Don Formidable

Don Formidable 📖"𝐈𝐣𝐚𝐦𝐛𝐨 𝐫𝐲𝐚𝐰𝐞 𝐌𝐮𝐤𝐚𝐦𝐚 𝐫𝐢𝐫𝐚𝐦𝐛𝐨𝐧𝐞𝐬𝐡𝐞𝐫𝐞𝐳𝐚 𝐧𝐢𝐫𝐲𝐨𝐫𝐮𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐫𝐰'𝐈𝐧𝐳𝐢𝐫𝐚 𝐘𝐚𝐧𝐣𝐞"⛪
YOUTUB , INSTAGRAM , TIKTOK ,TWITTER (X) HOSE IZINA ryacu NI " Don Formidable "

11/01/2026

ingene uyumupasitori yariko arafasha biwe ingene nabo bomenya amateka y'Umuvyeyi BIKIRA MARIYA ngo n'ababandi babaporoso bamutyoza.

HARYA UKURI BARAKUZI BANKA GUSA KUKUVUGA.
(Bukebuke bizoza aho hazoba Umwungere umwe n'ubusho bumwe)

IJAMBO RY'UMUKAMA🗓️ Indwi ya 1 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années paires📖 IGISOMWA CA MBERE📜 Ivyo duso...
11/01/2026

IJAMBO RY'UMUKAMA

🗓️ Indwi ya 1 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années paires

📖 IGISOMWA CA MBERE

📜 Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (1, 1-8)

Hari umuntu w’i Ramatayimu Tsofimu, wo mu muryango wa Efurayimu, yitwa Elikana. Yari afise abagore babiri: umwe yitwa Ana, uwundi akitwa Penina. Penina yari n’abana, ariko Ana nta kana yari afise. Uko umwaka utashe, uwo mugabo yahora ava mu gisagara ciwe akaduga i Silo gusenga no gushimira Umukama Nyeningabo. Kandi abahungu bompi ba Heli, Hofuni na Pinehasi, ni ho bari ari abaherezankuka b’Umukama. Aho hose yahereza inkuka, Elikana yahora ahako imitagi umugore wiwe Penina, be n’abahungu n’abakobwa biwe bose; ariko Ana akamuha umutagi umwe gusa, n’aho ari we yakunda ugusumba. Umukama yari yaramuzivye inda. Kandi mukeba we yama amushinyaguriza amutera imirarwe, kuko Umukama yamuzivye inda. Uko ni ko vyagenda uko umwaka utashe, iyo baduganye mu ngoro y’Umukama: mukeba we ntiyasiba kumushinyaguriza. Ni co gituma Ana yahora arira, akanka n’ugufungura. Na we Elikana, umugabo wiwe, yahora amuhoza, ati: «Mbega, Ana, urizwa n’iki? Igituma wanka gufungura ni iki? Ni kuki wiraburaniwe? Jewe ko ndi umukunzi wawe, sindakurutira abana icumi?»

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

📖 IZABURI 115 (116B) 12-13, 16, 17-18

📜 Icit. Mana yanje, nzogushikanira imbagwa yo kugukengurukira.

None jeho nzosubiza iki Umukama, ku vyiza vyose yangiriye? Nzomuhereza ikalisi y’ubukiriro, kandi ntabaze izina ry’Umukama.

Ewe, Mukama, jewe umusuku wawe, umwana w’incoreke yawe, warankuye mu mvuto.

Nzogushikanira imbagwa yo kugukengurukira, kandi ntabaze izina ryawe, Mukama: Ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose, mu maso y’abiwe bose bakoranye.

📖 INKURU NZIZA

🎼 Aleluya, aleluya

📑 Nimwazigama ijambo ry’ubuzima, muzoba isôko ry’umuco wakaka kw’isi.

