04/22/2026
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste atera akamo abarundi kwirinda amakuru y’ibihuha aba afise intumbero yo guhuvya no gucanishamwo abanyagihugu akunze kwibonekeza mu bihe vy’amatora.
Mu birori vyo kwugurura icese inyigisho zijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu kuri uyu wagatatu ku murwa mukuru wa poritike I Gitega, perezida Ndayishimiye yagabishije abanyagihugu kuhagabira atanga uturorero nka barukoti, agashinge twaranze amatora yo muri kahise.
“Iyo twimirije amatora murazi yuko hakunda kuba ibihuha vyinshi navyo birahungabanya imitima y’abantu ugasanga imitima iri mu kirere. Muravyibuka muri kahise himirije amatora waza wumva abantu ngo hariho abantu bakurana amenyo. Ukabona abantu barahungabanye ngo hariho abatera agashinge, ba rukoti. Abo bose ni kugira bahungabanye imitima y’abantu”.
Ivyo birori vyari vyitabiriwe n’isinzi ry’abanyagihugu, abategetsi batandukanye bagize reta, abaserukira ibihugu vyabo, imigambwe n’amashirahamwe yigenga.
Prosper Ntahorwamiye arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gucungera amatora yamenyesheje ko ikirangamisi c'amatora y'umukuru w'igihugu kizomenyeshwa mu kwezi kwa Rusama kwimirije, inyuma y'inama umurwi CENI uzogirana n'aberwa n'amatora bose.
Asigura yuko abazokwandikwa kugira bitabire ayo matora ari abatari bwakwize imyaka 18 igihe haba itora ryo mu mwaka uheze wa 2025, abahungutse bakwije ibisabwa n'amategeko kugira baronke uburenganzira bwo gutora hamwe n’abandi banyagihugu batashoboye kwiyandikisha mu matora aheze ya 2025 bafise imvo zumvikana.
Uburundi bwaheruka vuba mu matora y’abashingamateka, abakenguzamateka n’abahanuzwajambo b’amakomine mu mwaka 2025. Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD niwo watahukanye intebe nyishi. Imigambwe itavuga rumwe na reta ntiyashimye ivyavuye mu matora ivuga yuko yaranzwe n’utunenge dutandukanye.
Amasamu : Iris News/ Jimbere Magazine