Peace International TV

  • Home
  • Peace International TV

Peace International TV Welcome to Peace TV.

🔴Ikimodoka gitwaye amazutu catemvye 🧨Amakuru dukesha ikinyamakuru  , yemeze ko iryo sanganya ryoba ryabaye mu gitondo c'...
17/06/2025

🔴Ikimodoka gitwaye amazutu catemvye 🧨

Amakuru dukesha ikinyamakuru , yemeze ko iryo sanganya ryoba ryabaye mu gitondo c'uyu wa 17 Ruheshi mu ntara ga aho iyo modoka yariko yerekeza i .

Ngo ntawahasize ubuzima uretse ko umudereva ariwe yakomeretse gatoya

Ayo makuru yemeza ko muri iryo korosi, imodoka nini nini ngo zirakarirwa kuhatembagarira, ngo ntiryorohera abahaca, kuko bataba bahamenyereye kandi bakahacisha imiduga ipakiye.

📷:



Umuririmvyi rurangiranwa   Nakamura, abaye umwirabure wa mbere wo mu Bufaransa akorewe igishushanyo bakagishira muri Mus...
16/06/2025

Umuririmvyi rurangiranwa Nakamura, abaye umwirabure wa mbere wo mu Bufaransa akorewe igishushanyo bakagishira muri Musée Grévin i

Uyu yamenyekanye ku ndirimbo akaba yamuka muri , isanamu yiwe ubu iri ahashigwa ba rurangiranwa mpuzamakungu.



13/06/2025

iriko iratswaho umuriro na missile ziriko zirava mugihugu ca ,ninyuma yaho Israel ikoze igitero kuri IRAN.

Muri kano kanya Jerusalem nuko hameze.👇👇👇

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( ) ryemeje ko habaye isanganya rito kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 13 Ru...
13/06/2025

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( ) ryemeje ko habaye isanganya rito kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 13 Ruheshi 2025, ku kibuga Stade Intwari igihe bariko bashira inkingi y’amatara.

Nkuko biri mw'itangazo ryashizwe ahabona ku rubuga rwa Facebook, irahumuriza abarundi ko ata muntu yapfuye canke yakomeretse, kandi ko ivyononekaye atari vyinshi. Ibikorwa vyo gusubira kuyubaka bizotangura ako kanya inkingi bayikuyeko.



🛑 Isanganya ribaye ku kibuga Stade Intwari Kuri uno wa 13 Ruheshi 2025, ku kibuga c’umupira w’amaguru Stade Intwari kiri...
13/06/2025

🛑 Isanganya ribaye ku kibuga Stade Intwari

Kuri uno wa 13 Ruheshi 2025, ku kibuga c’umupira w’amaguru Stade Intwari kiri kubakwa i Bujumbura, harabaye isanganya ryatewe n’ihenuka ry’inkingi y’amatara yo hejuru afasha mu kubonesha ikibuga igihe c’inkino z’ijoro.

Nk’uko tubikesha ikimenyeshamakuru , ico cuma caguye kironona igice kimwe c’inyubakwa y’ikibuga. Birakekwa ko vyatewe n’ikimashini cari gishigikiye iyo nkingi cahenutse.

Iri sanganya rije mu gihe Stade Intwari yariko isuzumwa n’abahinga ba na CAF kugira yemererwe kwakira inkino mpuzamakungu.


✈️🚨  Indege ya Air India yururukijwe vyihuse kubera inyuma yo kwikanga igitero ca bombe.Indege ya Air India iva muri   i...
13/06/2025

✈️🚨 Indege ya Air India yururukijwe vyihuse kubera inyuma yo kwikanga igitero ca bombe.

Indege ya Air India iva muri irimwo ingezi 156 yururukijwe vyihuse kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2025, inyuma y’ugutangazwa kw'igitero ca bombe.

Ibi bibaye inyuma y’umusi umwe gusa iyindi ndege ya Air India iguye, abantu 241 bapfuye bakahasiga ubuzima.

Ubuyobozi buriko burakora amatohoza. Igenzi zari muri iyo ndege yavuye muri Thaïlande zose ziri mu mutekano.

