Don Formidable

Don Formidable ๐Ÿ“–"๐ˆ๐ฃ๐š๐ฆ๐›๐จ ๐ซ๐ฒ๐š๐ฐ๐ž ๐Œ๐ฎ๐ค๐š๐ฆ๐š ๐ซ๐ข๐ซ๐š๐ฆ๐›๐จ๐ง๐ž๐ฌ๐ก๐ž๐ซ๐ž๐ณ๐š ๐ง๐ข๐ซ๐ฒ๐จ๐ซ๐ฎ๐ฆ๐ฎ๐ซ๐ข ๐ซ๐ฐ'๐ˆ๐ง๐ณ๐ข๐ซ๐š ๐˜๐š๐ง๐ฃ๐ž"โ›ช
๐ƒ๐จ๐ง ๐…๐จ๐ซ๐ฆ๐ข๐๐š๐›๐ฅ๐ž ,๐”๐ฆ๐ฎ๐ค๐ซ๐ข๐ฌ๐ญ๐ฎ ๐ฆ๐ฎ๐ฅ๐š๐ฒ๐ข๐ค๐ž, ๐ƒ๐ข๐ฒ๐จ๐ฌ๐ž๐ณ๐ž ๐ง๐ค๐ฎ๐ซ๐ฎ ๐ฒ๐š ๐๐ฎ๐ฃ๐ฎ๐ฆ๐›๐ฎ๐ซ๐š ๐Ÿ“–

24/07/2025

Tuve muvyo maze Umukama atwongorere .

IJAMBO RY'IMANA๐Ÿ—“๏ธ ku wa 25 Mukakaro, umweranda Yakobo, umutumwaUmusi mukuru๐Ÿ“– IGISOMWA CA MBERE๐Ÿ“œ Ivyo dusoma mwโ€™Ikete rya...
24/07/2025

IJAMBO RY'IMANA

๐Ÿ—“๏ธ ku wa 25 Mukakaro, umweranda Yakobo, umutumwa

Umusi mukuru

๐Ÿ“– IGISOMWA CA MBERE

๐Ÿ“œ Ivyo dusoma mwโ€™Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (4, 7-15)

Ncuti zanje, iryo tunga ryโ€™umuco wโ€™Imana turishinguye muri twebwe nko mu nzavya zโ€™ibumba, kugira ngo babone neza yuko ubwo bubasha bwโ€™agatangaza butava kuri twebwe, ariko ko ari ubwโ€™Imana. Amagorwa yose yatuguyeko, ariko ntaradusenyura; tubuze ico dufata nโ€™ico tureka, ariko ntiturihebura; baraduhama, ariko ntituri akahebwe; baradukubita hasi, ariko ntitugirira. Aho turi hose, twamana na ntaryo mu mubiri wacu amagorwa yโ€™urwishe Kristu, kugira ngo ubu*ima bwa Yezu na bwo nyene bwibonekeze mu mubiri wacu.

Na none, twebwe turi bazima, twirirwa turacirirwa urupfu duhorwa Yezu, kugira ngo ubu*ima bwa Yezu na bwo nyene bwibonekeze mu mubiri wacu wagenewe gupfa. Ni uko rero, urupfu rurakora muri twebwe, ubu*ima na bwo bugakora muri mwebwe. Mu Bitabu vyeranda handitswe ngo: ยซNaremeye, ni co gituma navuze.ยป Natwe nyene dusangiye uwo mutima wo kwemera ni na co kidutuma kuvuga.

Turazi neza yuko uwazuye Umukama Yezu, ari we azotuzura natwe, kumwe na Yezu, kandi azotuvyagiza iruhande yiwe, turi kumwe namwe. Erega, ivyo tugira vyose, ni mwebwe tubigirira, kugira ngo ingabirano zisesekare; nimwagwira, umutima wโ€™ugukenguruka no kuninahaza Imana uzoba uremye.

๐Ÿ“– IZABURI

๐Ÿ“œ IZABURI 125 (126) 1-2ab, 2cd-3, 4-5, 6

_๐ŸŽผ Icit. Ababivyi, mwโ€™ibiba babiba barira, mwโ€™igesa bakagesa bishongora.

Igihe Umukama yabohora imbohe za Siyoni, twari tumeze nkโ€™abari mu ndoto; ni ho akamwemwe kenda kutwica, imvyino zikasana.

