09/11/2025
🎤TWASH*TSE EVENT:SAT-B NA MKOMBOZI BAZOTERAMISHA GRANDE FINALE Y’AMATEKA!
Ibirori bihambaye vya Twash*tse Event bigeze ku gice ca nyuma!Ku wa 13 Nyakanga 2025,ku kibuga ca ETS Kamenge i Bujumbura,abashigikiye umuziki w’i Burundi n’abakunzi b’impano baritezwe ku bwinshi muri Grande Finale izoteramwo amazina akomeye atuma u Burundi buronka ijambo.
🌟SAT-B,umuririmvyi amaze imyaka aririmba ku rwego mpuzamakungu, yagiye yandika izina ryiwe biciye mu ndirimbo zakunzwe cane ndetse niziriko zifata benshi nka Kilisese,Humu Tuu,zishingiye kuri "Buja Piano".Afatwa nk’itara ry’ivyerekezo bishasha, Sat-B yitezwe gushira umuriro ku kibuga, akabumbatira urukundo n’ivyishimo vy’abakunzi b’umuziki.
🌟MKOMBOZI,umuririmvyi w’ubutumwa bwimbitse, asanzwe azwi nk’umuvugizi w’amahoro, urukundo n’ukuri biciye mu bikorwa vyiwe. Ategerezwa gushikana igiteramo c’umutima ku rwego rw’iteka,agahuza abarundi n’ivyiyumviro vyubaka.
🎶Bagiye gufatirwa mu gikumwe n’abandi bafise izina ryiza mu gihugu:
-Kellyna, ijwi ry’umugisha mu muziki,
-Pechie B,umuririmvyi w’amajwi ya RnB n'iyindi midiho,
-Fajos Burundi,umuririmvyi w'akaranga
-Metou Brown,indirimbo ziwe zifise umwitwarariko,
-Emma Niga,umuririmvyi ariko aharanira gushika mu benshi,
-Fabrino,umuririmvyi w’urwaruka ruriko ruraduga,
-Refuge Band,abaririmvyi b’indirimbo zo guhimbaza Imana,
-Yared Wanyange,umuhinga mu gutwenza.
⚽Hazoba urukino ruhuza abakunzi ba FC Barcelona na Real Madrid ku rwego rw’igihugu.
🏍️Aura Motors izotanga moto nshasha nka MASTER 150-9,Aura 80 NGC, na Aura CG Hyper ku batsinze mu ihiganwa Agahogo na Aura Motors.
🎤Abamenyeshamakuru n’abateramisha:
-DJ Emma The Magic,
-MC Ntare & MC Shaloom,
-Hazard le Mansa,
-Eddy Christian,
-Landry Neymar & Killo Mike.
🎟️Amatike:
-Pourtour:5,000 FBu
-Tribune:10,000 FBu
-VIP:20,000 FBu
🔥ETS Kamenge, Bujumbura
📞+257 68 817 630
Ntihagire n’umwe avyitwaza.Ibirori vy’igihugu biriko biba,ivyishimo biramaze gutangura!