🎼 Aleluya

📖 Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 14-20)

Yohani Batista amaze gufatwa, Yezu aza i Bugalile yigisha Inkuru nziza y’Imana, ati: «Umusi wash*tse kandi Ubwami bw’Imana buri hafi; igarure kandi mwemere Inkuru nziza.» Umusi umwe, Yezu ajanye inkengera y’ikiyaga c’i Bugalile, abona Simoni na Andreya mwenewabo, batera urusenga mu kiyaga: nkako rero bari abarovyi. Yezu rero arababarira ati: «Nkurikire, nzobahindura abarovyi b’abantu.» Buno nyene bata hano insenga, baramukurikira. Ateye imbere gatoyi, abona Yakobo mwene Zebede na Yohani mwenewabo; na bo nyene bari mu bwato bariko barasana insenga. Buno nyene arabahamagara. Basiga se wabo Zebede mu bwato, we n’abamukorera, bamuja mu nyuma.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

11/01/2026

twibuka Ibatisimu ya Yezu nimwumvirize insiguro y'Uyumusacerdoti aho itandukaniro ry'Ibatisimu ya Yohani kumwe n'iya Yezu.

  nkuru ya Cape Town mugihugu ca Afrika y'epfo ubu iramutswa Umwungere   aho Papa LéonXIV yayiragije Nyenicubahiro Musen...
10/01/2026

nkuru ya Cape Town mugihugu ca Afrika y'epfo ubu iramutswa Umwungere aho Papa LéonXIV yayiragije Nyenicubahiro Musenyeri Sithembele Sipuka , uyu rero akaba asubiriye Cardinal Stephen Brislin kuko nawe yashinzwe Diyoseze nkuru ya Johannesburg.

10/01/2026

Birahimbaye.

10/01/2026

Iyi ni vidéo Padiri Léandre asanzwe azwi kw'izina rya Padre LESYR kumbuga hwaniro akoresha(Facebook, Instagram na YouTube)yashize ahabona kumusi w'ejo inyuma yaho équipe akunda cane ya Cameroun ivuye mw'ihiganwa ikuwemwo n'igihugu ca Maroc.
Twobamenyeshako uyu musaserdoti asanzwe yamuka muri iki gihugu nyene ca Cameroun akaba arangurira uburumwa muri diocèse ya Québec mugihugu ca Canada.
N'umusaserdoti nkunda cane kandi nkurikirana cane.
None rero turaramukije abantu bose badukurikira basanzwe ari abakunzi b'umupira w'amaguru.

IsaBut🤝

MBEGA NI GUTE UMUNTU   ARIKUGENDERA   KA YUDA UYUMUSI MURI EKLEZIYA Y'IMANA?Munkuru nziza (Matayo26,Mariko14,Luka22)   Y...
09/01/2026

MBEGA NI GUTE UMUNTU ARIKUGENDERA KA YUDA UYUMUSI MURI EKLEZIYA Y'IMANA?

Munkuru nziza (Matayo26,Mariko14,Luka22) Yezu arikumwe n'abatwumwa biwe bose kumusi wakane(mweranda) abaha umubiri n'amaraso vyiwe.
musi rero muri Ekleziya Katolika urafise insiguro n'iteka bidasanzwe kuko ariwo musi washingiweko amasakramentu abiri akomeye cane duhimbaza tukanaha icubahiro muri Ekleziya Katolika ariyo :Ubusaserdoti na Ukaristiya.
Kuri uwo musi muri urwo , hariho umutumwa asohoka imbere yuko urubanza rurangira akaja muvyiwe. Uwo nawe ni Yuda.
Yuda tubona arikumwe n'abandi batumwa kumeza kumwe na Yezu ariko ntitubona igenda ryiwe, ico tubona ni igaruka ryiwe mw'ijoro ryuwo musi nyene arikumwe n'igitero c'abaje gufata Yezu. Bivuzengo yagiye imbere yuko .
Yuda yari yariye umubiri wa kristu yamfungurwa y'ubuzima budahera kumwe n'abandi batumwa, ariko nticabujije ko we ahakura urupfu kandi bagenziwe bahakuye ubuzima.
muri rwaruririmbo "SIYONI SHEMEZA IMANA", ngo ababi n'abeza bose baramuronka ariko amaherezo ntasa kuko abeza bahakura ubuzima ababi nabo bakahakura urupfu. Ivyo nivyo vyarangutse kuri yuda. Kuko y'ivyo Yuda yahavuye yiyahura nuko aba aragabanye urupfu mugihe abandi iyo mfungurwa bakiriye ariyo yabakomeje maze bamurikiwe na Mutima mweranda bakaja igikorwa co kumenyesha inkurunziza Yezu yari yabasigaranye.

