24/07/2025
IJAMBO RY'IMANA
๐๏ธ ku wa 25 Mukakaro, umweranda Yakobo, umutumwa
Umusi mukuru
๐ IGISOMWA CA MBERE
๐ Ivyo dusoma mwโIkete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (4, 7-15)
Ncuti zanje, iryo tunga ryโumuco wโImana turishinguye muri twebwe nko mu nzavya zโibumba, kugira ngo babone neza yuko ubwo bubasha bwโagatangaza butava kuri twebwe, ariko ko ari ubwโImana. Amagorwa yose yatuguyeko, ariko ntaradusenyura; tubuze ico dufata nโico tureka, ariko ntiturihebura; baraduhama, ariko ntituri akahebwe; baradukubita hasi, ariko ntitugirira. Aho turi hose, twamana na ntaryo mu mubiri wacu amagorwa yโurwishe Kristu, kugira ngo ubu*ima bwa Yezu na bwo nyene bwibonekeze mu mubiri wacu.
Na none, twebwe turi bazima, twirirwa turacirirwa urupfu duhorwa Yezu, kugira ngo ubu*ima bwa Yezu na bwo nyene bwibonekeze mu mubiri wacu wagenewe gupfa. Ni uko rero, urupfu rurakora muri twebwe, ubu*ima na bwo bugakora muri mwebwe. Mu Bitabu vyeranda handitswe ngo: ยซNaremeye, ni co gituma navuze.ยป Natwe nyene dusangiye uwo mutima wo kwemera ni na co kidutuma kuvuga.
Turazi neza yuko uwazuye Umukama Yezu, ari we azotuzura natwe, kumwe na Yezu, kandi azotuvyagiza iruhande yiwe, turi kumwe namwe. Erega, ivyo tugira vyose, ni mwebwe tubigirira, kugira ngo ingabirano zisesekare; nimwagwira, umutima wโugukenguruka no kuninahaza Imana uzoba uremye.
๐ IZABURI
๐ IZABURI 125 (126) 1-2ab, 2cd-3, 4-5, 6
_๐ผ Icit. Ababivyi, mwโibiba babiba barira, mwโigesa bakagesa bishongora.
Igihe Umukama yabohora imbohe za Siyoni, twari tumeze nkโabari mu ndoto; ni ho akamwemwe kenda kutwica, imvyino zikasana.
Ni ho abapagani bavuga bati: ยซIvyo Umukama yabagiriye ni agatangaza!ยป Ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza, eka natwe twari mu kanyamuneza.
Bohora se Mukama, imbohe zawe, u*izane nkโimigende kwโisi ikamutse. Ababivyi mwโibiba babiba barira, mwโigesa bakagesa bishongora.
Bagenda bararira, bajanye imbuto zโukubiba, maze bagarukanye imikama yโivyimburo, bakaza barisiga.
๐ INKURU NZIZA
๐ผ Aleluya, aleluya
๐ Umukama yavuze ati: ยซNi je nabatoye, nabashinze kugenda ngo mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho.ยป
_๐ผAleluya
๐ Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkโuko yashikirijwe na Matayo (20, 20-28)
Nyina wa Yakobo na Yohani, bene Zebede, aregera Yezu aherekejwe nโabahungu biwe, aramupfukamira amusaba ijambo. Yezu ati: ยซUshaka iki?ยป Nya mugore ati: ยซTegeka ko aba bahungu banje ubona bokwicara umwe iburyo bwawe, uwundi ibubamfu mu Bwami bwawe.ยป Yezu na we arishura ati: ยซNtimutegera ico musavye. Mwoshobora kunywa igikombe nzonywa?ยป Bati: ยซTurabishobora.ยป Na we ati: ยซIvyo ni ivyโukuri, igikombe canje muzokinywa. Na vyo ivyโukwicara iburyo nโibubamfu bwanje, sije ndabitanga, vyagenewe abo Data yabiteguriye.ยป
Bagenzi babo icumi bavyumvise, bagirira umwikomo izo mvukane zibiri. Yezu na we arabakura arababarira ati: ยซMurazi ko mu makungu abatwara ibihugu bigenza bakabiserura ko ari abakuru, abakuru na bo badahisha ubukuru bwabo. Mwebwe mweho, ntimuze mubigenze gutyo, uwushaka kuba mukuru muri mwebwe, araba ari we ababera umusuku, na we uwushaka guhabwa ikibanza cโimbere abwirizwa kwigira umushumba. Umwana wโumuntu na we nyene ntiyaje gukorerwa, yaje gukora nโukwitanga ngo acungure benshi.ยป