Sentiment Tv

Sentiment Tv La voix des sentiments. Ijwi ry'ibiri k'umutima

🔥🔴 : DIAMOND PLATNUMZ YEREKANYE KO AMAFARANGA ARIHO!!!  Diamond Platnumz yagaragaje ko amafaranga afise ashobora kuyakor...
10/05/2026

🔥🔴 : DIAMOND PLATNUMZ YEREKANYE KO AMAFARANGA ARIHO!!!

Diamond Platnumz yagaragaje ko amafaranga afise ashobora kuyakoresha mu kwinezerereza bihagije ubwo yahimbaza isabukuru y'imyaka 37 🎂🥂

Mu gihe umusi wageze ari mu rugendo rw'akazi ku mugabane w'Uburaya ✈️🇪🇺, yashimye kuja gu-celebrating muri kamwe mu tuzu tugezweho muri Ibiza mu gihugu ca Espagne 🇪🇸💃

Aho mu bakobwa bari kumuba hafi, nta mwirabure n'umwe yagaragayemwo, bose bari abazungu 😱👀

Nubwo yari muvyishimo nabo bakobwa basa naho batikwije , aheruka gusohora indirimbo yakoranye na Lwaga yise 🎤, imaze kurebwa n'abarenga Miliyoni 4 mu misi 10 gusa! 📈🔥

Mbega ubu buzima bwa Diamond ububona gute? Ni ubw'umutunzi koko? 🤔👇

‎ 🔴🔵 :   : Amazi y'ikiyaga gitanga umuyagankuba yaragabanutse cane‎------------------------------------‎🏞️ Ico kiyaga bi...
10/05/2026

‎ 🔴🔵 : : Amazi y'ikiyaga gitanga umuyagankuba yaragabanutse cane
‎------------------------------------
‎🏞️ Ico kiyaga bita Gitenge kiri mu Rwegura, hagati y'amakomine yahora ari Bukinanyana, Muruta, Musigati mu ntara zahora ari Kayanza, Cibitoke, Bubanza na Kayanza. Ubu ni hagati y'intara ya Butanyerera na Bujumbura
‎
‎💧 Amazi y'ico kiyaga ari na yo REGIDESO yikorako mu gukora umuyagankuba yaragabanutse cane, ku buryo igikono (entonnoir) amazi yisesamwo igihe abaye menshi ubu kiri hejuru, nta mazi agishikira
‎
‎😔 Ababona ico kiyaga basa n'abihebura kuko bemeza ko inzuzi nto nto ziva mu kibira zitanga amazi makeya cane bivanye n'abagiye bararima canke bagaturira ikibira
‎
‎🌧️ Umwizero ni uko akavura kariko karagwa, ikiyaga kizohava gisubira kwuzura amazi, nk'uko abacungera ikibira hamwe n'abakozi ba REGIDESO babitumenyesha
‎
‎⚡ Amakuru atandukanye yemeza ko igabanuka ry'ayo mazi ari intandaro nyamukuru y'icikagurika ry'umuyagankuba ryibonekeza mu ntara za Butanyerera, Bujumbura n'ahandi
‎
‎🌳 Abacungera ikibira hamwe n'abakozi ba REGIDESO bagasaba abenegihugu bose gukingira ikibira, bareke kukirima canke kugiturira, kuko ingaruka mbi zo kwonona ikibira ari nyinshi
‎
‎

 Amwe ku makuru agize iminsi avurwa muri Amerika ku gihano co gupfa cahomvye aho umufungwa yatewe umuti wica incuro zibi...
10/05/2026


Amwe ku makuru agize iminsi avurwa muri Amerika ku gihano co gupfa cahomvye aho umufungwa yatewe umuti wica incuro zibiri ntiyapfa bitangaza benshi bituma mbere umukuru w'amabohero muri Tenessee atanga imihoho

Hagizi iminsi havurwa igihano co gupfa cahomvye muri leta ya Tennessee imwe mu ma leta yo muri Amerika, igihano cari kugirirwa Christa Pike, aho uyu mufungwa yatewe umuti wica (injection létale )kabiri kose ntiyapfa mu gihe amakungu yose yari ashinze amaso iki gihano uko kiza kugenda, hari haciye imyaka 200 ata mufungwa w'umukenyezi akorewe iki gihano muri iyi leta.

Christa Gail Pike ni umugore w’imyaka 50 amaze imyaka irenga 30 ari mw’ibohero rifungirwamwo abanyororo baciriwe urubanza rw’urupfu muri leta ya Tennessee muri Amerika. Ku wa 30 Nyakanga 2026, igikorwa co kumwica hakoreshejwe umuti wica carageragejwe kirananirwa, bituma Pike ajanwa kwa muganga kandi bica bituma leta ya Tennessee ihagarika vyihuta igihano co gupfa ku bandi bafungwa muri uyu mwaka.