Inkomoko :

🏟 Stade Intwari mu nzira zo gusubira kwakira inkino mpuzamakungu?Kuri uyu wa 12 Ruheshi 2025, icizere casubiye kugaruka ...
13/06/2025

🏟 Stade Intwari mu nzira zo gusubira kwakira inkino mpuzamakungu?

Kuri uyu wa 12 Ruheshi 2025, icizere casubiye kugaruka mu bakunzi b'umupira w'amaguru mu Burundi. Umuhinga wa , Mohammed Goulette, yagendeye ikibuga Intwari kiri i Bujumbura, aho yariko aragenzura ko ico kibuga kigeze ku rwego rwemewe n’amategeko mpuzamakungu.

🎯 Ariko si ivyo gusa! Mu minsi iri imbere turiteze umuhinga wa nawe nyene agiye gusuzuma ibikoresho vyose vy’ico kibuga kugira yemeze ko gishobora kwakira inkino z’Afrika.

📌 Ibi bibaye inyuma y’amezi menshi Uburundi bwakirira inkino zabwo hanze, ahandi nko mu gihugu ca Maroc. None vyoba bigiye guhinduka?

🙏 Ishirahamwe FFB ryamenyesheje ko ryashimye iri genzura, rikabona ko ari intambwe ikomeye mu gusubiza Uburundi icubahiro mu mahiganwa mpuzamakungu.

🔜 Tuzorindira ivyemezo… ariko icizere ni cose!🤗

📷:

    IBIHARURO MFATAKIBANZA VYAVUYE MU MATORA Y'ABASHINGAMATEKA YABAYE KU WA 5 RUHESHI 2025Abashingamateka b'umugambwe um...
11/06/2025

IBIHARURO MFATAKIBANZA VYAVUYE MU MATORA Y'ABASHINGAMATEKA YABAYE KU WA 5 RUHESHI 2025

Abashingamateka b'umugambwe umwe 2025-2030.

Nk'uko vyari birindiranywe igishika Umugwi wigenga ujejwe tutunganya amatora uhejeje gushira ahabona ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora y'abashingamateka.

Hari kuri uwu mugoroba wa 11 Ruheshi 2025, Uwurongoye CENI akaba ari na we yashikirije ivyo biharuro, yatanguye yibutsa uko amategeko avuga kugira Umugambwe, inani z'imigambwe canke abigenga baronke intebe mu kibanza c'abashingamateka. Ivyo na vyo akaba ari uko Umugambwe canke ururani rw'umugambwe ruronka amajwi angana n'ibice bibiri kw'ijana (2%), uwitoje Ku giti ciwe (uwigenga) nawe asabwa amajwi agera kuri 40% y'aho yitoreje.

Mu ntara zose Umugambwe CNDD-FDD ni wo wonyene watahukanye ibibanza vyose vy'abashingamateka. Nta mugambwe n'umwe nta runani rw'umugambwe canke uwigenga bashikanye amajwi asabwa.

📷:



Agasha muri   ngo🙄 "Museveni ni Imana umuhungu wiwe ni umwana w'imana"Mu bikorwa vyo kwiyamamariza ibibanza vy'abashinga...
11/06/2025

Agasha muri ngo🙄 "Museveni ni Imana umuhungu wiwe ni umwana w'imana"

Mu bikorwa vyo kwiyamamariza ibibanza vy'abashingamateka vyariko bibera i , Among asanzwe ari we arongoye inama nshingamateka akaba ava no mu gambwe uri ku butegetsi ( ) muri Uganda, mu gusaba abanyagihugu guhunda amajwi abitoza bo muri uwo mugambwe, amajambo yakoresheje yarateye impari ku mbuga ngurukukanabumenyi aho yagereranije Perezida Yoweri n'Imana, kandi umuhungu wiwe Muhoozi Kainerugaba amwita “umwana w’Imana”.

Abatari bake, harimwo abarongoye amadini n’abakoresha imbuga ngurukukanabumenyi, baraneguye ayo majambo bayita “kurengera” no guha icubahiro gikwiye Imana ku bantu. Vyongeye, hari n’abavuga ko ivyo ari ugutuka Imana.