Ni ho abapagani bavuga bati: ยซIvyo Umukama yabagiriye ni agatangaza!ยป Ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza, eka natwe twari mu kanyamuneza.

Bohora se Mukama, imbohe zawe, u*izane nkโ€™imigende kwโ€™isi ikamutse. Ababivyi mwโ€™ibiba babiba barira, mwโ€™igesa bakagesa bishongora.

Bagenda bararira, bajanye imbuto zโ€™ukubiba, maze bagarukanye imikama yโ€™ivyimburo, bakaza barisiga.

๐Ÿ“– INKURU NZIZA

๐ŸŽผ Aleluya, aleluya

๐Ÿ“– Umukama yavuze ati: ยซNi je nabatoye, nabashinze kugenda ngo mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho.ยป

_๐ŸŽผAleluya

๐Ÿ“– Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkโ€™uko yashikirijwe na Matayo (20, 20-28)

Nyina wa Yakobo na Yohani, bene Zebede, aregera Yezu aherekejwe nโ€™abahungu biwe, aramupfukamira amusaba ijambo. Yezu ati: ยซUshaka iki?ยป Nya mugore ati: ยซTegeka ko aba bahungu banje ubona bokwicara umwe iburyo bwawe, uwundi ibubamfu mu Bwami bwawe.ยป Yezu na we arishura ati: ยซNtimutegera ico musavye. Mwoshobora kunywa igikombe nzonywa?ยป Bati: ยซTurabishobora.ยป Na we ati: ยซIvyo ni ivyโ€™ukuri, igikombe canje muzokinywa. Na vyo ivyโ€™ukwicara iburyo nโ€™ibubamfu bwanje, sije ndabitanga, vyagenewe abo Data yabiteguriye.ยป

Bagenzi babo icumi bavyumvise, bagirira umwikomo izo mvukane zibiri. Yezu na we arabakura arababarira ati: ยซMurazi ko mu makungu abatwara ibihugu bigenza bakabiserura ko ari abakuru, abakuru na bo badahisha ubukuru bwabo. Mwebwe mweho, ntimuze mubigenze gutyo, uwushaka kuba mukuru muri mwebwe, araba ari we ababera umusuku, na we uwushaka guhabwa ikibanza cโ€™imbere abwirizwa kwigira umushumba. Umwana wโ€™umuntu na we nyene ntiyaje gukorerwa, yaje gukora nโ€™ukwitanga ngo acungure benshi.ยป

Abakongomani bariko bavuga bati ng'iyo   ubukwe bwihuse kuba .
24/07/2025

Abakongomani bariko bavuga bati ng'iyo ubukwe bwihuse kuba .

24/07/2025

bamuhe amashurwe yiwe kuko avuze ukuri .

24/07/2025
23/07/2025

Dawe se Rukundo

IJAMBO RYโ€™IMANA๐Ÿ—“๏ธ indwi ya 16 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, annรฉes impaires๐Ÿ“–IGISOMWA CA MBERE๐Ÿ“œIvyo dusoma...
23/07/2025

IJAMBO RYโ€™IMANA

๐Ÿ—“๏ธ indwi ya 16 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, annรฉes impaires

๐Ÿ“–IGISOMWA CA MBERE

๐Ÿ“œIvyo dusoma mu gitabu cโ€™Ihunguka (19, 1-2.9-11. 16-20b)

Kuri uyo musi, mu kwezi kugira gatatu kuva aho baviriye mu Misiri, abana bโ€™Israyeli barashika mu gahinga ka Sinayi. Bavuye i Refidimu, baca insago zabo muri ako gahinga, imbere yโ€™uwo musozi. Umukama abarira Musa ati: ยซNdi mu kuza iyo uri, ndi mu gicu cโ€™umupfungane, kugira ngo abantu banyumve ndiko ndakuyagira, baheze bakwemere ubudasiba. Genda iyo abantu bari, ubabwire bityorore uyu musi nโ€™ejo, bamesure impuzu zabo. Bazobe biteguye ku musi ugira gatatu, kuko ariho Umukama azomanuka kuri uyu musozi wa Sinayi imbere yโ€™ishengero ryose.ยป Bukeye ku musi ugira gatatu, haza igicu kininiya gitwikira umusozi, inkuba zirasana, imiravyo irenyeza, inzamba zija mu kuyaga. Abantu bose baca baratetemera aho bari mu nsago zabo. Musa aca akura abantu mu nsago, abajana gusanganira Imana. Baraheza bahagarara hepfo yโ€™umusozi. Umusozi wa Sinayi wari ukikijwe nโ€™umwotsi mwinshi, kuko Umukama yari yururukanye nโ€™umuriro. Umwotsi waduga nkโ€™uwuvuye mwโ€™itanure, kandi umusozi wose waranyiganyiga. Inzamba rero zirayaga. Musa yaravuga, Imana na yo mu kumwishura igakoresha imituragaro. Umukama araheza amanuka ku musozi wa Sinayi, aca abwiriza Musa gusubira ku musozi. Musa na we aca araduga kumusanganira.