None rero igihe cose turi munkuka ya MISA tuba turi wakane mweranda kuko Yezu ivyo yakoze kuri uwomusi yongera akabirangura igihe cose turi muri ico gisabisho.
Hari abantu rero dutangurana inkuka ya MISA ariko ntitumenye ikamanganiro ryabo!
Ego hari impamvu nyinshi zishobora gutuma umuntu atangura inkuka ya MISA ntayirangize:

*Umuntu ashobora kuza munkuka ya MISA ariko agafatwa n'uburwayi butuma adashobora kuyibandanya gutyo agasohoka akijura: uwo si Yuda kuko Yuda ntiyavuye mubandi hataragera kubera yararwaye.
*Umuntu kuza munkuka ya MISA arikumwe n'umwana muto maze akamugora cane gutyo aha kuguma aho ngo bihave bibera igitsitaza abandi agasohoka akijura:
Uwo si Yuda kuko Yuda ntiyasohotse kuko yarafise ibiriko biramugora yasohotse kuko umutima wiwe wari wamaze kwikura kuri Kristu.
*Hari uwuba yahitanye MISA yigiriye mutundi maze igateba guhera aha ko ivyiwe bihomba agasohoka akijura : uwo ni Yuda kuko na Yuda umutima wiwe utari unezererewe cane urubanza gusumba wiwe yari yapanze.
*Hari uwundi murwi munini cane mbere benshi aho umuntu aza munkuka ya MISA kumwe na téléphone ngendanwa yiwe. Bugingo abandi bari kumeza umukama abafungurira, ubwo nawe bakamuhamagara kuri téléphone canke akaronka ubutumwa(message) bumuhamagarira gusohoka, nuko abandi bakiri kumeza agahaguruka akijura:
Uyo ni Yud, kuko Yuda nubwo yarikumwe n'abandi kumeza we umutima wiwe ntiwari kumwe nabo yari arindiriye ko igihe kigera ngo aje kurangura umugambi yari yatanguye.

Kenshi iyo ivyo yuda yakoze turumvako bwabaye ubugome ariko ugasanga inzira yiwe niyo turiko turacamwo tugera ikirenge muciwe.
None iyo nzira twoyivamwo dute?:
1. Nivyiza ko twumva agaciro ko kuba kumwe n'Umukama kumeza munkuka ya MISA, tukirinda ikintu cose cotuma umuzirikanyi wacu uva mukibanza ukerekeza ahandi no mubindi.
2. Nivyiza kuja munkuka ya MISA aho guhitana inkuka ya MISA. Kuko niwaba waje munkuka ya MISA gusangira na kristu uza gusubira iwawe aruko urubanza rurangiye. Ariko niba waruhaciye uhise akavugwa, ntankeka ko bitevye uzosohoka ukigira kuko ibiriko birahabera sivyo wajemwo.
Akenshi turitwaza ngo vyabaye birebire, si nshobora kumara 1h30-2hrs.Ariko ni jewe:
-Mara ijoro ryose mukabare canke mukavyiniro,
-Mara ijoro ryose kuri YouTube, Netflix, movieBox, Instagram, Facebook, Tik tok,...
-Mara iminota 105 niyirenga kuri match,
-Mara umusi wose ndiko ndaraba saison ya film ifise ama 40,
Ariko nkaca mvuga yuko bitokwigera binkundirako nguma mumisa itaza kurenza n'imiburiburi amasaha abiri yatevye, kandi ivyo tukabivuga twambaye izina ry'abakristu nahonyene baba Katolika!

3. Niba twajanye zacu nivyiza ko inkuka ya MISA itanguye tuzizimya canke tukazishira mugacerere(mode silenceux,mode avion, hors ligne,...) hama tukazibika kure hashoboka kuburyo tutaba mumigenderanire nibiriko bica muri téléphone igihe tukiri munkuka ya MISA. Kuko kugirango uboneko baguhamagaye canke bakurungikiye ubutumwa nuko uba usanzwe wariko téléphone ubundi utariko urayikoresha ivyo wobimenya gute? Nivyizako iyo turi kumwe na Yezu twirengagize ivy'inyuma vyose. Atari ukuvyanka canke ukubihunga ariko kubera tuzi agaciro kuwo turikumwe.
Ninde muri mwebwe arasaba umuntu ahambaye, bugingo barikumwe akitaba téléphone canke akishura message?
Uwabikoze atubwire. None niba tumenya guha icubahiro abantu baha kw'isi,Yezu Imana niwe aciririritse koko?? Twisubireko rero.

