HP MENYA

HP MENYA Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from HP MENYA, Media/News Company, Denver, CO.
(1)

Welcome to HP MENYA : The " Human Philosophy of Mind Evolution and New Youth Aspirations " INZIRAYUBWENGE

Follow us on Youtube : https://www.youtube.com/channel/UCvUxhHY4TyOtrg0nkdnw94A

✈️ Igitigiri c’Abarundi bariko barasaba impapuro z'inzira cane cane passeport kiriko kiriyongera cane.______________📍 Ma...
08/31/2026

✈️ Igitigiri c’Abarundi bariko barasaba impapuro z'inzira cane cane passeport kiriko kiriyongera cane.
______________

📍 Maurice Mbonimpa, arongoye PAFE, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, inyuma y’uko abantu benshi cane basidukanye n'iyonka kuri ico kigo, inyuma y'ibihuha vyari bimaze iminsi bizunguruka kumbuga ngurukana bumenyi bivuga ko itangwa rya passeport n'izindi mpapuro z'inzira bigiye kurangirana n'ukwezi kwa Myandagaro kubera amatora.

🎙️Mbonimpa yavuze ko ivyo ari ibihuha biguma bisubirwamwo, kandi ko ababikwiragiza bashobora kuba bafise intumbero yo kwiba abantu bakoresheje ubuhinga bwa none.

🙏🏽 Yasavye abenegihugu gukerebuka no kutemera amakuru nk’ayo batabanje kuyasuzuma.

👉🏾 Ku bijanye n'ubukene bwa Passeport , yamenyesheje ko hari habaye akagorane ku bakeneye izo mpapuro, ariko ubu ico kibazo kigiye kurangirana n'ukwezi kwa , kuko ibikorwa vyo kuzikura hanze y’igihugu vyari vyahungabanye kubera ingorane z’intambara, ariko ibikoresho bigiye gushika ku bwinshi abazikeneye bose vyatanguye gushika

📌 Nk’uko Mbonimpa yabishikirije, igitigiri c’Abarundi bariko barasaba impapuro z'inzira canecane passeport kiriko kiriyongera cane. Yavuze ko igitigiri cari gisanzwe gitangwa ku mwaka kuva mu 2020, ubu gishobora kugereranywa n’igitangwa mu kwezi kumwe, aho PAFE ubu itanga hagati ya 10.000 na 15.000 passeport ku kwezi

🌍 Ku bijanye na zo kwinjira mu Burundi, Mbonimpa avuga ko ku bwiwe ayo amafaranga atangwa ari make ugereranije n’ay’ibindi bihugu. Kubijanye n'ibiciro, yavuze ko Visa yo kwinjira mu Burundi imara ukwezi ari amadorare y'abnyamerika 90, iy'amezi atatu ikaba ari amadorare y'abanyamerika 270, iyo imyaka ibiri ikaba amadorare y'abanyamerika 500, mu gihe Visa y'amaho (Visa permanent) ari amadorare y'abanyamerika 1.500

🪪 Ku bijanye n'abanyamahanga baba mu Burundi
PAFE yongeye kwibutsa ko bategerezwa kugira ikarata ibaranga nk’abanyamahanga baba mu gihugu

📌 Mbonimpa yavuze ko igihe catanzwe kugira abanyamahanga babe bararonse iyo karata kigiye kurangira, kandi ko kitazokwongerwa. Umunyamahanga azofatwa ari mu Burundi atayifise ashobora gufatwa hanyuma agasubizwa mu gihugu ciwe

🤷🏿‍♂️ Uvuze iki ku bijanye n'impapuro z'inzira?

08/31/2026

Sebarundi Prezida Evariste Ndayishimiye ati : "Cane cane nkebure abanyapolitike. Kwiba ingoma ni kimwe, kuronka aho uyivugiriza ni ikindi. Ntihagire Umuyepolitike n'Umwe arota yiba ingoma. "

08/28/2026

ashizeho impembo y'Imiliyoni 500.000.000 fbu , izohabwa uwuzofata abaturira AMASOKO "