๐Ÿ“– IZABURI

๐ŸŽผIZABURI: Daniyeli 3, 52, 53, 54, 55, 56

Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

Uragahezagirwa, Mukama, Mana yโ€™abasokuru,
Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

Izina ryawe rininahaye kandi ryeranda nirihezagirwe,
Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

Uragahezagirwa mu ngoro nyeranda yโ€™ubuninahazwa bwawe,
Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

Uragahezagirwa ku ntebe yโ€™ubwami bwawe,
Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

Uragahezagirwa, wewe u*i imanga,
Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

Wewe uhangamye hejuru yโ€™abamarayika,
Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

Uragahezagirwa mu kirere co mwโ€™ijuru,
Icit. Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose!

๐Ÿ“–INKURU NZIZA

๐ŸŽผAleluya, aleluya

๐Ÿ“– Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama wโ€™ijuru nโ€™isi, kuko wamenyesheje abatobato ibitangaza vyโ€™Ubwami bwawe.

๐ŸŽผAleluya

๐Ÿ“– Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkโ€™uko yashikirijwe na Matayo (13, 10-17)

Abatumwa begereye Yezu, baramubaza bati: ยซMbe igituma usigura mu migani ni iki?ยป Arabasubiza ati: ยซMweho mwarahawe kumenya amabanga yโ€™Ubwami bwโ€™ijuru, yamara bo iryo teka ntibaritewe. Uwuri nโ€™ico afise bazonwongerereza atunge, na we umuntu ata co afise bazomwaka nโ€™utwo yahorana. Ni co gituma ndabigisha mu migani, kuko bakanura ntibabone, bakumva ntibategere. Ijambo umuhanu*i Izaya yavuze ryabaguyeko, ngo: Muzokwumva nโ€™amatwi yanyu ariko ntimuzotegera, muzorabisha amaso yanyu ariko nta co muzobona; kuko umutima wโ€™ico gihugu watumye amatwi yabo na yo aba amabuye; kandi barahumirije ngo ntibaboneshe amaso yabo, ntibumvishe amatwi yabo, ntibategere mu mu*irikanyi wabo, ntibahinduke ngo ndabakize. Amaso yanyu arahiriwe kuko abona, nโ€™amatwi yanyu kuko yumva. Kuko ni ukuri ndabibabariye, abahanu*i nโ€™abantu bโ€™intungane benshi baripfuje kubona ico mubona ariko ntibakibonye, kwumva ico mwumva ariko ntibacumvise.ยป

23/07/2025

Raba ingene Umubikira w'AbahangaMana bene Dominiko aho yariko aragira indagano zaburundu yiyegurira Imana icese nimuri Gashikanwa Diyoseze Ngozi haraciye Imyaka 2 bibaye .

23/07/2025

Abantu nkaba muri iyariyoyose ntibashobora kubura

23/07/2025

Sabwe Ndaje , iyivideo haraheze imyaka 4 ndayifashe hari mumubano w'abapatiri b'inyigisho Rukristu hariya mukinindo aho hariko harabera z'abamwe mubari muri uwomuryango .

22/07/2025

Sabwe ndaje , Soeurs St Margeurite Achdiocese Bujumbura

22/07/2025

Abantu bariko Pasteur marcello Tunasi ntihari bwagere kwazana uwundi mugore babana ahejeje kubaha inyishu , ati Mwebwe mushaka kwibana muzosaza ukwonyene kandi muzosazira mukwisambanya .

UMVIRIZE INYISHU AHEJEJE

Address

Marshallstown

Telephone

+27635079581

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Don Formidable posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Don Formidable:

Share