⚠️ Igihe cose usohoka ukagenda inkuka ya MISA itararangira utarwaye, atan'umwana murikumwe ariko aragorana umenyeko uriko uraca mumakanda ya Yuda. Kandi nkuko Paulo mweranda abitwibutsako atacodukura kurukundo rwa kristu, nawe umenye ko atampamvu nimwe ibaho ishoboka yotuma witaba téléphone canke ugasoma ndetse ukanabusubiza mugihe uri munkuka ya MISA.
Iyo turi munkuka ya MISA tuba turiko turahonja ijuru uko tuzoribamwo nkako vyukuri ijuru riba ryamanutse riri muri twebwe, Nico gituma rero duheza tukagerageza kwitandukanya nivy'isi kuko mw'ijuru atawuzoba agifise umwitwarariko wivyo kw'isi.

None wewe udukurikira ubwo ntaho wahora uca mumakanda ya Yuda ariko ukabifata ibisanzwe?

IsaBut✍🏼

Musenyeri Evariste   na Patiri Adriano Ntabona bari mw'isabukuru y'imyaka 60 y'Ubusacerdoti . MUZE
08/01/2026

Musenyeri Evariste na Patiri Adriano Ntabona bari mw'isabukuru y'imyaka 60 y'Ubusacerdoti . MUZE

08/01/2026

Salvator NICITERETSE yari yaserukiye Ekleziya y'Uburundi murwanda icogihe yashimiye igihe bahimbaza imyaka 125 iheze inkuru nziza igeze muri icogihugu.

07/01/2026

yanaongea Sana kuliko maneno , zingatia nasio maneno, huu ni ujumbe wa Padri Rogasia Msafiri Paroko wa Parokia ya Bikira Mariya wa Huluma jimbo kuu la Dar es salaam.

Ethiopia 🇪🇹  iriko ihimbaza   uyumusi itariki ya 29/04/2018 ukwirikije ikirangamisi cabo nimugihe twebwe turi kuwa 07/01...
07/01/2026

Ethiopia 🇪🇹 iriko ihimbaza uyumusi itariki ya 29/04/2018 ukwirikije ikirangamisi cabo nimugihe twebwe turi kuwa 07/01/2026 . Ikigihugu kirwiriyemwo abari mw'idini ry'aba Othodox mukanyamuneza ka Noweli ni inyuma y'imisi itari Mike bamara bisonzesha mukwitegurira Noweli .

Ndabibutse ko ikigihugu abari kwa Rastafari bahafata nk'igihugu c'isezerano bagafatira kuwo bita Intumwa ya Jah (Imana) uwahoze ari Umwami wa Ethiopia Haile selassie benshi bazi kw'izina rya Lij Tafari aho bamwita kwarimwo Imana. Mbere n'umuririmvyi rurangiranwa Robert Nesta Marley benshi bazi kw'izina rya Bob Marley imbere yukwo acikana yari yavuze ko bazomuhamba muri Ethiopia 🇪🇹 nomumwaka wa 2018 harabaye imigumuko aho benshi basaba yuko ibisigarira vyiwe vyotwarwa Ethiopia .

Nawe Waruzi inkomoko y'ijambo Jah Rasta Fari??

WAR'UYIZI??

MBEGA   NINDE? KW'ISI HARIHO UMWERANDA?MBEGA EKLEZIYA IRAFISE   BWO KWITA UMUNTU UMWERANDA? GUHIMBAZA UMUSI MUKURU W'ABE...
07/01/2026

MBEGA NINDE? KW'ISI HARIHO UMWERANDA?
MBEGA EKLEZIYA IRAFISE BWO KWITA UMUNTU UMWERANDA? GUHIMBAZA UMUSI MUKURU W'ABERANDA VYO S'UGUHUBA?

