BARENGA IJANA BAMAZE GUPFA 😢Imyiyerekano ikaze irabandanya muri  , aho abig...
10/31/2025

🔴🇹🇿 TANZANIYA | UBURAKARI BURARYA, ABARWANYI BARENGA IJANA BAMAZE GUPFA 😢

Imyiyerekano ikaze irabandanya muri , aho abigaragambya bafashe ikibuga c’indege kugira bahagarike abategetsi bakomeye bashaka guhungira hanze, bongere berekane ukutishura ubutegetsi bwa Perezida ashaka manda nshasha mu gihe yoba ariko akura ku butegetsi umukandida akunzwe cane n’abanyagihugu.

🔥 Mu bisagara bitari bike, amapolisi amaze gutsindwa, ibipolisi biraturirwa, kandi inguvu z’umutekano zirasubira inyuma kugira zitegure ukundi kwiyubaka.

😰 Amakuru yemeza ko abarenga 100 bamaze gupfa, abandi benshi bakomerekera mu makuba y’iyo myiyerekano ikaze.

✈️ Nk’uko vyabaye muri mu minsi yashize, hari ubwoba ko Perezida ashobora guhunga igihugu mu misi iri imbere, kubera uko ibintu bigenda birushiriza gukomera.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🚨 IBIHUGU VYAKOZE IBIPIMO VYA NUKIRIYERI (NUCLEAR TESTS) 💣📊 Dore ibitigiri vy’imigeragezo ya nukiriya vyakozwe n’ibihugu...
10/31/2025

🚨 IBIHUGU VYAKOZE IBIPIMO VYA NUKIRIYERI (NUCLEAR TESTS) 💣

📊 Dore ibitigiri vy’imigeragezo ya nukiriya vyakozwe n’ibihugu bitandukanye kw’isi:

🇺🇸 Reta Zunze Ubumwe za Amerika (USA) : 1,032
🇷🇺 Uburusiya (Russia) : 727
🇫🇷 Ubufaransa (France) : 215
🇬🇧 Ubwongereza (United Kingdom) : 88
🇨🇳 Ubushinwa (China) : 47
🇰🇵 Koreya ya Ruguru (North Korea) : 6
🇮🇳 Ubuhindi (India) : 3
🇵🇰 Pakisitani (Pakistan) : 2

☢️ Ibipimo vy’ubu bwoko birerekana uko ibihugu vyagiye vyiyungunganya mu bijanye n’intwaro za kirimbuzi kuva mu myaka yo hambere gushika n’ubu.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

🚨🇹🇿 TANZANIYA | IVYAMAMARE HARIMO DIAMOND PLATNUMZ VYAHUNZE IGIHUGUImyiyerekano ikaze irabandanya muri  , aho vyamenyeka...
10/31/2025

🚨🇹🇿 TANZANIYA | IVYAMAMARE HARIMO DIAMOND PLATNUMZ VYAHUNZE IGIHUGU

Imyiyerekano ikaze irabandanya muri , aho vyamenyekanye ko ivyamamare bitari bike, harimwo n’umuririmvyi w’ikirangirire 🌍 Diamond Platnumz, vyahungiye mu gisagara ca Mombasa muri Kenya 🇰🇪 kugira bikingire ubuzima bwavyo.

😳 Amakuru avuga ko aba bahanzi n’abanyamashusho batangiye guhunga inyuma y’uko bagizwe intandaro y’uruhagarara kubera ngo bashigikiye Perezida Mama Samia Suluhu mu matora aheruka.

📲 Diamond Platnumz bivugwa ko yamaze gufuta amafoto n’amavidewo yose yashize ku mbuga ziwe yerekana ko ashimigikiye Mama Samia, kugira arinde umutekano wiwe, ibikorwa vyiwe vya Wasafi Studio, hamwe n’umuryango wiwe.

💬 Abari mu myiyerekano bariko basaba ko abamenyekanye bose batanz’ivyiyumviro bishigikira intwaro iriho bohagarika ivyo bikorwa, bitaba ivyo bagafatwa nk’ababogamiye ku butegetsi.

Kora Like/Share ubone amakuru menshi.

Address

Buffulo
New York, NY

Telephone

+255747234020

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Afrika Yacu Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share