Inkuru ya Christa Pike yatanguriye mu mwaka wa 1995, igihe yari afise imyaka 18. Yaciriwe urubanza rwo kwica mugenzi we Colleen Slemmer, umwigeme w’imyaka 19 bari bahuriye mu mugambi wa Job Corps i Knoxville, muri Tennessee, amwikeka ko ashaka kumwiba umukunzi.

Mu mwaka wa 1996, sentare yamusanze yagirwa n’iki caha co kwica umuntu ku rwego rwo hejuru, maze imucira urubanza rwo gupfa, Pike aca aba umwe mu bantu baciriwe urwo rubanza rwo gupfa muri Tennessee hari haciye imyaka 200 ata muntu w'igitsina gore yishwe kubera urubanza rwo gupfa muri Tennessee

Kuva muri Ntwarante 1996, Pike yari afungiwe mu gasho, aho yari amaze imyaka irenga 30 arindiriye ko urubanza rushirwa mu ngiro akicwa.
Mu myaka yakurikiye, abamuburanira bagumye bashikiriza sentare imvo zitandukanye zo gusubira kuraba urubanza rwiwe.
Abamuburanira bavuga ko mu gihe c'urubanza rwo mu 1996, amakuru akomeye yerekeye ubuzima bwa Pike akiri umwana, harimwo ihohoterwa rikomeye yavuze ko yagiriwe, hamwe n’ibibazo vyerekeye amagara yiwe yo mu mutwe, bitashikirijwe sentare ku rugero rukwiye.

Mu mwaka wa 2026 Ishirahamwe ry’Abanyamerika ryitaho Uburenganzira bwa kiremwa Muntu, IACHR, ryasohoye icegeranyo ku rubanza rwiwe. Iryo shirahamwe ryavuze ko abamuburanira mu rubanza rwa mbere batashoboye gushikiriza neza amakuru yofashije sentare kumenya amateka yiwe n’ibindi vyari bikwiye kwitabwaho mu gihe co kumucira igihano c’urupfu.

IACHR kandi ryavuze ko imyaka myinshi Pike yamaze ari mw’ibohero ry’abaciriwe urwo gupfa, harimwo igihe kirekire yamaze atandukanye n’abandi bantu, cari ikibazo gikomeye kijanye n’uburenganzira bwa muntu. Iryo shirahamwe ryarasavye ko igihano ciwe gisubirwamwo kandi kigahindurwa kikaba ugufungwa ubuzima bwose.

Ku wa 30 Nyakanga 2025, Sentare Nkuru ya Tennessee yashizeho itariki yo gushira mu ngiro igihano ca Pike
Ivyo vyasigura ko Pike yari gutandukanywa n’abandi bagore bari mw’ibohero rifungirwamwo abaciriwe urwo gupfa kugira abe umugore wa mbere agiye kwicwa na Reta ya Tennessee mu myaka irenga 200.

Mu mpera za Nzero 2026, abamuburanira barongeye kugerageza guhagarika iryo yicwa, cane cane bashingiye ku bibazo bijanye n’amateka yiwe yo mu bwana hamwe n’uburyo Tennessee yari yateguye gukoresha mu kumwica.

Ku wa 30 Nyakanga 2026, Pike yategerezwa kwicwa mu gasho ka Riverbend Maximum Security Institution i Nashville. Mu masaha yo mu gitondo, hari Sentare yahagaritse vy’imfatakibanza iryo yicwa kugira isuzume zimwe mu mpamvu zari zatanzwe n’abamuburanira. Ariko Leta ya Tennessee yaranse iyo ngingo muri Sentare nkuru ya Amerika. Iyo sentare yahavuye ikuraho iyo ngingo, bituma Tennessee ironka uburenganzira bwo kubandanya igikorwa co gushira mu ngiro urubanza.

Mu mugoroba w'uwo musi, abategetsi ba Tennessee baragerageje gushira mu ngiro igihano ca Pike hakoreshejwe urushinge rw’umuti wica, ariko igikorwa nticagenze nk’uko cari gitegekanijwe. Nk’uko abamuburanira babivuze, Pike yatewe incuro zibiri umuti wateguwe kugira uce utuma apfa, ariko ntiyapfuye.