Ibi bibazo vyose nivyo tugiye kwishura munyigisho ijanye n'ABERANDA.
Nkuko twabitanguye, kuri ururubuga dufasha abakristu Katolika ndetse n'abandi bose bipfuza kumenya ukuri gusobanukirwa ivyo maze bigaheza bikabafasha kugumya ukwemera Katolika bakiriye gutyo bakaba abashingira intahe Yezu kristu kandi intahe y'ukuri.

Nkuko twama tubigenza turifashisha cane kuko turaziko hari abamana ikibazo ngo:" ivyo uvuze vyanditse he?"
None rero abafise Bibliya muyitore mwirabire ukuri. Twizerako iyimvugo mumaze kuyimenyera, iyo tuvuze Bibliya ni Bibliya y'ibitabu 73 ikinyuranye n'ivyo si Bibliya, kurondera irindi zina ryaco. Nkako ibitabu vyose abantu batunze si Bibliya.
BIBLIYA ni imwe rudende kw'isi igizwe n'ibitabu 73 n'abatumwa bayishikiriza Ekleziya kugirango iyimurikire mugusasagaza ubwami bw'Imana mubantu. Ibindi vyose bifise iyo vyazananye, (ariko ico tuzi si kubatumwa)bikagira n'intumbero yavyo.

*Amamuko(Genèse) 5,24:
Muri iki gitabu tubona ijanwa mw'ijuru rya sekuru wa Noa.

*Hébreux 11,5:
Iri kete ijanwa mw'ijuru rya Henoki kandi ko yari yarashingiwe intahe akiri kw'isi kubw'ibikorwa vyiwe.
None: niba kw'isi atamweranda abaho nkuko bamwe babivuga bagatako bakanavyigisha, Henoki yajanywe mw'ijuru ?
Mbe hoho umuntu atari mweranda arashobora kuja mw'ijuru?

*2è livre des rois 2,11:
Muri ikigitabu tubona ijanwa mw'ijuru rya Eliya.
Nubu akabazo ni kakandi: Niba aha kw'isi ata ahari nkuko bamwe babivuga bakanavyigisha, Eliya yajanywe mw'ijuru akuwehe?
Niba atar'umweranda yajanywe mw'ijuru ari umunyavyaha?

*Luc 23,43:
Muri iyi nkurunziza tubona igisuma cemerewe paradizo.
None Yezu yemeye kuza kubana nawe muri paradizo ari umunyavyaha?
yinjira muri paradizo. Yezu yamwejeje ivyaha vyiwe vyose araheza amuha gushika muri paradizo.Ariko ivyo vyose vyabereye kw'isi. Ubweranda bw'iki gisuma ntibugaragara kuko igihe kinini yabayeho yabayeho mukibi, ariko ikigaragaza bwiwe mbere yabayemwo akanya isase hano kw'isi ni amajambo yavugiye kumusalaba ari nayo yamuhaye kugabana paradizo. Bivuzengo ubweranda umuntu arashobora kububamwo igihe kirekire( Eliya na Henoki) canke akanya isase(igisuma kumusalaba) ariko bose bagabana paradizo.
Nkako muri wamugani Yezu yatubwiyeko uwatonze mugitondo n'uwatonze rirenze bose bahembwe kurugero rumwe.

☆Ubu naho tugomba turabe aho ijambo ABERANDA Ekleziya Katolika irikura:

*Actes des apôtres 9,13:
Ananias avuga ahakanira Ijwi ryariko rimutuma kuri Sauli ko adashobora kujayo kuko yakoreye amabi menshi ABERANDA b'iYeruzalemu.
*Actes des apôtres 9,32:
Petro ngo yaragendeye ABERANDA b'i Lida
*2Corinthiens1,1:
Paulo mundamutso yiwe, Ekleziya y'abanya korenti yabise ABERANDA.
*Éphésiens 3,5:
Ibanga rya kristu rya abatumwa n'abahanuzi biwe BERANDA muri Mutima.
None iyo Ekleziya ivuzeko Petero ari mweranda iba ibeshe iki?
Iyo ivuzeko Yohani Batista ari iba ibeshe iki? Abo 2 umwe n'umutumwa wa kristu uwundi n'umuhanuzi wiwe kandi bose bibliya ibita ABERANDA.
*Philippiens 1,1:
Mundamutso yiwe Paulo abanya filipi abita ABERANDA.
*Philippiens 4,21-22:
Paulo aravuga ko ABERANDA yarikumwe nabo batasha abakristu b'ifilipi aranadomako cane cane ko ari abo kwa Sezari.
*Colossiens 1,2:
yiwe Paulo yita abanya kolosi ABERANDA.
*Hébreux 3,1:
Muri iri kete Paulo yise abahebreyi ABERANDA, bahamagariwe ivy'ijuru.
*Hébreux 13,24:
Paulo asabako bomuramukiriza abakuru n' ABERANDA bose ,ngo nabo mubutaliyano iyo yari barabatasha.
None niba atamweranda abaho kw'isi Paulo tuvugeko yayovye mugukoresha iyi mvugo? Ahoho ivyo yanditse ntiryoba rikibaye ijambo ry'Imana🤷🏻‍♂️
*Mathieu 5,48:
"Nimube beranda nkuko sowanyu wo mw'ijuru ari mweranda".
Yezu ntiyari kudusaba ko tuba beranda turi aha kwisi mugihe aziko bidashoboka. Yabitubwiye kuko aziko kw'isi bushoboka, kandi ko n'aberanda mw'isi babaho.

None rero murahejeje kuvyibonera ko atahantu nahamwe Ekleziya Katolika ikura uburenganzira bwo kwita umuntu atari muri BIBLIYA.
Ekleziya ntitanga ubweranda, ahubwo yemeza ubweranda bw'umuntu igashingira intahe ibikorwa vyaranze ubuzima bwiye ivyo vyose bigaherekezwa n'ibimenyetso, ibitangaro(les miracles)biza vyemeza ko uyo muntu yabayeho mubunywanyi n'Imana kandi ko ari mubwami bwayo.
Niwaba basi utemera bemejwe na Ekleziya Katolika kuko kumbure uyizira urunuka, bura wemere basi aberanda bavurwa muri BIBLIYA, hama ubasabe ko bogusabira.
Niba wizerako pasteur akiri aha kw'i akirwana n'igicumuro na kamere yiwe ko ashobora kugusabira, gute gusaba UMWERANDA ari munyonga z'Imana ngo agusabire kandi we kubanza kwityorora? Je numva aha kwitura umunyavyaha nkanje akirwana aha kw'isi ngo ansabire nokwitura UMWERANDA ari imbere y'Imana.
Bura ureke basi kubwira Dominiko mweranda agusabire kuko kumbure yashingiwe intahe naya Katolika usanzwe urwanya, ariko ubwire basi Eliya agusabire ureke kwizera cane Pasteur gusumba aberanda bari mw'ijuru.
Ni muriyo ntumbero Ekleziya yashizeho umusi mukuru cane wo abo beranda bose abo tuzi nabo tutazi kugirango kubw'ibisabisho vyabo natwe tubashe kuzotorana ubyzima budahera.

Bakunzi banje, nimureke n'abiyita abigisha, bitaho gusoma ariko ntibiteho gutahura.
Nkako igihambaye muri BIBLIYA si ugusoma vyishi, ahubwo n'ugutahura duke washoboye gusoma. Ivyo navyo tubitahuzwa n'abatumwa Yezu .
Nimureke kuzimira rero.
Muri Ekleziya Katolika ijambo ry'Imana ntituryikorera kumutwe ngo iyo tugiye gusenga dutekere ibitabu umuyoro, ijambo turaryakira tukarishira kumuzirikanyi, hama tukagerageza kurirangura.
Eka niyo tugiye mumisa ntituba tugiye muri , ihibambewe tuba tugiye gutega ugutwi ngo Umukama atuyagire.
Ntakamaro rero kumu Katolika ko kugenda yikoreye ibitabu agiye mumisa kuko uwutwigisha ni Yezu kristu umwe musa abicishije mukanwa k'umusaserdoti.

None wewe udukurikira urumva koko ucemera ko ata abaho?

IsaBut✍🏼

Address

Johannesburg

Telephone

+27635079581

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Don Formidable posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Don Formidable:

Share