08/28/2026

🔥 Isoko ya Rubirizi yari yadutsemwo umuriro ariko bihutiye kuwuzimya mu maguru masha
⏮️ Mu gihe haciye imisi idashika 3 umuriro uhitanye igice c'isoko ya Kinindo, mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura, hari iyindi mpanuka y'umuriro yadutse, ubu naho, mw'isoko ya zone Rubirizi muri komine Ntahangwa, kuri uyu wa 28 Myandagaro, 2026.
📍 Aho, ni mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, kw'ibararaba RN9 rija i Bubanza.
👥 Nk'uko tubibwirwa n'abegereye iyo soko, umuriro watanguye nk'isaha indwi n'iminota mirongo ine n'itanu (13h45min). Batumenyesheje kandi ko watanguriye mu gice kidandarizwamwo impuzu (benshi bita muri "vayura"). Icibonekeje muri uwo mwanya, ni uko hari abanyagihugu baciye bafatanya n'abajejwe umutekano, kubuza abinjira mw'isoko, eka mbere no mu kurindira ko imodoka izimya umuriro ihashika.
🚨 Imodoka izimya ikaba yahash*tse hamaze gusha utuzu tw'idandandarizo dushika dutanu. Uwo muriro ukaba wazimye, nk'uko uwudandariza muri ico kibanza yabimenyesheje.
📲 Abajejwe intwaro muri zone Rubirizi no muri komine Ntahangwa batwemereye gutanga amakuru y'ivyonokaye mu mwanya uri imbere.

08/28/2026

Umunyamabanga Mukuru wa Cndd-Fdd ati :
" Nta Muntu yosiga Yuguruye ibotike yiwe, ngo Uwo wese abonye Umwotsi ace azimya "

08/27/2026

🎤 Prezida Ndayishimiye ati : "Turamaze iminsi tubona impanuka zisubiriza zivuye ku muriro , tutabona neza ico uvako n'abawutera" 🔥
🙋🏾‍♂️ Ayo majambo umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yayashikirije kuri uyu wa 27 Myandagaro 2026. Yariko yugurura inama y'umutekano ijanye no kurabira hamwe ikibazo c'amasanganya y'umuriro ahitana amasoko n'amadandarizo. Ni inyuma y'umuriro wadutse muri Galerie Ndayizamba na Le Parisien, mw'isoko ya Kinindo, mw'isoko ya Ngozi n'ahandi.
✍🏽 Umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko "ubutegetsi bwumviriza aba n'abandi mu gihe nk'iki." Ati : "Turumva abarira kuko bahomvye ivyabo, ariko kandi turumva n'ababakindaga, babakindira ku muvyimba kuko babuze ivyabo". Avuga ko "kuva isi yaremwa, n'umurozi naho ariwe yoba yakuroze, tutari bwumve aho Umurundi ahimbarwa iyo mugenzi we ahomvye ivyiwe".
📌 Prezida Evariste Ndayishimiye ashikiriza kandi ko yicura ko "umwumvikano uhari muri iki gihe c'imbere y'amatora ari wo utuma hari abagira ishari n'inzigo, ari co gituma bakinda ku muvyimba uwuhomvye ivyiwe".
💬 Umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko abatavuga rumwe n'ubutegetsi kuba ari bo bakindaga ababuze ivyabo. Ati : "Turibaza igituma badukinda ku muvyimba, turibaza igituma, tugasanga ni ba bandi nyene bamwe baduta mu kaga mu 2015. N'ubu bakaba indoto yabo ari uko bobona igihugu caguye mu manga mu gihe twebwe natwe turota tubona igihugu cogoroye".
🎙️Prezida Ndayishimiye amenyesha kandi ko ivyo usanga biva "kw'ishari ry'urukundo ubutegetsi bukunda abenegihugu".
👆🏿 Iyo nama y'umutekano ikaba igamije gusuzuma ibitera izo mpanuka z'umuriro, kurabira hamwe abo izo mpanuka zivako ndetse batore n'ingingo kugira izo mpanuka zihagarare.

08/26/2026

" Amakosa atuma udatera Imbere "

🔴 VYAKOMEYE UBUSHINWA BWIYAMIRIJE IBIHANO VYA USA KURI IRAN___________🇺🇸💰🇮🇷Mu gihe Amarika ikomeje gufatira Iran  Ibihan...
08/26/2026

🔴 VYAKOMEYE UBUSHINWA BWIYAMIRIJE IBIHANO VYA USA KURI IRAN
___________

🇺🇸💰🇮🇷Mu gihe Amarika ikomeje gufatira Iran Ibihano ruhasha vy'Ubutunzi, Iran yo ivuga ko yiteguriye guhangana n'ivyo bihano mu kiringo c'Imyaka 2.

🇨🇳Hagati aho , Ubushinwa buriyamiriza bwivuye inyuma Ingingo ya Trump yo gukoresha Ibihano n'igitutu nk'uburyo bwo gukemura intambara.

👇Ido n'ido ni muri kino kiganiro

https://youtu.be/nultRnMzSlg?si=70B9zAxgmPG8pJ2q

, , , ,

UBUSHINWA BWIYAMIRIJE IBIHANO VYA TRUMP KURI IRAN Mu gihe Amarik...

Address

Denver, CO

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when HP MENYA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to HP MENYA:

Shortcuts

Share