Abategetsi ba Tennessee bavuze ko bakurikije uburyo bwemewe bwo gushira mu ngiro igihano c’urupfu. Pike yaciye ata ubwenge ajanwa mu bitaro kugira avurwe bica bisa n'uko Tennessee ikoze ibara mu gihe yari yateguye gutanga igihano co gupfa hakoreshejwe uburyo bugezweho bw'umuti batera umufungwa kugira apfe atababaye, yamara biranka kandi amakungu ariko arorera.

Ni ibintu bidasanzwe cane, amakuru yatangajwe avuga ko Pike ari umwe mu bantu bazwi ko barokotse igikorwa nk’ico aho umuti wari wagenewe kumwica bawumuteye ubwa mbere aguma ababara arababwira abari aho ko ariko ababara hama bamutera uwundi biranka ahubwo bamukurayo ari indembe arata n'ubwenge.

Inyuma y’ivyo vyabaye, Bill Lee, buramatari wa Tennessee, yategetse ko iyicwa ry’abandi banyororo ryari ritegekanijwe muri uwo mwaka rihagarikwa.
Yategetse kandi ko hakorwa isuzuma ryigenga kugira hamenyekane neza icatumye igikorwa co kwica Pike kidakunda.

kuwa 2 Gitugutu 2026, abamuburanira batangaje ko Pike yari akiri mu bitaro aremvye cane ariko ko yari akiri muzima

Amakuru mashasha yo ku wa 3 Gitugutu 2026 avuga ko Christa Pike akiri mu bitaro, aho ariko aravurirwa inyuma y’ico gikorwa co kumwica kitagenze neza. Ayandi makuru yemeza ko uwurongoye amabohero muri Tennessee Frank Strada yahavuye atanga imihoho inyuma y'ihomba ry'iki gihano co gupfa cakorerwa Pike.
Ikibazo gikomeye gisigaye ni ukumenya ibizokurikira mu vy’amategeko, nimba Tennessee izosubira gusaba gushira mu ngiro igihano ciwe, canke nimba urubanza rwiwe ruzosubirwamwo kubera ibibazo vyagiye bishikirizwa n’abamuburanira hamwe n’ivyavuzwe na IACHR.

🕊️ KUBERA IMANA IBIGUTEYE UBWOBA NTIBIZOGUSHIKIRA📖 1 Samweli 23:15-29📅 04/10/2026📍 Eglise Shalom Temple – Nyabugete ya G...
10/04/2026

🕊️ KUBERA IMANA IBIGUTEYE UBWOBA NTIBIZOGUSHIKIRA

📖 1 Samweli 23:15-29
📅 04/10/2026
📍 Eglise Shalom Temple – Nyabugete ya Gatatu
🎙️ Umukozi w’Imana: DC IBASHIKANE Dorlose

Kuri uyu wa Mungu, muri Eglise Shalom Temple, Nyabugete ya Gatatu, harigishijwe ijambo ry’Imana rifise umutwe ugira uti: “Kubera Imana, ibiguteye ubwoba ntibizogushikira.”

Umukozi w’Imana DC IBASHIKANE Dorlose yashimikiye ku nkuru ya Dawidi, Yonatani na Sawuli, yerekana ingene Sawuli yakoze ibishoboka vyose kugira afate Dawidi amwice. Ariko Dawidi yagumije ivyizigiro vyiwe ku Mana. Yonatani, umuhungu wa Sawuli akaba n’umugenzi wa Dawidi, na we yaguma amuremesha kandi akamukomeza mw’ijambo ry’Imana.

Sawuli yaranezerewe cane igihe yumva aho Dawidi ari, kuko intumbero yiwe yari ukumufata no kumwica. Ariko uko Sawuli yategura umugambi wo kugirira nabi Dawidi, ni ko Imana yo yategura inzira yo kumukiza.

Igihe Sawuli yari akiriko arahiga Dawidi, yaronse amakuru ko Abafilisitiya bateye igihugu, bagira bagifate. Bibiliya ivuga ko Sawuli yaciye areka gukurikira Dawidi, asubira inyuma kurwana n’Abafilisitiya.

👉 Ico umuntu yateguye kugira akugirire nabi, Imana irashobora kugihindura inzira yo kugukiza.

Ni co gituma iri jambo ridutera intege ko iyo Imana ikurwaniriye, ibiguteye ubwoba ntibizogushikira. Naho uwukurwanya yoba afise imigambi myinshi, Imana iruta imigambi yose y’abantu.

🙏 Imana isubize inyuma ibiriko biragutera! Isubize inyuma ibiriko bikubuza amahoro. Imana irungike icobishobora gusubiza inyuma ibiriko birakubabaza, isambure ivyose vyakubabaje, kandi ibishireko akaburungu ka nyuma.