Musomyi nawe ayo majambo uyakiriye gute?


    : ibiharuro mfata kibanza c'ivyavuye mu matora y'abajenama b'amakomine vyerekana ko umugambwe Cndd-Fdd ari wo uri kw...
10/06/2025

: ibiharuro mfata kibanza c'ivyavuye mu matora y'abajenama b'amakomine vyerekana ko umugambwe Cndd-Fdd ari wo uri kwisonga ku bice 99% .

Nk'uko ibihejeje gutangazwa n'umugwi w'igihugu ujejwe gutegura amatora muri iyo ntara kuri uyu muhingamo wo kuri uyu wa 10 Ruheshi 2025 Ku migambwe 4 n'uwigenga umwe bari bitoje muri iyo ntara yagutse .

Umugambwe Cndd-Fdd niwo uza imbere n'amajwi 99% , abasigaye bakagabura ico gice kimwe gisigaye: haca hakurikira umugambwe ufise amajwi 0,58%, C.N.L 0,32%, uwigenga Ndayishimiye Viateur 0,014 , umugambwe FNL akaba ari wo uza ubwanyuma n'amajwi 0,006%.


Kwa   ibintu bikomeza komera nabi ku bava mu mahanga.  Lame, umu tiktokeur akurikiranwa cane yirukanywe muri  🤔.Khaby La...
09/06/2025

Kwa ibintu bikomeza komera nabi ku bava mu mahanga.

Lame, umu tiktokeur akurikiranwa cane yirukanywe muri 🤔.

Khaby Lame afise amamuko muri ariko kuva mu 2022 yahawe ubwenegihugu bw'Ubutaliyano.

Yamenyekanye cane ku rubuga rwa TikTok biciye ku vyo ashirako, aho akina atavuga, agakoresha ibimenyesto gusa mu buryo butwenza yerekana uko ibintu vyoroshe gukorwa.

Mu myaka yahera, vyamufashije kuronka amahera menshi bivuye ku masezerano yo gukorana n'amashirahamwe atandukanye, ayamamariza ibidandazwa muri ubwo buryo bwo gutwenza atavuga.

Ya ngingo ya Donald Trump igamije kwirukana abantu baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika batabifitiye uruhusha na we yamukozeko.

Kw'igenekerezo rya gatandatu Ruheshi 2025 yarahagaritswe n'igipolisi kijejwe kuraba abimukira co muri Amerika (Immigration and Customs Enforcement: ICE) hari ku kibuga c'indege ca Las Vegas kuko urupapuro rw'inzira (Visa) rwiwe rwamaze kurenza igihe.


Kuri uyu wambere italiki  9 Ruheshi 2025, ni ho hahimbazwa umusi mukuru wahariwe gukunda no gukundisha igihugu.Ivyo biro...
09/06/2025

Kuri uyu wambere italiki 9 Ruheshi 2025, ni ho hahimbazwa umusi mukuru wahariwe gukunda no gukundisha igihugu.

Ivyo birori bikaba vyabereye mu ntara ya bifadikanije no kwibuka imyaka itanu iheze umuhisi Perezida Petero Nkurunziza ashengeye.

Abaserukira ibihugu vyabo n'amashirahamwe mpuzamakungu hano mu Burundi, umuryango wa poritike umuhisi yarimwo hamwe n'umuryango wiwe w'amaraso n'izindi ndongozi bari mubitabiriye ibirori.

Abitavye ivyo birori bakurikiye ijambo yigeze gushikiriza aho agaruka ku civugo caranze ingoma zose z'Uburundi, ari co "Imana, Umwami, Uburundi".

Ni muri iryo jambo umuhisi Nkurunziza yahamagarira abarundi kwama bagendera na ntaryo imico n'akaranga vy'igihugu, kureka kuzera inze mu kwemera imfashanyo zibaka agateka no kureka kwisamburirako nk'impene.



Address


Telephone

+6235410433

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Peace International TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Peace International TV:

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Contact The Business
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share