30/05/2026
๐EKLEZIYA NI UHURIKIYEMWO ISI YOSE KUVA KERA
yashinzwe na Yezu Kristu igamije ikintu kimwe ndegakamere arico "GUKIZA IMITIMA Y'ABANTU"
๐๐Ariko rero ni umuryango ufadika ufise indinganizo nziza cane haraheze ibinjana birenga 20 ,Iyo Ekleziya rero ifise amateka yisangije kandi Umuntu wese yakagomvye kumenya.
rero yagiye ihindura imyumvire nโimico yโabantu uko ibihe biha ibindi. Ntabwo bishoboka gutahura amateka yโisi kuva Yezu Kristu abayeho udafatiye kumateka ya Ekleziya. Ni Ekleziya yazanye umuco wa gikristu wagiye urandura ukwira isi yose maze nayandi madini atangura kuvuka.
ntiyahinduye gusa ivyiyumviro nโimyitwarire vyโabantu, ahubwo yanahinduye ubuzima bwโumuryango (urugo), n'imibanire hagatiyโabantu ndetse na za Leta; Amatekamenshi yโisi Ekleziya yagiye iyagiramwo uruhara rukomeye, ntabwo ari mu vyerekeranyenโubukristu gusa.
๐Impamvu nuko Ekleziya ari umuvyeyi wa buri mukristu. Umukristu ni umwana wa Ekleziya. Umuntu wese rero afise inshingano yihariye yo kumenya amateka ya Ekleziya umuvyeyi wacu kugira ngo abashe kuyikunda kurushaho, kuyirwanirira no kuyitangira igihe ico ari cocose, apana babandi bahendwa canke baterwa ubwoba nihindagurika ry'ikirere barya ukwemera kuba kukiri hasi cane.
โ๏ธโ๏ธYEZU KRISTU NI WE EKLEZIYA
a. Impamvu Yezu yashinze Ekleziya:Yezu yemera kwigira umuntu kugira ngo ashobore gukiza abantu urupfu anabahishurire amabanga (ibinyegezwa) yโiyobokamana nyaryo (ryeranda). Yashinze Ekleziya kugira ngo igikorwa co gukiza abantu agisakaze hose kandi agikomeze.
b. Ekleziya nk'uko Yezu Kristu yayishinze:
Yezu Kristu yashinze Ekleziya kubatumwa biwe icumi nababiri abaha ubutumwa bwโinyabutatu:
1. Kwigisha amahanga yose: abigishijwe bose bategerezwa kwemera
2. Kuyobora umuryango wโImana, Abakristu: Abayoborwa bategerezwa kwubaha abakuru ba Ekleziya
3. Gutagatifuza abayoboke bโImana babaha amasakramentu: Abayoboke bโImana(Abakristu) bategerezwa kwama bavoma kuri iyo soko yโubutagatifu. Umweranda Petero niwe Yezu yahisemwo muri ba cumi na babiri amugira urutare arageza amushinga Ekleziya yiwe
TURABANDANYA,.......โ๏ธ