Ico Imana yarinze ko kigushikira, ntikizogushikira. Izokwama ikubera ubuhungiro n'uburinzi. Amen. 🕊️

🎤  :  Bish*tse Big Fizzo, agaheba kuririmba indirimbo mu muziki w'u-Burundi.N'ivyahe bikorwa womwibukirako canke n'iyahe...
10/04/2026

🎤 : Bish*tse Big Fizzo, agaheba kuririmba indirimbo mu muziki w'u-Burundi.

N'ivyahe bikorwa womwibukirako canke n'iyahe ndirimbo wakunze yaririmvye utokwibagira??

#

 : Mbega igiteramo! Mu gihe abaririmvyi benshi bagiye muri canada bakabura abaja mu biteramo vyabo, Pastor Lopez yaraye ...
10/04/2026

: Mbega igiteramo!

Mu gihe abaririmvyi benshi bagiye muri canada bakabura abaja mu biteramo vyabo, Pastor Lopez yaraye akoze igiteramo kidasanzwe mu gisagara ca Montreal mu nzu y'ibiteramo bita EMCI isanzwe ikoreramwo na Television rukirisu ikomeye yitwa EMCI

🔴🔵 : 🇹🇿 Umukinyi wamaresi kuva Bongo Fleva Kajala Masanja  uno musi yagaragaye agiye gusenga  Yavuze amajambo akomeye ku...
10/04/2026

🔴🔵 : 🇹🇿 Umukinyi wamaresi kuva Bongo Fleva Kajala Masanja uno musi yagaragaye agiye gusenga Yavuze amajambo akomeye kumbuga y'agize ati:👇

🗣️"Ntiwihagarike umutima cane. Ntiwiyinanize wirushisha kubabazwa n'amaganya. Tekana, senga kandi wizigire Imana. Irashobora kukurongora ngo urengere ibihuhusi vyose"

✍️Mbega kurino ncuro Kajala y'oba agiye kureka ivyo gukunda Harmonize yihe amahoro asenge Imana...?

source: be online



🎵  :  Melanin Boy na Big Fizzo bagarutse n’indirimbo nshasha     Melanin Boy yatangaje ko mu ndwi iza azosohora indirimb...
10/04/2026

🎵 : Melanin Boy na Big Fizzo bagarutse n’indirimbo nshasha

Melanin Boy yatangaje ko mu ndwi iza azosohora indirimbo nshasha yakoranye na Big Fizzo, ikaba yahawe izina rya . Iyo ndirimbo ni imwe mu bikorwa bishasha vyitezwe cane n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi.

Si ubwa mbere aba baririmvyi babiri bakoranye. Mu 2025, Big Fizzo na Melanin Boy barasohoye indirimbo , yari muri Album #777 ya Big Fizzo, yaciye ikindwa cane mu bakunzi ba muzika y’Uburundi.

Ubucuti bwabo mu muziki bwarakomeje no mu bikorwa vyo hanze y’igihugu, aho Melanin Boy yuriye indege ubwambere arihiwe ticket na Big Fizzo muri Uganda mu bikorwa vyo gutunganya amasanamu no mu bitaramo.

Amasanamu ya yafashwe mu gihe c’indwi zibiri Big Fizzo yaheruka kumara mu Burundi, aho yari mu bikorwa vyo kumenyekanisha no gushigikira album yiwe nshasha (Son of Alkebulan). Iyo album yasohotse ku wa 28 Myandagaro 2026, ikaba igizwe n’indirimbo 14.

📸  : T Max inyuma yo gusohora indirimbo   yo mu muhindo wa Hip Hop yatangujwe na Big Fizzo, ariko arategura kugaruka mu ...
10/04/2026

📸 : T Max inyuma yo gusohora indirimbo yo mu muhindo wa Hip Hop yatangujwe na Big Fizzo, ariko arategura kugaruka mu muziki (come back)

-Music

  : Vision Fc, ihejeje kunyagira imvura y'ibitsindi Vital'o Fc, m'urukino rw'ariko rubera kuri Stade Intwari 🏟️.FT : Vis...
10/04/2026

: Vision Fc, ihejeje kunyagira imvura y'ibitsindi Vital'o Fc, m'urukino rw'ariko rubera kuri Stade Intwari 🏟️.

FT : Vision Fc 5-0 Vital'o Fc

Ivyo bikaba bibaye, abayobozi biyo mirwi bose bari bitavye urwo rukino harimwo na Youssouf Ndayishimiye asanzwe ari mwene umurwi wa Vision Fc, yari yishikiye kuraba urwo rukino.

Akeza Sport 📷


Address

2720 Parent Road
Prince George, BC
V2N5G3

Telephone

+17789831407

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Sentiment Tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Sentiment Tv:

Shortcuts

Share

Category